OMS yihagazeko ku miti y'inkorora "ibangamye" ikorerwa muri India

Maiden pharma cough syrups

Ahavuye isanamu, WHO

Insiguro y'isanamu, WHO yari yatanze inama y'uko abacungera imiti bohagarika igurishwa ry'ama sirop ane y'inkorora akorerwa mu Buhindi

OMS ivuga ko n'ubu igihagaze hahandi nyene inyuma y'aho Ubuhindi buvugiye ko imiti ine y'inkorora ifitaniye isano n'impfu z'abana muri Gambia yujuje ibisabwa igihe yapimwa muri ico gihugu.

OMS yari yasohoye imburi mu kwezi kwa Gitugutu (10) igira inama abacungera ibijanye n'imiti kudasubira kugurisha iyo miti inyobwa (Sirop/syrup) ikorwa na kompanyi yo mu Buhindi.

Umutegetsi wo muri reta y'Ubuhindi yabwiye BBC ko OMS "yahurudutse" mu kwagiriza iyo miti.

Ariko iryo shami rya ONU riraba amagara kw'isi ryavuze ko ryakoze ico rijejwe.

Umutegetsi wo muri OMS yabwiye BBC kuri email ati: "Inshingano za OMS n'ukuburira isi ku bishobora kubangama. OMS ihagaze ku co yakoze."

OMS yongeyeko ko izo "sirop zibangamye kandi zidakwiye kuba mu muti n'umwe, na gato.

Mu mpera z'ukwezi kwa Mukakaro (kw'indwi) abategetsi muri Gambia babonye ko hari ukwiyongera mu gukomereka amafvyigo mu bana bafise munsi y'imyaka itanu.

Reta mu nyuma yavuze ko abana 69 bapfuye biturutse kuri izo ngorane ku mafyigo.

Mu kwezi kwa Gitugutu (10) , OMS yavuze ko izo mpfu zishobnora kuba zifitaniye isano n'imiti y'inkorora inyobwa ine ikorwa na Maiden Pharmaceuticals, kompanyi yo mu Buhindi.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

OMS ivuga ko yapimye iyo miti - romethazine Oral Solution, Kofexmalin Baby Cough Syrup, Makoff Baby Cough Syrup na Magrip N Cold Syrup - hanyuma igasanga yarimwo urugero rutemewe rwa diethylene glycol na ethylene glycol nk'ibihumanya".

Diethylene glycol na ethylene glycol ni ubumara ku muntu kandi ishobora kwica umuntu ayifashe. Ubuhidi bwaciye buvuga ko bugiye gutohoza kuri iyi miti buca butegeka Maiden Pharmaceuticals guhagarika kuyikora mw'ihinguriro ryayo rikuru riri mu ntara ya Haryana iri mu buraruko.

Ku wa 13 Kigarama (12), Muganga VG Somani, umugenduzi mukuru w'imiti mu Buhindi, yandikiye ikete OMS avuga ko ibipimo vyakozwe kur iyo miti muri laboratoire ya reta vyerekanye ko iyo miti "itari ihumanijwe" n'ivyo OMS yavuze.

Yongeyeko ati: "Dukurkije ivyegeranyo vya laboratoire ya reta , ibipimo vyo gusuzuma kuri iyo miti yose uko ari ine vyatoye ko yari yujuje ibisabwa ."

Ivyerekanywe n'ibimo biriko birihwezwa kandi n'umugwi w'abahinga b'Abahindi.

Umujenama mukuru mu bushikiranganji bw'Ubuhindi bujejwe amakuru yabwiye BBC ko OMS "yahurudutse" mu kwagiriza ko iyo miti y'inkorora ko ariyo yateye impfu z'abana.

Kanchan Gupta yavuze ko OMS yihuse kwemeza ibintu ata vyemeza vy'ubuhinga ifise.

Yoyo (OMS), ivuga ko "iyo abana bapfuye ku bwinshi bitewe n'indwara y'amayobera, kaba ari akaga bisigura ko OMS itegerezwa gufata ingingo yihuta".

OMS ivuga ko "Laboratoire zatumwe na OMS muri Ghana no muri Suisse zapimye izo sirop ziketswe muri Gambia hanyuma ziremeza ko harimwo urugero rurengeje rwa ethylene glycol na diethylene glycol," ikabandanya ivuga ko buno nyene yaciye imenyesha ivyavuyemwo abategetsi bo muri Gambia n'Ubuhindi, yongera ibimenyesha abategetsi ba Maiden Pharmaceutical.

Mw'ikete ryiwe, Muganga Somani avuga ko uwo mugwi w'abahinga wasavye OMS izindi nkuru zihariye zifasha kwemeza ko iyo miti ishobora kurwaza ariko ko gushika ubu utarayabwa. Iryo kete ntiryavuga neza neza ico uwo mugwi wasaba ico ari co.

BBC irondeye ibiro vya Muganga Somani, vyayibwiye kubariza mu bushikirnganji bw'Ubuhindi bujejwe amagara. BBC yabwandikiye ngo bugire ico buvuze.

Ubuhindi buhingura ica gatatu c'imiti yo kw'isi, cane cane mu buryo bwa "generique".

Mu Buhindi niho habarizwa amwe mu mahinguriro y'imiti atera imbere ku muvuduko mununi cane, ico gihugu ubu kikaba gifatwa nka "farumasi (pharmacie) y'isi" ,kandi nico ahanini gikora imiti ikoreshwa muri Africa.