Qatar 2022: Luis Suarez yanse gusaba imbabazi ku vyo yakoreye Ghana mu 2010

Luis Suarez yateye n'amaboko umupira wari ugiye kwinjira mu rukino hagati ya Uruguay na Ghana mu 2010

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Luis Suarez yateye n'amaboko umupira wari ugiye kwinjira mu rukino hagati ya Uruguay na Ghana mu 2010

Umusatirizi wa Uruguay Luis Suarez yanse gusaba imbabazi ku mupira yateye n’amaboko igihe igihugu ciwe gikina na Ghana mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose mu 2010.

Suarez yahawe ikarata itukura ku munota wa nyuma wa ya minota 30 y’inyongera mu rukino rw’igice ca kane gishira ica nyuma, ivyatumye umurwi nserukiragihugu wa Ghana, Black Stars, babura igitsindo ku mupira wari ugeze ku murongo w’igori ugiye kwinjira, ariko agaca awutera n’amaboko n’ibigirankana.

Iyo ico gitsindo cinjira, caca gituma Ghana iba igihugu ca mbere ca Afrika cari kuba gishitse mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi mu mateka y’umupira w’amaguru ku mugabane wa Afrika.

Ghana yaciye ihabwa penaliti, ni ukuvuga wa mupira baterera ku metero 11 uvuye kw’igori, ariko Asamoah Gyan, kizigenza wa Black Stars ico gihe, arayihusha, maze Uruguay ica iba ari yo ibandanya.

"Umukinyi wa Ghana niwe yahushije penalty, si jewe", niko Suarez yavuze imbere y’uko ino mirwi isubira guhura mu rukino rwa nyuma rwo mw’itsinda G kuri uyu wa gatanu, mu gikombe c’isi yose.

Ghana iza guhura na Uruguay izi neza ko mu gihe yoramuka itsinze ica ibandanya mu gice c’umunani gishira ica nyuma - igice ca mbere co gukuranamwo – ariko mu gihe yotsindwa, uyo murwi wo muri Amerika y’Epfo ni woca ubandanya bishitse Korea y’Epfo ikananirwa no gutsinda Portugal.

Ari nka hamwe Uruguay na Korea y’Epfo vyompi vyotsinda, boca baraba uwusumvya uwundi ibitsindo - bibaye ngombwa bagaharura ibitsindo vyinjijwe – kugira ngo hamenyekane uwubandanya hagati y'ibi bihugu bibiri, bikaba bizwi ko uyu murwi nserukira gihugu wo muri Aziya ufise ideni ry’igitsindo kimwe.

Ni bwo bwa mbere Ghana na Uruguay bizoba bihuye inyuma y’urwo rukino haraciye imyaka 12, Suarez yahoze ari umusatirizi wa Liverpool akaba yumva ko adakeneye kwigaya, inyuma y’aho umunyamakuru wa Ghana amubwiriye ko bamwe mu banyagihugu b’iki gihugu ca Afrika bamubona “nk’ishetani nyayo”.

Luis Suarez yaratamvye aratarika Uruguay itsinze Ghana ku ma penalties 4-2

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Luis Suarez yaratamvye aratarika Uruguay itsinze Ghana ku ma penalties 4-2
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ati: "Nta Mbabazi nshobora kubisabira. Nosaba imbabazi mu gihe hari uwo navunye canke nakomerekeje, ariko kuri urya mupira nateje ukuboko, narawuherewe igihano c’ikarata itukura.

"Si ikosa ryanje kuko si jewe nahushije penaliti".

Inyifato yiwe yateje uburakari muri Ghana, bitewe cane cane n’ingene yatamvye agatarika ari hanze y’ikibuga igihe Uruguay itsinda ku mapenalti. Umurwi wa Suarez wagiye gutsindirwa mu gice ca kabiri gishira ica nyuma n’Ubuholande.

Hagati aho, abakinyi b’umurwi nserukiragihugu ba Ghana b’iki gihe barondera kwima amatwi abavuga ivyo kwihora Suarez na Uruguay, mu gihe kizigenza wayo André Ayew – ari na we mukinyi wenyene asigaye mu bakinye mu 2010 – avuga ko yishakira kubandanya n’ibiri imbere.

Ati: "Bose barababaye cane [mu 2010] ariko kuri jewe, nshaka ko mbandanya ku ntambwe ikurikira.

“Kwihora canke kutihora, twipfuza ko twese tugenda dufise ishaka rimwe ryo gutsinda.

"Ivy’inyuma si ndaba, si nshaka kurazwa ishinga n’ivyabaye muri kahise”.