Abasirikare babiri ba Afrika y'Epfo biciwe mu gitero ca bombe muri Congo

Ahavuye isanamu, SADC
Abasirikare babiri bishwe abando batatu barakomereka inyuma y'aho ibombe iterewe muri kimwe mu birindiro vyabo muri Republika ya Demokrasi ya Congo, aho ingabo z'ico gihugu zarungitswe guhosha imishamirano.
Ni bo ba mbere bishwe kuva igisirikare ca Afrika y'Epfo gitanguye gushika muri Congo mu kwezi kwa Kigarama (12) guheze.
Ico gitero cabereye i Sake, ku birometero 27 mu burengero bwa Goma.
Mw'itangazo igisirikare ca Afrika y'Epfo cashize kuri X kuri uyu wa kane, kigira giti:"Uko ibintu vyagenze biracarimwo igifungu gushika ubu, hazoba amatohoza yimbitse ku kumenya icatumye ivyo bishika."
Abasirikare ba Afrika y'Epfo bari kumwe n'aba Tanzania hamwe na Malawi bari mu butumwa bw'ishirahamwe SADC muri Congo (SAMIDRC), aho bagiye gufasha reta y'ico gihugu kugarukana amahoro, umutekano n'ituze mu buseruko.
Ku musi wa mbere uheze, prezida wa Afrika y'Epfo Cyril Ramaphosa yategetse irungikwa ry'abasirikare 2900.
Ico gikorwa kizotwara Afrika y'Epfo imiriyoni 105 z'amadorari, kikaba gitegekanijwe kurangira mu kwezi kwa Kigarama (12) uyu mwaka, nk'uko biri mw'itangazo ryo mu biro vy'umukuru w'igihugu.
Buca haba ico gitero ku kirindiro ca Afrika y'Epfo, abagwanyi b'umuhari wa M23 bari bateye akamo ababa i Sake kubandanya imirimo yabo, wongerako ko M23 "yaje kubatabara no kubakingira ivyo bitero bikomeye, ama drone n'ibimodoka vy'intambara bibandanya kwica abagore, abana n'abageze mu za bukuru".
Igihugu ca Congo nta co kiravuga kuri iryo tangazo rya m23.
Intambara iherutse gusubira gusutama mu buseruko bwa Congo yatumye abantu barenga ibihumbi cumi bata izabo.













