Burundi: Bamwe mu Barundi baba i Bulaya bavuga ko bakumiriwe mu matora buca aba

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, Umumenyeshakuru i Bruxelles
Mu gihe aho bukera Abarundi buca bitabira amatora rusangi y'abashingamateka y'abakenguzamateka n'abajenama b'amakomine, Abarundi baba ku mugabane wa Bulaya bavuga ko batazi abitoza n'imigambi yabo, ko rero bizogora kwitabira amatora batazi ico bazotora.
Bamwe mu Barundi baba mu Bubiligi, igihugu giharurwamwo Abarundi barenga ibihumbi 30, bavuga ko vyari vyiza ko bitabira aya matora ariko ko ata bigeze babashikira kugira ngo babasigurire imigambi yabo.
Ildephonse w'imyaka 44 akora akazi ko kwunguruza abantu, akaba asanzwe aba mu ntara ya Brabant Wallon hagati mu Bubiligi abona ko bibagiwe.
Ati: "Twebwe ntitwigeze tubona abanyepolitike baba abari ku butegetsi canke abatavuga rumwe n'ubutegetsi barungika intumwa zo kudusigurira ibiri mu migambi y'imigambwe yabo.
"Ikindi naco, nka jewe maze imyaka 12 ngaha, hariho abanyepolitike ntazi, none naho niyandikishije wumva noja gutora ico ntazi, migambi ntazi, wumva ivyo atari gusuzugura twebwe tuba mu mahanga?"
Eka na Arnaud Ikwigize, umusore w'umufundi mu nyubako z'amagari ya moshi w'imyaka 26 yiyandikishije kugira ngo atore ubwa mbere, avuga ko bibagiwe kandi bafatiye runini igihugu.
Agira ati: "Ku bisanzwe Abarundi tuba hanze turi iyindi ntara y'igihugu, twamye dusaba ko hoba n'imiburiburi umushingamateka kuri buri mugabane umwe yoserukira Abarundi bo mu makungu nkuko biba n'ahandi, ariko ntacavuyemwo.
"Ibi ntivyumvikana kuko no ku mbuga hwaniro nta migambi yabitoza iriko, kandi mu mwimbu rusangi w'igihugu buri mwaka (PIB) dufisemwo uruhara rukomeye, sinumva ukuntu twigizwa inyuma hageze amatora.
"Ni co gituma jewe ntazokwirirwa ndaja gutora kuko simbona akamaro ko gutora ivyo ntazi n'abo ntazi"
Yamara Hilbert Sabushimike, umuganga wo mu gisagara Ca Lille mu Bufaransa wewe avuga ko azoja gutora, ariko ko ijwi ryiwe azorigira impfagusa kugira agaragaze akababaro.
Agira ati: "Jewe nzinduka mfata imodoka nje gutora i Paris mu Bufaransa mu buserukizi bwacu, ariko kuko ata wansavye ijwi ntawe nzoriha, ni akaryo ko kugaragaza akababaro twebwe tuba hanze dukorerwa hageze amatora mu kutwaka uburenganzira bwacu.
"Ikindi ko hari ibihugu mu bihugu vya bulaya ya ruguru bitagira ambassade, bazotora gute? Ubona batatswe uburenganzira bwabo bwo kwegerezwa ibiro vy'itora"?
Bitegekanijwe ko mu gihe Abarundi bazoba bariko baratora muri uyo mwanya nyene, ibiro vy'itora bizoba vyuguruye ahari ubuserukizi bw'Uburundi kugira ngo abiyandikishije bashobore gutora.










