Jose Mourinho avuga ko Samuel Eto’o yari akwiye kuronswa umupira w’inzahabu

Ahavuye isanamu, Getty Images
Jose Mourinho yahoze amenyereza imirwi ya Chelsea na Manchester United avuga ko Samuel Eto'o yari akwiye n'imiburiburi incuro imwe kuronswa iteka ry'ukwitwa umukinyi wa mbere kw'isi.
Samuel Eto'o ubu afise imyaka 38 yahoze ari umukinyi rurangiranwa w'umunya Cameroun, aherutse gutangaza ko yahagaritse gukina umupira.
Mu myaka 22 yamaze ari rurangiranwa mu mupira w'amaguru, Eto'o yarashoboye gutsindira igikombe ca Afrika incuro zibiri, yongera atsindira n'ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere i Bulaya incuro zitatu.
Mourinho yatanguye gukorana na Eto'o mu murwi wa Inter Milan wo mu Butaliyano mu mwaka wa 2009/2010, aho uyo murwi watahukanye ibikombe bitatu, igikombe c'ihiganwa ry'ico gihugu Serie A, igikombe c'Ubutaliyano, hamwe n'igikombe c'ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere i Bulaya.
Bongeye kandi guhurira mu murwi wa Chelsea mu kiringo c'imyaka itabu.
Mu kiganiro yagiranye na Radio Cameroun, Mourinho yavuze ati: "Biragoye gutahura ingene Samuel Eto'o atigeze atsindira umupira w'inzahabu na rimwe kandi yari umukinyi rurangiranwa".
"Yakinye inkino za nyuma z'ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere i Bulaya, atsinda zibiri muri Barcelona kandi hose yagumye yinjiza. Yatsindiye kandi ico gikombe muri Inter Milan, yongera atsindira ibikombe vyinshi mu mahiganwa y'ibihugu".
"Yabaye umusatirizi wa mbere kw'isi mu kiringo kitari gito, ari naco gituma yari akwiye kuba yararonse umupira w'inzahabu, n'ahi ivyo birengeye ubushobozi bwacu".
'Eto'o ni umuntu adasanzwe'

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uyo mukinyi ari mu murwi w'abakinyi b'ibihangange muri Afrika harimwo Didier Drogba, Michael Essien na John Obi Mikel bakoranye na Jose Mourinho, ariko uyu mumenyereza yigeze kwitazira 'The Special One', avuga ko Eto'o ari umuntu adasanzwe.
Ashimangira ati: " Umukino wa Samuel wari uteye igomwe kandi yabaye mu basatirizi ba mbere bakomeye kw'isi mu kiringo c'imyaka itari mike".
"Yari umukinyi rurangiranwa vy'ukuri kandi ikintu nyamukuru ku mukinyi w'umupira w'amaguru ni ico aterera kugira ngo umurwi wiwe utsinde".
"Samuel yari umuntu azi gucenga cane, ariko kandi yashima gukinana na bagenziwe".
"Yama yitanga igihe cose kugira ngo umurwi wiwe ushobore gutsinda. Ni umukinyi yakina kugira atsindire ibikombe. Yatsindiye amahiganwa akomeye hafi yose, vy'ukuri yakoze ibintu bikomeye".
"Yari umukinyi agoye kwaka umupira, ariko inyifato yiwe nk'umuntu nayo cari ikindi kintu. Yari umugenzi mwiza yama akora uko ashoboye kugira ngo umurwi wiwe ushobore gutsinda mu nkino".
"Ndibuka muri Inter Milan dukina na Barcelona mu gice ca kabiri gishira ica nyuma ca Champions League, twari dusigaye turi cumi mu kibuga, Eto'o yakinye inyuma ku ruhande rw'iburyo hafi urukino rwose. Yaritangiye umurwi bidasanzwe, yemera gukina kuri iyo nomero kugira ngo dutsinde".
"Ico ni co umurwi wacu wari ukeneye muri ico gihe. Muri Milan, twatsinze 3-1, tugiye muri Barcelona, ntitwari dukeneye cane gutsinda, twari dukeneye gusa gushika mu rukino rwa nyuma kandi ico yaragitahura. Yarakoze ivyari bikenewe kugira ngo dushike mu rukino rwa nyuma".
"Ayo ni amateka akomeye ku muntu kandi ndizeye ko Eto'o azokora ibintu bikomeye inyuma y'uguhagarika gukina".
Samuel Eto'o yakiniye imirwi 13 yose mu bihugu bitandatu, akaba yatsindiye umurwi nserukiragihugu wa Cameroun ibitsindo 56 mu nkino 118, ibitari bwabeho mu mateka y'umupira w'amaguru muri ico gihugu.










