Umuhungu wa Museveni avuga ko azotegerezwa kuba umukuru w’igihugu

Ahavuye isanamu, AFP
Umuhungu wa prezida Yoweri Museveni amaze imyaka myinshi ku butegetsi bwa Uganda yongeye gutuma abantu bibaza ko ariwe azosubira se kuri ubwo butegetsi.
General Mohoozi Kainerugaba yanditse kuti Twitter ati: ”Uburyo bwonyene bwo kwishura mama wanje ni ukuba prezida wa Uganda! Kandi ivyo, impera n’imperuka, nzobikora!!”.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa
Museveni ari ku butegetsi kuva mu 1986 kandi hama ibihuha ko Gen Kainerugaba ariko arategurwa ngo azomusubirire.
Mu kwezi kwa Rusama (5) uyu mwaka, uwo musirikare yabajije kuri Twitter niba abantu bibaza ko yotwara igihugu.
Hanyuma muri uku kwezi naho yandika ati: “Ku banya-Uganda batavuga rumwe n’ubutegetsi, inyuma ya data, nzobatsinda kubi mu matora ayari yo yose. Abanya-Uganda barankunda cane kurusha uko batazokwigera babakunda.”
Kainerugaba w’imyaka 48 si ubwa mbere ateye impari kuri Twitter.
Mu ntango z’ukwezi kwa Gitugutu (10), yakangishije muri tweet gutera Kenya ihana urubibe na Uganda, bituma haba ugusaba imbabazi ku mugaragaro n’inama z’abajejwe imigenderanire kugira bashimangire imigenderanire myiza hagati y’ivyo bihugu.
Hanyuma aho prezida Museveni amubwiriye ko atosubira kuvuga ibiraba reta kuri Twitter, Gen Kainerugaba yaciye avuga ati: “Ntawuzombuza ikintu na kimwe”.










