Kubera iki Samuel Eto'o yahanishijwe kutitaba inkino za Cameroun?

Samuel Eto'o yatowe ngo arongore Fecafoot muri Kigarama (12) 2021

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Samuel Eto'o yatowe ngo arongore Fecafoot muri Kigarama (12) 2021

Ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru kw’isi, FIFA, ryahaye Samuel Eto’o, umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru rya Kameruni (Fédération Camerounaise de Football, Fecafoot), igihano co kutitabira inkino mpuzamakungu zizokinwa n’iki gihugu mu kiringo c’amezi atandatu.

Uno yahoze ari umusatirizi w’imirwi ya Barcelona na Chelsea yafatiwe iki gihano inyuma yo guhonyanga ingingo zibiri z’amategeko ya FIFA agenga inyifato ibereye.

Iki gihano yagihawe kubera inyifato yerekanye mu rukino rw’igice c’umunani gishira ica nyuma mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose rihuza abatarenza imyaka 20 ku ruhande rw’abagore hagati ya Kameruni na Brezili ku wa 11 Nyakanga (9), aho uno murwi wo muri Amerika y’ubumanuko watsinze 3-1 muri wa mwanya w’inyongera.

Nk’uko biri mw’itangazo rya FIFA, ingingo zijanye n’inyifato runtu, amabwirizwa agenga ihiganwa be n’inyifato ibereye ku bakinyi n’ababarongoye, zarahonyanzwe muri urwo rukino rwabereye i Bogota muri Colombia, Eto’o akaba yararwitabiriye.

Eto’o, ubu afise imyaka 43, abujijwe kwitabira inkino zose z'umupira w'amaguru zizoba zirimwo abaserukira abagabo n’abagore muri Kameruni, mu mice yose n’imirwi yo ku myaka yose.

FIFA ivuga ko iki gihano kija mu ngiro ubwo nyene kandi ko Eto’o yamaze kumenyeshwa iki cemezo.

Umurwi nserukigragihugu ku ruhande rw’abagabo witeze guhura n’uwa Kenya mu nkino zibiri zo kurondera itike yo kuja mw’ihiganwa ry’igikombe ca Afrika rihuza imirwi nserukiragihugu muri Gitugutu (10) 2025.

Imbere y’aha, ejo ku wa mbere, Eto’o yari yayoboye inama i Douala kugira ngo bige ibijanye n’imyiteguro yo kwakira uno murwi wa Kenya Harambee Stars mu rukino rutegekanijwe kuwa 11 Gitugutu.

Fecafoot ntiragira ico ishikirije.

Igihe c’uburongozi kitoroshe

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Iki gihano kigize kabiri gifatiwe Eto’o, inyuma yo gutozwa ihadabu y’amadorari y’Abanyamerika 200.000 n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru rya Afrika, CAF, muri Mukakaro (7) kubera uguhonyanga amabwirizwa y’inyifato ibereye.

Urwego rujejwe indero rwasanze uno yigeze gutsindira agashimwe k’umukinyi w’umwaka wa Afrika incuro zine “yahonyanze bikomeye amabwirizwa ajanye n’inyifato ibereye, ubuntu hamwe n’inyifato igenga umukinyi” mw’ishirahamwe CAF mu gutera igikumu ku masezerano yo kuba umuserukizi (ambassadeur) w’ikompanyi yo gutigira 1XBET.

Abashingwamanza ba Eto'o bavuga ko bazokwunguruza mu kwiyamiriza iki cemezo cafashwe inyuma y’aho itohoza rya CAF riburiye ivyemezo bikwiye ku birego bijanye no kugurisha urukino (match-fixing/manipulation de match).

Eto’o yarabaye mu bihe vyiza mu mwuga wiwe i Bulaya na Kameruni, ariko akaba agenda ateza impari kuva atowe ngo arongore Fecafoot mu 2021.

Mu mwaka uheze, ishirahamwe riserukira imirwi y’umupira w’amaguru w’abatabigize umwuga (clbes des amateurs) muri Kameruni ryasavye Eto’o gutanga imihoho kubera “amakosa akomeye” kuri Fecafoot, mu gihe uwo bahoze bakinana mu murwi nserukiragihugu yamwise “umuntu atwaza umukazo” kubera ingene yari ayoboye ishirahamwe.

Eto’o yaramaze igihe kitari gito atumvikana n’ubushikiranganji bw’ico gihugu bujejwe inkino kw’igenwa rya Marc Brys nk’umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu Lions indomptables/Indomitable Lions mu ntango z’uno mwaka ariko mu nyuma avamwo aremera igenwa ry’uno Mubirigi.