Ndemeza ko uyu mukunzi wanje yapfuye kubera bamukase ibihimba vy’irondoka

- Umwanditsi, Tamasin Ford
- Igikorwa, BBC Africa Eye
Sierra Leone ifise kimwe mu bitigiri binini vy’ibihugu bikata ibihimba vy’irondoka ku bakobwa muri Afrika, ikizwi nka mutilation génitale féminine/ female genital mutilation (MGF/FGM),rimwe na rimwe mbere uyu mugirwa ukaba uvamwo impfu. Igisata ca BBC gisohora amakuru y’amatohoza, BBC Africa Eye, caregereye umugabo umwe yemeza ko umukunzi wiwe yapfuye ahejeje gucibwa ibice vy'igitsina.
Fatmata Turay yari afise imyaka 19 igihe nyina wiwe amutumako ngo atahe muhira.
Yategerezwa kwinjizwa mu muryango w’aba-Bondo, umugirwa umaze imyaka ibinjana urimwo indirimbo n’imvyino, mu gihe abakobwa bakiri bato baba bariko bategurwa kwinjira mu rugero rw’abakuze.
Inyuma y’amasaha 36, Fatmata yari apfuye.
Kuva umusi bamuhamba, hari ku wa 18 Myandagaro (8) 2016, umukunzi wiwe Tyson Conteh, yaciye yikora kuri kamera (camera) yiwe atangura gufata amashusho.
Mu nyuma yahavuye yirabishako kamera asigura icamutumye ashaka kwerekana ivyariko biraba.
"Nshaka gukoresha iyi firime (film), ikintu nkunda cane, kugira ngo ntere impari mu bantu. Fatmata ntiyipfuza kubona uwundi mukobwa, uwundi mugore, ariko arapfa. Iki nico cipfuzo ciwe”.
Avuga ko Fatmata yagumye avugana na we mu ndoto ziwe, kandi ko yamusavye ko yoshira ahabona ukuri ku rupfu rwiwe, yongere arandurane n’imizi umugirwa wa MGF.

MGF/FGM igizwe no gukata igice gitoya canke cose c’igihimba ndangagitsina c’umukobwa, akenshi hakitabwaho imbezi (clitoris).
Ishami rya ONU rijejwe ibijanye n’imibereho y’abantu, UNFPA, risanga uyu mugirwa urangwa mu bihugu 92, ariko ukaba urwiriye mu bice bimwe bimwe vya Afrika no mu burasirazuba bwo hagati.
Mu bihugu nka Somalia, Sudani na Djibouti, ubwoko bwa MGF buzwi nka 'infibulation' ni bwo bukorwa, aho imishino ikatwa igakoreshwa mu kuzibira igice canke rwose umuyoboro w’igitsinagore, aho umukobwa bamusigira agatoboro gato gusa kamufasha mu kwihagarika canke mu butinyanka. Iyo umugore agiye kurongorwa, bategerezwa kumucira intoboro kugira ngo ashobore gukora imibonano mpuzabitsina.
Nta nyungu n’imwe iri muri MGF. Ishami rya ONU rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS, rigabisha ko uyu mugirwa ushobora guteza ibibazo vyo mu bihimba vy’irondoka, bigateza kandi ingorane mu kwibaruka.
Muri Sierra Leone, ibiharuro ngereranyo vyerekana ko abagore n’abakobwa bari hafati y’imyaka 15 na 49 bakorewe uyu mugirwa.
Imwe mu mvo ni ukugabaniriza abagore umunoho wo gukora imibonano mpuzabitsina. Iyo bakaswe, hari abibaza ko ubusugi bwabo buzokingirwa, mu gihe naho bazoba barongowe, ko bazoguma bizewe n’abagabo babo ko batabaca inyuma.
Aminata Sankoh, umwe mu bagore bakora uwu mugirwa muri Sierra Leone , avuga ati: "Umugore atakaswe arakunda gukora imibonano mpuzabitsina gusumba uwakaswe. Nico gituma tugabanya uwu munoho kuri bo”.
'Vyamfashe indwi yose kugira nihagarike'
Conteh yashoboye kuronka akaryo ko gufata amashusho y’umuryango w’aba-Bondo ugizwe n’abagore gusa, umugirwa utsimbataye cane ujanye n’ubwiza, umuco n’ubuhinga.
Ni ibirori aho inararibonye z’aba Bondo zigisha abagore bakiri bato ibijanye n’uruhara kama rwabo nk’umugore na nyina w’abana.
Uboneka nk’umugirwa utegekanijwe kandi nkenerwa.
Hagati aho, igice kimwe c’uyu mugirwa kigizwe no gukorerwa MGF. Conteh ntiyemerewe gufata amashusho y’iki gice.

Ngaima Kamara, umwe mu bakuriye aba bagore bazwi nka soweis, avuga ati: "Mu mico yacu, kuva kera abantu bacu bamye bakorerwa imigirwa ibinjiza mu muryango”.
"Iyo utakorewe umugirwa, ntuzokwubahuka kwogana nanje mu mugezi. Ndaguciye iruhande, nzokwigira nk'uko ntakubona. Duhuriye ahantu ndashobora kukubwira ko ntavugana n’umugore atakaswe. Ni nk’uko woba urwaye”.
Muri firime yiwe, Conteh yaravuze ivyabaye kuri Fatmata umusi umwe inyuma y’uko yitabiriye uwu mugirwa wa Bondo.
Ati: "Twasanze ikiziga ciwe kiryamye ku kirago, hanze mu kigo. Cari gitekeye mu gitambara cera”.
"Urabona amaraso atemba. Urabona ko hari amaraso, aha niho twamenye ko yapfiriye mu muryango w’aba-Bondo amaze gukatwa”.
Igipolisi caraje hanyuma ikiziga ca Fatmata gitwarwa mu buruhukiro i Makeni.
Nyina wiwe hamwe n’uyu mu-soweis baciye bahagarikwa.
Inyuma y’imisi itandatu, ikiziga caciye gikorwako amatohoza na muganga (Autopsie/Autopsy)) Simeon Owizz Koroma, ico gihe akaba ari we wenyene yari abifitiye ubuhinga mu gihugu cose ca Sierra Leone.

Hari kandi na Dr Sylvia Blyden, ico gihe akaba yari umushikiranganji w’imibereho myiza iterambere ridakumira n’ibibazo vy’abana.
Dr Blyden ashigikiye ko abagore bakuze bahitishwamwo gukatwa canke kudakatwa, ariko akaba arwanya cane gukatwa ku nguvu no ku bana bakiri bato.
Mw’itangazo yasohoye, yarashize ahabona ivyavuye mu matohoza aho yavuze ko urupfu rwa Fatmata ata sano rufitaniye n’ugukatwa. Uyu mu-soweis na nyina wa Fatmata baciye barekurwa.
Conteh yakoze amatohoza kugira ngo amenye nimba urupfu rw’umukunzi wiwe rwarapfukapfutswe kugira ngo bakingire umuryango w’aba Bondo. Dr Blyden avuga ko atazokwigera anyegeza ukuri ku nyungu z’umuryango w’aba-Bondo.
Rugiatu Turay, umugore ata gisanira afitaniye na Fatmata Turay, yari icegera c’umushikiranganji Blyden ico gihe akaba yari amaze igihe arwanya ikatwa ry’abagore.
Yatanguje ishirahamwe asanzwe arongoye rizwi nka Amazonian Initiative Movement, ryibanda ku kurwanya MGF muri Sierra Leone.
Avuga ko yagize amahirwe yo kurokoka inyuma yo gukatwa igihe yari afise imyaka 11.
Avuga ati: "Hari abantu benshi bapfuye. Turabizi, twese turabizi. Dukwiye kuvugisha ukuri”.
"Nasa n’uwapfuye. Nshatse kwihagarika, vyamfata indwi yose kugira ngo nihagarike. Indwi yose. N’inyuma yo kunkata, igitsina canje caravyimvye”.
'Bondo izohera'

Umupfasoni Turay aribaza igituma Dr Blyden yivanze muri aya matohoza ku kiziga.
"Kuki ureka umushikiranganji wawe ngo yinjire mu buruhukiro gukora amatohoza ku biziga? N’aho yoba ari muganga, nta kazi afise hariya.
"Ashigikiye aba-soweis. Ibi vyerekana ko yari yamaze kwegamira ku ruhande. Turemeza ko ivyavuyemwo vyahinduwe kuko nta n'uko bigeze batwereka. Ivyo ni vyo tuzi. Ntidushobora gukina ku buzima bw’abagore turondera amajwi".
Dr Blyden arahakana ko ata vy’imvo z’urupfu rwa Fatmata yavuze ku mugaragaro ariko akaba agihagaze ku vyo yavuze ko Fatmata atapfuye kubera ingaruka za MGF, akavuga ko ivyavuye mu matohoza yakozwe ku kiziga vyerekana ko bifitaniye isano na kahise k’aagara ya Fatmata.
Avuga ko ivy’ugupfukira ari ibinyoma kandi bifise intumbero mbi, kandi ko ivyigwa vyakozwe ku kiziga ciwe vyakozwe umuryango wiwe ari ho uri, co kimwe n’amashirahamwe aharanira agateka ka muntu, igipolisi hamwe n’abaganga.
Avuga ko nk’umushikiranganji yari afise inshingano zo gukurikirana aya matohoza ku kiziga, agahakana ko atagiyeyo ku mvo zaporitike.
BBC Africa Eye yaregereye Dr Owizz kugira imushikirize ibirego biri muri iyo firime, ariko yaranse kwishura.
Inyuma y’imyaka ine, umupfasoni Turay yarashinze ikigo ca mbere c’umuryango w’aba-Bongo kizira ikatwa, akaba yacise Alternative Rites (twogereranya na “Imigirwa yindi”) canke Bloodless Bondo (twogereranya na "Bondo izira amaraso").
Yemeza ko Bondo ubwayo ishobora kuvaho mu gihe abagore boheba imigirwa yo gukata.
"Mu gihe abagore canke abo ari bo bose bobandanya barwanya Bondo, hazogera igihe Bondo ihera. Hazogera igihe Bongo ihagarara”.










