Boris Johnson yatanze imihoho: Ati birababaje kuba mvuye Downing Street

Ahavuye isanamu, Getty Images
Boris Johnson yavuze yuko "bibabaje cane kuba ntashoboye guheraheza imigambi myiza n'ivyiyumviro" yari afise mu gihe yatanze imihoho nk'umukuru w'umugambwe uri ku butegetsi mu Bwongereza, Conservative.
Uyu mushikirangani wambere yakirijwe amashi n'impundu vy'umuryango wiwe n'abamufasha mu kazi, igihe yashikiriza ijambo ryo gutanga imihoho ari imbere y'ibiro vyiwe bizwi nka No 10.
Yavuze yuko ikirangaminsi co guhiganirwa gutora uwuzomusubirira kizotangazwa mu ndwi iza.
Uwuzotsinda iryo higanwa niwe azoca yitegurira kuba umushikiranganji wambere mushasha w'Ubwongereza.
Bwana Johnson yahuye n'umufunda w'ibitsure bikomeye vy'abashikiranganji kubera uburongozi bwiwe.
Uwo mufunda watangujwe n'ugutanga imihoho kudasanzwe kw'umushikiranganji ajejwe ubutunzi, Rishi Sunak, hamwe n'uwujejwe amagara y'abantu, Sajid Javid, ku mugoroba wo kuwa kabiri.
Yararinze ibitsure vy'abamusavye bose gutanga imihoho - barimwo n'umushirakiranganji mushasha w'ubutunzi, Nadhim Zahawi, yari ahejeje kugena - ikiringo c'amasaha 48 gushika abonye yuko umugambwe wamukuyeko icizere, atagishoboye kubandanya.
Aho yashikiriza ijambo ari Downing Street (aho akorera kandi akanaba) yavuze yuko yahawe "inshingano zikomeye" mu matora rusangi yo mu 2019, atsinda "ku bwinshi umugambwe wa Conservative utari bwaronke kuva mu 1987".
"Igituma narwanye bikomeye mu minsi mikeyi iheze ngo mbandanye nshikana inshingano zanje ubwanje, si kubera yuko gusa nabishaka, ni uko numva ari akazi kanje, ari co njejwe, ideni nari ndabafitiye ryo kubashikanira ivyo twabemereye mu 2019".
Yagize ati "ndicuza kuba ntashoboye guhangana nkatsinda abumva ko ngomba gukinjura", ariko yemera yuko ico umugambwe washaka "cagaragara neza".
Yavuze kandi ati "muri politike nta n'umwe ari ntayegayezwa", yongerako ati: "Ndashaka yuko mwese mumenya ingene ntewe agahinda no kuba mvuye mu kazi kambere keza kw'isi, ariko nta kundi vyari kugenda".










