Igiti c'ipampa rurangiranwa muri Sierra Leone cahenuwe n'igihuhusi

The cotton tree after its collapse

Ahavuye isanamu, BBC/Umaru Fofana

Igiti c’ipampa cari kimaze imyaka amajana gihagaze ku murwa mukuru wa Sierra Leone, Freetown, caraye gisenyuwe n’igihuhusi.

Umukuru w’igihugu, Julius Maada Bio, yavuze ko ico giti casenyuwe n'isegenya y'igihuhusi yo ku wa gatatu mw’ijoro. Yavuze ko kabaye ''agahombo kanini ku gihugu''.

Yavuze ko ico giti cari ikimenyetso c’ukwishira no kwizana ku bantu ba mbere batanguye kuba muri ico gisagara. Ico giti cari no ku manoti ya Sierra Leone.

Ariko hari Abakristu bamwe bamwe bashimye kubona ico giti gisenyuka kuko ngo hari abagikoresha mu bintazi.

Imvura nyinshi yo ku ndwi iheze yari yatumye ishami rimwe ry’ico giti rihanyuka, ariko hari icizere ko co kizorusimba.

Ariko mu yindi segenya y'igihuhusi yo ku wa gatatu, ico giti cose carasenyutse, gisiga gusa igice c’umutumba waco ari co gihagaze.

Kubera isenyuka ry’ico giti, ikirere c’uwo murwa mukuru cahindtse cane – bamwe mbere bavuga ko cagiriyeko mu guhinduka. .

Igiti c'ipampa cafotowe mu 2013

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ico giti, kuri iyo foto yo mu 2013, kivugwa ko ari co cari gifise imyaka myinshi muri ubwo bwoko muri Sierra Leone

Ico giti c’imetero 70 z’uburebure bivugwa ko ari co cari ica mbere gifise imyaka myinshi kurusha ibindi muri ubwo bwoko mu gihugu – itangazo rya reta rigereranya ko cari kimaze imyaka 400.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ku matero 300 uvuye kuri ico giti, hari ikizwi nka Freedom Steps, ingazi zuriwe n’abaja/abacakara ba mbere batuye ibisabisho ico giti imbere y’uko batangura kuba muri Freetown.

Uko igisagara cagiye kirakura, cagiye kiraguka hirya no hino y’ico giti, naco gisigara hagati na hagati.

Abategetsi bitezwe kugendera ikibanza c’aho cahora ngo barabe icokorwa.

Umukuru w’igihugu Julius Maada Bio yanditse kuri twitter ati: ‘’Tuzoraba ico dushira muri ico kibanza kugira kibe iragi ry’ico giti muri kahise kacu’’.

Umutumba n’imizi biracahagaze, bivuga ko gishobora kunaga ikindi giti.

Abantu benshi barababajwe no kuba ico giti casenyutse.

Umwanditsi w’amazina wo muri Sierra Leone Oumar Farouk Sesay yaracanditseko amazina, akigereranya na Tour Eiffel, Statue de la Liberte, Big Ben n’ibindi vyibutso bizwi cane kw’isi.

Ariko hari Abakristu banezerewe cane.

Umupasitori yumvirwa cane Francis Mambu arongoye ishengero Faith Healing Bible Church, yemera ko imizi y’ico giti yakoreshwa mu bintazi kandi yagenderwa n’abapfumu.

Uwo mupasitori, afise abamukurikira benshi muri Sierra Leone ubu vuba yari yavuze ko ico giti kizohenuka.