Igikombe c'isi 2022: Abakinyi ba Pologne baherekejwe n'indege z'intambara

Ahavuye isanamu, LACZYNASPILKA
Mu migwi iza gukina uyu musi mu nkino z'igikombe c'isi mu gihugu ca Qatar harimwo umugwi nserukiraagihugu wa Poligne wavuzweko vyinshi n'ibinyamakuru mpuzamakungu igihe wahaguruka mu gihugu cawo uherekejewe n'indege z'intambara.
N'ubu haracavugwa ingene abantu batangajwe n'ingene umugwi nserukiragihugu wa Pologne wavuye muri ico gihugu werekeza mu gisagara ca Doha muri Qatar, mu nkino z'igikombe c'isi.
Indege yatwaye abo bakinyi ba Pologne ku musi wa kane yagaragaye iri hagati y'indege z'intambara zo mu bwoko bwa F-16.
Ku rubuga rwayo rwa Twitter, uwo mugwi washizeko video y'indege za F-16 ziherekeje indege itwara abantu abakinyi barimwo.
Kuri iyo video banditse bati:"Gushika mu bumanuko bwa Pologne twaherekejwe n'indege z'intambara za F-16."
Muri iyo video, banditse bashimira abadereva ba gisirikare b'izo ndege za Pologne bafashe ingingo nk'iyo.

Ahavuye isanamu, LACZYNASPILKA
Amafoto na yo nyene yerekanywe umwe mu baderevaa w'indege ya F-16 afise ikimenyetso c'umugwi w'igihugu ca Pologne kw'idirisha.
Ivyo vyabaye inyuma y'imisi mike abantu babiri bishwe n'igisasu kitaramenyekana caguye ku butaka bwa Pologne, mu gihe Uburusiya bwariko buratana mu mitwe na Ukraine.
Kuva habaye ico gitero, igisirikare ca Pologne kiguma kigavye. Ibitangazamakuru vya Pologne vyakwiragije inkuru y'ingingo y'igisirikare ca Pologne yo gucungerera umutekano umugwi w'ico gihugu gushika muri Qatar.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa
Igikombe c'isi ca 2022 muri Qatar
Umugwi wa Pologne uza gutana mu mitwe na Mexique yo muri Amerika y'ububumanuko kuri uyu mugoroba isaha cumi na zibiri z'umugoroba (6:00 PM), kw'isaha yo mu Rwanda no mu Burundi.
Inyuma y'imisi ine, Pologne izokina na Arabia Saoudite basangiye itsinda.
Urukino rwa nyuma rwo muri iryo tsinda izohura na Argentine kw'itariki 30 z'uku kwezi.
Umukinyi rurangiranwa wa Barcelone, Robert Lewandowski , n'abandi bakinyi bagenziwe bipfuza gushika kure muri iryo higanwa.










