Umuganga w'umuhinga mu kubaga yapfunzwe kubera yacishije amaguru yiwe

- Umwanditsi, Jonathan Morris
- Igikorwa, BBC News, South West
- Umwanditsi, Tamsin Melville
- Igikorwa, BBC News, Cornwall
Umuganga w'umuhinga mu kubaga imitsi y'amaraso wo mu gisata c'amagara y'abantu mu Bwongereza (NHS), yacishije amaguru yiwe bwite, aherutse guhabwa igihano c'igipfungo c'imyaka ibiri n'amezi umunani kubera gushaka amafranga y'ubwishingizi.
Mu vyamutumye ahanwa harimwo kandi gufatanwa amasanamu y'ibiterasoni bikabije bifatiye ku mibonano mpuzabitsina (extreme pornography).
Neil Hopper, w'imyaka 49, aba Truro, muri Cornwall, yari amaze kubaga abantu baharugwa mu majana imbere yo kwicisha amaguru ubwiwe mu 2019.
Sentare ya Truro, yasanze yarabeshe ibigo vy'ubwishingizi mu gusaba amafranga avuga ko amaguru yiwe yacitse kubera yari yarwaye igisebe, ariko niwe yari yikomerekeje.
Sentare kandi yamenye ko muri Rusama (5) mu 2019, Hopper yaciriwe amaguru munsi y'amavi inyuma yo guhura n'ingwara yise "iyo amayobera".
Mu bisanzwe yakoresheje amabarafu harimwo ayumye mu gutimbisha amaguru yiwe kugirango akurweko, nk'uko bivugwa n'umushikirizamanza Nicholas Lee.
Sentare yasanze Hopper, yiyemereye ivyaha bibiri vy'uburiganya, n'ibindi bitatu biroresha ku mibonano ndoragitsina (extreme pornography) ndetse no kugira "irari ryerekeye igitsina ku bijanye no guca ibihimba vy'umubiri".
Umucamanza James Adkin yavuze mu gushikiriza urubanza ko Hopper, atari bwabonweko ibindi vyaha, yicujije.
Ariko rero, "urugero rw'ububisha bwo kubabaza umubiri" muri videwo zitatu zerekana guca ibihimba vy'umubiri ari nazo bafatiyeko mu kumuhamya ivyaha vya 'pornography', "rwari rukabije cane".
Hopper yaciwe amaguru yompi inyuma yo kwidodomba ko ibirenge vyiwe vyamubabaza.
Yabanje kuvurwa akekwako ingwara y'ibisebuzi (sepsis) imbere yo kubwirwa n'abaganga ko amaguru yiwe ategerezwa gucibwa ari nakwo kumubaga.
Ntiyigeze abwira abaganga intandaro y'uburwayi bwiwe nk'uko vyamanyeshejwe muri sentare.

Ahavuye isanamu, Devon and Cornwall Police
Amafranga yatse ibigo vy'abishingizi bibiri yose hamwe yararenga ibihumbi amajana ane na mirongo itandatu na bitandatu vy'ama pounds (£466,000).
Umushikirizamanza Lee yagize ati: "Hopper yasutswe n'akageso k'amaronko."
Yari yararungikiye ubutumwa mugenzi we amubwira nawe ko akwiye kubukamisha (ubwishingizi).
"Yaranahimbarwa" n'uko itangazamakuru ririko rirakurikirana urubanza rwiwe, nk'uko Lee abivuga.
Yagize ati: "Inyendamuvano y'ivyo yakoze yarimwo uruvange rw'irari ryo kwica ibihimba vy'umubiri kandi bishingiye ku gitsina."
Ati: "Birashoboka ko ari ibintu yari yaragambiriye kuva kera."
Ibirenge n'ubundi vyari 'inyongera idakenewe'
Inyuma yo gucibwa amaguru yasubiye ku murimo, ataramara n'amezi atandatu.
Yafashwe muri Ntwarante (3) mu 2023 aca yakwa uburenganzira bwo gukora nk'umuganga muri Kigarama (12) uwo mwaka nyene.
Bamwe mu bakozi bakorana bavuze ko vyari bitangaje cane kwumva ivyo Hopper yakoze, kuko yakunda akazi agakunda n'abandi.
Ivyaha vya 'pornography' vyamwagiriye, bifatiye ku ma videwo yafatanywe y'abantu bicisha ibihimba vy'irondoka ku bushake.
Yanasangije n'abandi ubutumwa bwerekana ingene yaciwe amaguru n'uko yabikoze, bamwe bamubaza uko yahatimbishije (n'amabarafu yumye).
Hopper kuva mu bwana bwiwe yamye afise ikibazo co kutiyumva neza mu mubiri wiwe (body dysphoria), kandi ibirenge vyiwe yavuga ko ari "inyongera idakenewe" kandi ko ari ikintu kimutera "umubabaro uhoraho" nk'uko vyavuzwe n'umwunganizi wiwe Andrew Langdon.
Uwo mushingwamanza yavuze ko Hopper yakora neza akazi kiwe mu gufasha abandi kandi yitanga.
Agira ati: "Ibi vyose biragoye gutahura."

Ahavuye isanamu, Instagram/Bionicsurgeon
Sentare yamenye ko Hopper yamye afise agatima ko gushaka guca ibihimba vy'umibiri wiwe.
Langdon avuga ko "Hopper ntiyigeze yicuza gucibwa amaguru", ariko ahubwo "yicujije ashimitse" kuba yarabeshe impamvu zabimutumye.
Inyuma yo gucibwa amaguru, Hopper "yaratangajwe cane n'abagenzi hamwe n'umuryango ukuntu bamushigikiye, ivyatumye aca agira ikibazo co kubahishuka vy'ukuri uko ibintu vyagenze".
Hopper, asanzwe avuka Aberystwyth, Ceredigion, yari asanzwe akoreshwa n'ibitaro Royal Cornwall Hospitals NHS Trust (RCHT) kuva 2013 kugeza afashwe muri Ntwarante (3) mu 2023.
Umuvugizi wa Royal Cornwall Hospitals Trust yavuze ko ivyaha vyamushize mu gihano atari ibintu bifitanye isano n'ivyo bitaro Hopper yakoramwo, canke uko yifata mu kazi.
Uwo muvugizi yavuze ko bakoze amatohoza basanga nta kimenyetso na kimwe cerekana ko hari ivyago ko abarwayi boba baragiriwe nabi muri ivyo bitaro.
'Akamuna n'umwitwarariko ukomeye'
Ikigo Hopper yakoreramwo ndetse n'igipolisi barakoranye mu buryo bwa hafi, basanga ata caha na kimwe mu vyamwagiriye coba gishingiye ku kazi kiwe k'ubuganga kandi ko ata murwayi n'umwe yigeze abangamira yabonetse mu gihe bakoze ko amatohoza.
Ariko rero abarwayi bahuye na Hopper, harimwo n'abakorewe ubuvuzi bwo gucibwa ibihimba, barahamagaye ikigo kijejwe gukurikirana abantu bataweko urwangara mu bumanuko bushira ubuseruko.
Bavuga ko bafise amakenga ku buvuzi boba baragiriwe inyuma yo kwumva ivyo uyu muganga yabavuye yakoze.
Hari n'abibaza ko boba barabazwe bitari ngombwa n'ubwo ivyo bihimba baciwe vyabasigiye amahinduka y'ubuzima bwabo bwose.
Barasaba ko hoba ayandi matohoza akomeye n'ubwo igipolisi gitangaza ko ata bimenyetso cabonye vyerekana ko abarwayi boba barabangamiwe.
Ubutungane bwaranavuze ko buzotangura gusaba, bwisunze itegeko ryo mu 2022, bukagarura amafranga Hopper yoba yarahawe, akoresheje ubwo buriganya.

Ahavuye isanamu, Instagram/Bionicsurgeon
Jason Abbot, w'imyaka 38, nawe yaciwe ukuguru na Hopper muri Munyonyo (11) mu 2022, we yavuze ko ata kibazo vyamuteye kuvurwa na Hopper.
Avuga ko yamuhaye impanuro nyinshi akanamusaba kubanza kuvyiyumvirako.
Ngo vyaramukanze cane yumvise ivyo Hopper yakoze.
Ngo ntiyibaza ko yari gukora ikintu nk'ico.
Amakuru y'inyongera yatororokanijwe na Jenny Kumah













