EAC ivuga ko abashikiranganji b'Urwanda na DRC bemeye 'guhura vuba' mu biganiro

Ahavuye isanamu, East African Community/ X
Umuryango w’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko (EAC) usaba ko inzira y’ibiganiro ari yo yoshirwa imbere kugira ngo ikibazo c’intambara irangwa mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DR Congo) gitorerwe umuti.
Aho bari bamaze imisi mu mwiherero mw’izinga rya Zanzibar muri Tanzania, abashikiranganji b’imigenderanire y’ibihugu vya EAC batera akamo abakuru b’ibihugu bigize uno muryango guhura kugira ngo banagure inzira ya poritike biciye mu masezerano ya Nairobi hifashishijwe n’amasezerano ya Luanda.
Ku bw’aba bashikiranganji, inzira nyayo yoshikana ku mahoro n’umutekano birama muri ako karere kamaze imyaka n’imyaka kari mu ndyane ni iya poritike.
Akarere k’Ubuseruko bwa DR Congo karangwamwo indyane zidahera kuva hafi imyaka 30 iheze. Gaharurwamwo imirwi y’inyeshamba irenga 100, harimwo na M23, ubu yegukira umuhari AFC uherutse gushingwa.
Intambara zasubiye kuba ndanse kuva igihe uno muhari utanguriye ibitero vyawo mu mpera za 2021, zatumye amamiriyoni n’amamiriyoni y’abanyagihugu bata izabo, abandi batari bake nabo barahasiga ubuzima.
Hari amanama atari make yagiye aba, yahuza abakuru b’ibihugu vy’akarere, arimo ayabereye i Luanda muri Angola, i Washington muri Amerika, i Bujumbura mu Burundi, i Addis-Abeba muri Ethiopia, hamwe n’i Nairobi muri Kenya, aho hose bagenda bafata imyanzuro yo guhagarika iyi ntambara, ariko gushika ubu nta kirahinduka ku rubuga.
Ingabo z’akarere zarungitswe muri ako karere ntaco zashitseko mu kiringo c’umwaka urenga zamazeyo, aho hibonekeje ukutabona kumwe hagati y’abategetsi ba DR Congo n’umuryango wa EAC ku bikorwa vy'izi ngabo.
Mu gihe Reta ya DR Congo yoyo yashaka ko izi ngabo ziyifasha kurwanya M23, zozo zavuga ko zitari zegamiye ku ruhande na rumwe.
Zahavuye zisubirirwa n’iz’umuryango w’ubutunzi uhurikiyemwo ibihugu vyo mu bumanuko bwa Afrika, SADC, kandi zifise intego yo kurwana na M23, ariko gushika n’ubu uno muhari uracihagazeko mbere ukaba uherutse no kwiyagurira akarere.
Inyuma y’igihe zari zimaze zarigaruriye uturere tutari duke mu materitware ya Rutshuru na Masisi mu ntara ya Kivu ya Ruguru, izi nyeshamba za M23 ziherutse no gufata utundi turere muri teritware ya Lubero muri iyo ntara nyene.
Muri uwo mwiherero, aba bashikiranganji bajejwe imigenderanire b’ibihugu bigize EAC barerekanye impungenge kuri iki kibazo c’umutekano mu buseruko bwa Congo, ariko bagashima agahengwe kahagarariwe na Reta ya Amerik, basaba ko kobandanya burundu.
Aba bashikiranganji banavuga ko babonye ko imigenderanire hagati y’ibihugu bimwe bimwe bigize EAC itifashe neza kandi ko ibi “bigira ingaruka mbi ku mugambi wo gukomeza ubucuti” muri uno muryango.
Basaba ko ibihugu bigize uno muryango vyokoresha inzira zisanzwe ziri mu masezerano awushinga mu gutorera umuti impari ziri hagati y’ibihugu.
"Ni co gituma abashikiranganji b’Urwanda na Repubulika ya Demokarasi ya Congo bemeye kuzohura vuba mu rwego rw’amasezerano ya Luanda", nk'uko biri mw'itangazo ry'uno muryango risozera uno mwiherero.
Imigenderanire hagati ya DR Congo n'Urwanda yaratosekaye kubera reta ya DR Congo yagiriza reta y'Urwanda ko ifashe mu mugongo M23, mu kuyiha uburyo n'abarwanyi, ivyo Urwanda rubandanya ruhakana.
Urwanda na rwo rwagiriza DR Congo gufasha inyeshamba za FDLR zikorera mu buseruko bwa DR Congo, ivyo ubutegetsi bwa Kinshasa na bwo nyene buhakana.
Iri tangazo rivuga kandi ko “abashikiranganji b’Urwanda n’Uburundi bazobona ku wa 31 Gitugutu (10) 2024 kugira ngo bahanahane ivyiyumviro ku bibazo nyamukuru bibangamiye umubano wavyo”.
Kuva Uburundi bwinjiye mu ndyane za poritike mu 2015, reta y'iki gihugu yagiye yagiriza Urwanda ko ruhaye indaro abashatse gutembagaza ubutegetsi ku wa 13 Rusama (5) 2015, kandi ko rufasha inyeshamba za RED-Tabara zirwanya Uburundi. Reta y'Urwanda irabihakana.










