Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Menya uno munyamategeko yishize mu kaga mu kurwanira uburenganzira bw'abatinganyi
- Umwanditsi, Armand Mouko
- Igikorwa, BBC Afrique, Douala
Nubwo atukwa, agaterwa ubwoba akambuwa agashambara ku mugaragaro, umunyamategeko wo muri Kameruni (Cameroun/Cameroon), Alice Nkom, ntarekura mu rugamba rwiwe rwo guharanira uburenganzira bw'abatinganyi (imigenderanire mpuzabitsina hagati y'abafise ibisa) mu gihugu ciwe.
Ishirahamwe asanzwe arongoye riharanira uburenganzira bwa kiremwa muntu, rizwi nka Redhac, riherutse guhagarikwa na reta ya Kameruni, akaba yiteze kurenguka mu misi mike imbere y'abajejwe amatohoza kugira yishure ku vyo yagirizwa bijanye n'ugukoresha nabi amahera no gufasha imigwi y'iterabwoba – ivyo we ahakana.
Ino nararibonye y'imyaka 80 avuga ko abategetsi bariko baburabuza ibikorwa vyiwe, akemeza ko ariko ararwanywa kubera avugira abantu bo mu murwi w'abatinganyi, bazwi nka LGBT.
Avugana na BBC mu biro vyiwe biri mu gisagara ca Douala, avuga ashimitse ati: "Nzokwama mvugira abatinganyi kubera ubuzima bwabo buri mu kaga uko bukeye uko bwije, kandi bakama batabwa mu mvuto nk'imbwa.
"Igikorwa canje ni ukurwanira abanyagihugu. Si mbona ingene novuga ko ndiko mvugira abantu bose abatinganyi batarimwo".
Yambaye impuzu yirabura, umupfasoni Nkom ntarya umunwa mu butumwa bwiwe atanga mw'ijwi ry'umuntu yinengesera, ryerekana imyaka myinshi amaze yiyumvira ivy'amategeko.
Nk'uko amategeko mpanavyaha y'ico gihugu abitegekanya, abagabo n'abagore bafatiwe mu bikorwa vy'ubutinganyi bashobora kwomorwa n'imiryango yabo no mu kibano.
Ibi vyatumye umupfasoni Nkom abonwa nk'uwigize umuvyeyi wa bamwe mu gihugu ciwe bashize ku mugaragaro ibijanye n'ivyo guhuza ibitsina mu miryango yabo.
Uno muhinga mu vy'amategeko arafise abana biwe bwite, ariko hari abandi amajana, canke mbere n'ibihumbi, bamufitiye icubahiro nk'umuntu abakingira kubera igikorwa ciwe amazemwo imyaka irenga 20 co kuvugira abagirijwe ubutinganyi.
Sébastien, si ryo zina ryiwe nyaryo, asanzwe aharanira uburenganzira bw'aba-LGBT, agira ati: "Ni nka dawe wacu na mama wacu. Ni we muvyeyi tubona iyo imiryango yacu yadutaye".
Nk'umuntu agendera ku masezerano mpuzamakungu agenga agateka ka zina muntu, aya akaba ari no mw'ibwirizwashingiro rya Kameruni, umupfasoni Nkom avuga ko, umwidegemvyo w'umuntu mu kudatotezwa kubera ingene yiyumva mu bijanye n'uguhuza ibitsina, bikwiye gufatwa nk'uburenganzira shingiro buri hejuru y'itegeko mpanavyaha.
Ati: "Ntukwiye gupfunga uburenganzira shingiro, ntukwiye kuburwanya – wari ukwiye kubukingira".
Uru ni urugamba rwashize Nkom mu ngorane.
Avuga ko amaze guterwa ubwoba incuro zitari nke mu nzira, akavuga kandi ko igihe yatangura gukorera muri iki gisata c'amategeko, yarondeye abamucungerera umutekano kugira ngo bamufashe mu kumukingira.
Ariko urugendo rwiwe rwo kuba umwe mu bantu bazwi cane mu vy'amategeko muri Kameruni rwatanguye imbere cane y'aho.
Mu 1969, ku myaka 24, yabaye umunyamategeko wa mbere w'umwiraburekazi, inyuma y'amashure yiwe yize muri Kameruni hamwe no mu Bufaransa bwahoze burongoye igihugu ciwe mu gihe c'ubukoloni.
Avuga ko umukunzi wiwe, ari na we yahavuye aba umugabo wiwe, ari we yamuteye intege yo kubandanya amashure.
Ibikorwa vyiwe vya mbere mu bijanye n'amategeko vyabaye ivyo guserukira abakene na ba ntahonikora, ivyo yabonye mu 2003 vyamubereye amahirwe, bituma yinjira mu rugamba rwo kurwanya amategeko mpanavyaha ahana ubutinganyi.
Yari ku biro vy'ubushikirizamanza i Douala igihe yabona umugwi w'abantu bakiri bato batewe amapingu, baboshwe amaboko babiri babiri, batipfuza kuraba hejuru.
Ati: "Maze gusuzuma inyandiko za sentare, niho nabonye ko bariko bakurikiranwa kubera ubutinganyi".
'Kugerageza gusambana bafise ibitsina bisa'
Ibi vyaramubabaje nk'umuntu yari arajwe ishinga n'uburenganzira bwa muntu, agatomora neza ko inkehwa zifise ivyiyumviro bitandukanye n'ivy'abandi ku bijanye n'igitsina zari zikwiye gushirwa mu murwi w'abantu uburenganzira bwabo bwari bukingiwe n'ibwirizwashingiro.
Ati: "Nafashe ingingo yo gukora ibishoboka vyose kugira ngo ubu burenganzira shimikiro bwo kwidegemvya bwubahirizwe".
Nkom yahavuye ashinga ishirahamwe ryo kurwanira abatinganyi, Association for the Defence of Homosexuality (Adefho), mu 2003.
Kuva ico gihe, amaze kugira uruhara mu manza ziharurwa muri mirongo. Rumwe mu zikomeye cane mu myaka ya vuba ni ukuburanira Shakiro, rurangiranwa mu murwi w'abantu bifata mu buryo butandukanye n'igitsina mvukanwa, bazwi nka transgender/transgenre, n'umugenzi wiwe Patricia mu 2021.
Aba babiri bahagaritswe mu gihe bariko barafungura mu nzu y'uburiro, baca bagirizwa "kugerageza gusambana bafise ibitsina bisa".
Baciriwe umunyororo w'imyaka itanu ku caha co guhonyanga amategeko mpanavyaha no gukora ibiterasoni ku mugaragaro.
Umupfasoni Nkom yasubiwemwo ico gihe agira ati: "Ni ugukubitwa inyundo. Iki ni ikintu ruhasha kiri mu mategero. Ubutumwa buratomoye: abatinganyi nta kibanza bafise muri Kameruni".
Shakiro, kumwe na Patricia, bahavuye barekurwa mu gihe bari bakirindiriye kwunguruza urubanza, kuva ico gihe bakaba baciye bahunga igihugu.
Kuva ico gihe, nta cigeze gihinduka ku ba LGBT. Sébastien asanzwe aharanira agateka k'aba-LGBT akaba kandi arongoye ishirahamwe rifata mu mugongo imiryango ifise abana b'abatinganyi, abona ko ibintu biherutse kwunyuka gusumba.
Mu mwaka uheze, hasohotse indirimbo yo mu mudiho wa mbolé uzwi cane mu gihugu, yarimwo amajambo ahimiriza abantu gutera no kwica abatinganyi. Iracabandanya ihanahanwa cane kandi yama iriko iravuzwa mu bibanza vy'ukwinezereza mu bisagara bikuru bikuru vyo mu gihugu.
Sébastien ati: "Abantu baradutera kubera iyi ndirimbo ihayagiza ubugizi bwa nabi".
Aba-LGBT bategerezwa kunyegeza uko bari mu migenderanire mpuzabitsina yabo ariko "abantu bamwe bamwe baradutega imitego kugira ngo batwegere hanyuma badutere canke baturege ku gipolisi".
Umupfasoni Nkom avuga ko igihe Brenda Biya, umukobwa wa Perezida Paul Biya wa Kameruni, yemeza ku mugagarago ko ahuza igitsina n'abafise igisa na rwiwe mu mwaka uheze, yibaza ko vyari gufasha mu guhindura amategeko.
Brenda Biya – asanzwe amara umwanya munini hanze ya Kameruni – yasubiwemwo avuga ko yari yizigiye ko ukwiyugurura kwiwe kwari guhindura ibintu mu gihugu ciwe.
Umupfasoni Nkom arabonamwo akaryo keza. Ati: "Ndakorera ku ngingo ya Brenda nk'icifadikizo. Ubu ndafise ico nshobora kwishimikiza mu guhangana n'umukuru w'igihugu".
Uno munyamategeko avuga ko yasavye Brenda kwitangira gusumba aba-LGBT muri Kameruni.
"Brenda ntaranyishura kuva ngize ico nshikiriza mu binyamakuru, ariko ndazi ko azoteba akanyishura".
Hagati aho, ubu abandanya n'igikorwa ciwe nk'umunyamategeko.
Abona ko ibi bikorwa biheruka vyo kugerageza guhagarika utwigoro twiwe ari iyindi nzitizi gusa – ariko ko bidahagije kugira ngo bimuhagarike mu rugamba rwiwe arimwo kuva mu 2003.