Narges Mohammadi yatahukanye agashwimwe k'amahoro ka Nobel ni nde?

Narges Mohammadi

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Narges Mohammadi aguma apfungwa urutitsa kuva mu 201

Narges Mohammadi, yatsindiye agashimwe k'amahoro kitiriwe Nobel 2023, ni rurangiranwa mu guharanira agateka ka zina muntu muri Iran.

Yahawe ako gashimwe kubera uruhara rwiwe mu kugwanya ihohoterwa rikorerwa abagore muri ico gihugu, uwurongoye komite itanga agashimwe ka Nobel yamwise "Umugwanyi aharanira ukwishira n'ukwizana".

N'aho yama mw'ibohero urutitsa kuva mu 2010, yarashoboye kwerekana neza ayo mabi kandi apfunzwe.

N'icegera c'uwurongoye ikigo c'abaharanira agateka ka zina muntu muri Iran, cashinzwe na mugenzi we Shirin Ebadi, na we yatsindiye agashimwe ka Nobel.

Umugabo wiwe, umunye politike, aba mu buhungiro n'abana biwe babiri.

Mohammadi w'imyaka 51, yahagaritswe incuro 13, yagirizwa ivyaha incuro zitanu, anahanishwa gupfungwa, yose hamwe imyaka 31. Ubu ari mw'ibohero ku caha co "gukwiragiza ibihuha".

Mu mwaka uheze, mw'ikete rivuye mw'ibohero rya Evin i Teheran, yaratanze ido n'ido ry'ingene abagore bapfunzwe bazira kuja mu myiyerekano yo kwiyamiriza reta yakwiragiye igihugu cose, bafashwe ku nguvu baranasinzikarizwa ubuzima.

Iyo myiyerekano yavuye ku rupfu rwa Mahsa Amini w'imyaka 22 rwabereye mw'ibohero mu kwezi kw'icenda 2022, aho yari yafashwe yagirizwa kurenga ku mategeko y'inyambaro.

Mu guha agashimwe Mohammadi, uwurongoye akanama gatanga ako gashimwe avuga ko yagwaniye abagore mu kwiyamiriza amacakubiri n'agacinyizo bagirirwa.

Kuba aronse ako gashimwe gakomeye kw'isi biha Mohammadi igihagararo mpuzamakungu co ku rugero rwo hejuru, bitaza gushimisha Iran.