Ibipimo vya ADN ku magufa bishobora gutuma kahise ka kera ka Misiri gasubirwamwo

Ivyigwa ku gikankara c'umutwe bishobora gutanga uwundi muco kuri kahise ka kera

Ahavuye isanamu, Liverpool John Moores University. Nature

Insiguro y'isanamu, Ivyigwa ku gikankara c'umutwe bishobora gutanga uwundi muco kuri kahise ka kera
    • Umwanditsi, Pallab Ghosh
    • Igikorwa, Umunyamakuru mu bijanye n'ubumenyi

Ibipimo ku duce ndangakamere (ADN/DNA) vyakozwe ku mugabo yabaye mu Kiyaya ca Nil haraciye imyaka 4.500 vyatanze umuco mushasha ku bijanye n'umuco wa Misiri ya kera.

Umwihwezo wakozwe ku gikankara (ibisigarira vy'amagufa) ciwe werekanye ko yari afise imyaka 60 kandi bishoboka ko yari abeshejweho no kubumba inkono, ariko kandi ko kimwe kuri bitanu mu bigize ADN yiwe cakomoka kuri basekuruza biwe baba ku birometero 1.500, mu kandi karere kari gakomeye ico gihe, muri Mezopotamia canke Iraki ya kino gihe.

Ni co kimenyetso ca mbere cerekanye isano hagati y'iyi mice ibiri y'abantu, kigashobora gufasha mu gusigura ingene Misiri yahindutse, aho yahindutse nk'akarere k'imiryango y'abantu bari babeshejweho no kurima isanzagaye irya n'ino, maze kakaza kuba imwe mu ntara zikomeye cane kuruta izindi kw'isi.

Ivyatowe muri ubu bushakashatsi biha uburemere iciyumviro c'uko inyandiko n'uburimyi vyabayeho biciye mu guhanahana abantu n'ivyiyumviro hagati y'izi ntara zibiri za kera cane.

Iki gikankara cashize ahabona amakuru adasanzwe y'ubuzima bw'umuntu

Ahavuye isanamu, Liverpool John Moores University/Nature

Insiguro y'isanamu, Iki gikankara cashize ahabona amakuru adasanzwe y'ubuzima bw'umuntu

Umushakashatsi mukuru, Profeseri Pontus Skoglund wo ku kigo Francis Crick Institute i Londres, yabwiye BBC News ko ubushobozi bwo gukura no gusoma ADN mu magufa ya kera bushobora gutanga umuco mushasha ku vyabaye n'abantu bo mu bihe vya kera, bigatuma ibiri mu nyandiko zerekana ivya kera vyumvikana mu buryo busanzwe, kandi bikumvikana neza gusumba.

Ati: "Ni twaronka amakuru y'inyongera kuri ADN tukayashira hamwe n'ivyo tuzi ku makuru y'ubucukuzi bw'ivya kera, y'imico n'imigenzo kama, hamwe n'ivyanditswe dufise kuva ico gihe, bizoba ari ibintu biryoshe cane".

Bimwe mu vyo dutahura kuri kahise kacu biva mu nyandiko ku rugero runaka, ariko akenshi usanga ivyanditswe ari ivyavuye ku bantu bakomakomeye hamwe n'abatunzi, kandi bikibanda cane ku buzima bw'abo nyene.

Ubumenyi bushingiye ku binyabuzima buriko buha abahinga mu vya kahise uburyo bushasha bwo kwiga kahise bafatiye ku buzima bw'abantu basanzwe.

Iyi ADN/DNA yakuwe mw'igufa ry'imbere mu gutwi mu bisigarira vy'umugabo yahambwe i Nuwayrat, ikigwati kiri ku birometero 265 mu bumanuko bwa Cairo, umugwa mukuru wa Misiri.

Haciye imyaka hagati ya 4.500 na 4.800, igihe c'ihinduka rikomeye mu kubaho kwa Misiri na Mezopotamia. Ivyemezo vyatowe mu bucukuzi bw'ibisigarira vyerekana ko utu turere twompi dushobora kuba twari dufitaniye imigenderanire kuva kera cane, nk'imyaka 10.000 iheze, igihe abantu bo muri Mezopotamia batangura kurima no kworora ibitungwa, ibi bikaba vyaje gutanguza ubuzima bushingiye ku burimyi.

Benshi mu bahinga bemeza ko iri hinduka mu mibereho n'ubuhinga rishobora kuba ryaratumye haba impinduka nk'izi nyene muri Misiri ya kera – ariko nta kimenyetso gitomoye cerekana ko hoba harabaye ubucuti hagati yatwo gushika ubu.

Ibi bisigarira vyatowe mu 1902 mu mva y'igikono c'ibumba

Ahavuye isanamu, Garstang Museum/Liverpool University/Nature

Insiguro y'isanamu, Ibi bisigarira vyatowe mu 1902 mu mva y'igikono c'ibumba
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Adeline Morez Jacobs yakoze umwihwezo kuri ibi bisigarira kuri kaminuza ya Liverpool John Moores, avuga ko ibi ari vyo vyemezo vya mbere bikomeye vyerekana uruja n'uruza rukomeye hagati y'abantu, bityo bigasigura n'ukungene amakuru yazunguruka hagati y'utu turere tw'imico itandukanye ico gihe.

"Dufise uturere tubiri twazanye uburyo bwa mbere bw'inyandiko, ni co gituma abacukuzi b'ivya kera bemera ko bagenderanire kandi bagahana ivyiyumviro. Ubu turaronse ivyemezo".

"Twizeye ko ibimenyetso vya ADN vyo muri Misiri ya kera bishobora gushika kure mu kwerekana neza na neza igihe aba bantu batangura kuva muri Aziya y'uburengero n'aho bageze".

Uyu mugabo yahambwe mu gikono c'ibumba mu mva yimbwe mu musozi. Ihambwa ryiwe ryabaye imbere y'uko hatangura ubuhinga bwo kubika imibiri babanje kuyihindura, buzwi nka momification, ari na vyo bishobora kuba vyarafashije kurinda ADN yiwe.

Mu matohoza yakozwe ku menyo yiwe, aba bashakashatsi barashoboye kumenya ivyo yafungura, ari naho kumbure baciye bamenya ko yoba yakuriye mu Misiri.

Ariko iyi nkuru kuri ubu bushakashatsi ntihagararira ngaho.

Umwigisha Joel Irish kuri Kaminuza ya Liverpool John Moores yakoze umwihwezo wimbitse kuri iki gikankara kugira ngo yubake ishusho nyayo y'uyu mugabo nk'umuntu.

"Ico nashaka kwari ukumenya uwo mugabo ari we, tukamenya ibintu vyinshi bishoboka kuri we, imyaka yari afise, uburebure bwiwe, ivyo yakora mu buzima, kandi tukagerageza kumwiyumvira nk'umuntu nyawe, aho kumufata gusa nk'ikintu kitagira ubuzima.

Inyubako y'amagufa yiwe yerekana ko uyu mugabo yari afise imyaka hagati ya 45 na 65, nubwo ibimenyetso vy'ingwara yo mu ngingo vyerekana ko yari afise imyaka iri hejuru cane. Yari afise uburebure burenga gato imetero 1.6, uburebure nk'ubu bwerekana ko yari mugufi cane ico gihe.

Prof Irish yarashoboye kandi kumenya ko ashobora kuba yari asanzwe abeshejweho no kubumba inkono. Igufa ry'inyuma mu mutwe ryari rirerire, ibi bikaba vyerekana ko yama yunamye. Amagufa y'urwicariro yari manini, ibi bikerekana ko yamara umwanya muremure cane yicaye ku bintu bikomeye. Amaboko yiwe yerekana ibimenyetso vyo guterera amaboko imbere n'inyuma, kandi hari n'ibimenyetso vyerekana ukungene imitsi yiwe yagenda ikura, ibi bikerekana ko yari amenyereye guterura ibintu biremereye.

Uno muhinga w'Umunyamerika yabwiye BBC News ati: "Ibi vyerekana ko yakora cane. Yamaze ubuzima bwiwe bwose akora".

Dr Linus Girdland Flink asigura ko yabaye amahirwe adasanzwe kubona ibi bisigarira vy'amagufa yiwe vyarashoboye kwigwa bigashira ahabona ibi binyegezwa vya kahise.

Ati: "Vyazuye mu mwaka wa 1902 bihabwa ikigo ndangamurage World Museum Liverpool, aho vyarokotse ibitero vy'amabombe mu gihe c'intambara zikomeye zasambuye ibisigarira vyinshi vy'abantu vyari bibitswe muri iki kigo.

"Ubu twashoboye kwerekana igice kimwe kuri kahise k'uno muntu, turatora ko bamwe muri ba sekuruza biwe bavuye muri ako karere k'amateka adasanzwe, ivyerekana ukungene habaye ukwinjirana hagati y'abantu b'amoko atandukanye ico gihe".