Oscar Pistorius yarekuwe igihano kitarahera muri Afrika y’Epfo

Imanza za Oscar Pistorius zarakurikiranywe cane n'abamenyeshamakuru

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Imanza za Oscar Pistorius zarakurikiranywe cane n'abamenyeshamakuru
    • Umwanditsi, Na Daniel De Simone i Pretoria & Damian Zane i Londres
    • Igikorwa, BBC News

Oscar Pistorius umunonotsi wo mu mahiganwa ya paralempike (ahuza abagendana ubumuga) yarekuwe igihano kitarahera aho yari apfungiwe mw’ibohero ryo muri Afrika y’Epfo, inyuma y’imyaka yababa 11 yari amaze apfunzwe ku caha co kwica umukobwa bakundana, Reeva Steenkamp.

Abategetsi bemeje ko Pistorius ari "muhira" mu gatondo ko kuri uno wa gatanu, inyuma yo kumara igice c’umunyororo w’imyaka irenga 13 yaciriwe.

Nyina wa Steenkamp avuga ko yemeye iyi ngingo yo kurekurwa uno yahoze ari umunonotsi – ariko ko umuryango wiwe ari wo uri “mu munyororo w’ubuzima bwose".

Pistorius, ubu afise imyaka 37, yarashe Steenkamp amasasu menshi mu 2013 acishije mu mwango w'icumba c'ubwogero.

Uno munonotsi yacitse ibirenge vyompi mu nyuma yavuze ko yihenze mu kumurasa yibaza ko yari umusuma.

Pistorius yahavuye yagirwa n’icaha co kwica mu 2015.

Mw’itegeko rya Afrika y’Epfo, abagiriwe n'ivyaha bose bafise uburenganzira bwo kurekurwa igihano kitarahera iyo bamaze kurangiza igice c’umunyororo wabo wose, Pistorius akaba yaciriwe uw’imyaka 13 n’amezi atanu mu 2017.

Azobaho mu buzima bufise vyinshi abujijwe – harimwo ko ataburenganzira azoba afise bwo kuvugana n’ibinyamakuru – gushika igihe c’umunyororo wiwe kirangiye mu 2029.

Bivugwa ko yagiye kuba mu nzu ya sewabo, Arnold Pistorius, iri mu karere k’abakire ku nkengera z’umugwa mukuru, Pretoria.

Abagenzi bavuga ko Reeva Steenkamp yari umuntu w'umugwaneza kandi yari afise ivyiyumviro vya kure

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abagenzi bavuga ko Reeva Steenkamp yari umuntu w'umugwaneza kandi yari afise ivyiyumviro vya kure
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mw’itangazo, June Steenkamp avuga ko umuryango wamye “uzi ko kurekurwa umuntu atararangiza igihano biri mu mategeko ya Afrika y’Epfo” kandi ko “wamye uzi ko amategeko ategerezwa gukurikizwa”.

Umupfasoni Steenkamp avuga ko ashima ibisabwa n’abamutezuriye – kwigishwa gutsinda ishavu, hamwe n’ibijanye n’ihohotera rishingiye ku gitsina – akongerako ko izi ngingo “zihumuriza Barry n’icizere mfitiye igisata c’ubutungane bwa Afrika y’Epfo”, aha akaba ashaka kuvuga umuhisi umugabo wiwe.

Ariko, abaza ati: "None Reeva na we yararonse ubutungane? Oscar yarapfunzwe igihe gikwiye? Nta butungane bushobora kuhaba iyo uwo ukunda adashobora kugaruka, kandi nta kiringo c’umunyororo ico ari co cose gishobora kugarukana Reeva. Twebwe dusigaye ni twe turi mu munyororo w’ubuzima bwose".

Yongerako ati: "Icipfuzo canje ni uko gusa mpabwa uburenganzira bwo kuba mu mahoro mu myaka nsigaje kubaho nitayeho ikigo Reeva Rebecca Steenkamp Foundation, kugira ngo mbandanye iragi rya Reeva".

Pistorius yagiye mu munyororo ku ncuro ya mbere mu kw’icumi 2014, haciye akanya gato akubiswe intahe ya mbere. Harashitse igihe hagati ya 2015 na 2016 ararekurwa imbere y’uko urubanza ruhindurwa agahabwa umunyororo w’igihe kirekire.

Pistorius yacitse amaguru igice co hepfo ataranashikana umwaka. Yabayeho akoresha amaguru y’amaterano akaba yagiye no kuba umunonotsi rurangiranwa.

Yagiye avyifatamwo neza mu mwuga wiwe, ubwa mbere muri paralempike, aho yagiye atsindira imidari y’inzahabu itari mike, mu nyuma izina ryiwe ryagiye kwongera kumenyekana cane aho ahiganiye n’abanonotsi badafise ubumuga mu mahiganwa ya Olempike yabereye i Londres mu 2012. Iyicwa rya Steenkamp inyuma y’amezi atandatu gusa, n’imanza zakurikiye, vyaravuzwe cane mu binyamakuru vyo kw’isi yose.

Igisata kijejwe amabohero muri Afrika y’Epfo kivuga ko n’aho azwi cane mu gihugu, uno yahoze ari rurangiranwa azofatwa nk’abandi bose barekuwe vy’agateganyo.

Ibi bisigura ko azoguma muhira mu masaha kanaka y’umusi kandi arabujijwe kunywa inzoga. Ntiyemerewe kandi no kuvugana n’abamenyeshamakuru.

Umwigeme Steenkamp, yari afise imyaka 29 igihe yicwa, yari yarangije ivyigwa vy’amategeko kuri kaminuza, araba n’umunyamideri yakoze no ku mboneshakure aho yamenyekanye mu kiganiro Tropika Island of Treasure cerekeye ubuzima bw’abantu b’ivyamamare.

Yari yateguye gutanguza ikigo c’amategeko co gufasha abagore bahohoterwa amaze kurangiza amashure.

Umwigeme Steenkamp yari amaze amezi atatu akundanye na Pistorius igihe amurasa amasasu ane akoresheje ibasitola (inkoho ntoya) acishije mu mwango w'icumba c'ubwogero mu nzu yiwe (Pistorius) i Pretoria mu gaturuturu ko ku wa 14 z’ukwa kabiri 2013.

Yaciye apfa ata kanya kanini gaheze.

Sentare yagirije Pistorius ubwicanyi ariko mu 2014 yagiriwe n’icaha co kwica atabiteguye.

Mu mwaka ukurikira, abacamanza bo muri sentare ntahinyuzwa isubiramwo imanza urwo yari yaciriwe baciye baruhindura ruba urwo kugandagura, bavuga ko ingene yasiguye uko ibintu vyagenze harimwo ibidahura kandi bisa n’ibidashoboka, kandi ko “yarashe ata bwoba bufise ifatiro canke bw’ukuri ko ubuzima bwiwe bwoba bwari bugeramiwe”.