Israel yategetse 'ababa mu gisagara ca Gaza bose' gukura meza

Ahavuye isanamu, Anadolu
- Umwanditsi, Tom Bennett na Rushdi Abualouf
- Igikorwa, BBC News i Londres na Istanbul
Igisirikare ca Israel categetse abantu bose baba mu gisagara ca Gaza gukura meza mu gihe intambara ari urutavanako mu buraruko bwa Gaza.
Impapuro zakwiragijwe n'indege zitegeka "umuntu wese aba mu gisagara ca Gaza" kuva aha hantu hafatwa "nk'akarere k'intambara mbi", maze bagafata amayira atekanye yateguwe.
Ishirahamwe ONU rivuga ko rifise impungenge nyinshi kuri aya mabwirizwa ategeka abanyagihugu gukura meza. Bubaye ubwa kabiri igisagara cose ca Gaza gitegekwa guhunga kuva intambara itanguye muri Gaza.
Mu ndwi zibiri ziheze, ingabo za Israel zasubiye kwinjira mu turere tutari duke dufatwa ko abarwanyi ba Hamas n'iminrwi y'inyeshamba z'Abanyapalestina ziyitirira idini rya Islam basubiriye kwiyegeranirizamwo kuva mu ntango z'uno mwaka.
Hamas ivuga ko kubona Israel isubiriye gukorera muri ico gisagara bishobora kudindiza ibiganiro vyo guhagarika intambara no kurekura impfungwa. Ibi biganiro birimwo abakuru b'ibisata bijejwe igendereza vya Misiri, Amerika na Israel, hamwe kandi n'umushikiranganji wa mbere wa Qatar.
Umutegetsi wo hejuru wa Hamas, Hossam Badran, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko Israel "iriko igerageza kugobera abari muri ibi biganiro mu kwongereza ibitero vy'ibibombe, kwomora abantu no gukora ubwicanyi".
Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu ashimangira ko Israel yiyemeje gushika ku masezerano mu gihe cose "umurongo utukura utararengwa".
Abantu 250.000 baracari mu gisagara ca Gaza
Abantu bazwi ko bakiri mu gisagara ca Gaza barenga ica kane c'umuriyoni - bamwe muri bo bakaba babonetse bariko bahungira mu bumanuko.
Hagati aho, hari abandi badashaka kwumva ivyo guhunga.
Ibrahim al-Barbari w'imyaka 47 yabwiye BBC ati: "Si nzova [mu gisagara ca] Gaza. Sinzokora ikosa ry'ubujuju abandi bakoze. Ibisasu vya misire vya Israel ntibitandukanye uburaruko n'bubmanuko.
“Nimba urupfu ari rwo jewe n'abana banje twandikiwe, tuzokwemera dupfire mu mihana yacu mw'iteka n'icubahiro".
Ishirahamwe Croissant Rouge rya Palestina rivuga ko ryahamagawe ku materefone na bamwe mu baba muri ico gisagara badashobora kuva mu mihana yabo kubera ibibombe vy'urutavanako.
Rivuga riti: "Amakuru ava mu gisagara ca Gaza yerekana ko abantu baba mu buzima butabaho. Ingabo [za Israel] zibandanya zikora ibitero ku turere dutuwemwo n'abanyagihugu, kandi zomora abantu mu mihana yabo no mu bibanza bahungiyemwo".
Mw'itangazo casohoye ejo ku wa gatatu, igisirikare ca Israel (IDF) kivuga ko ingabo zaco "zakoze ibikorwa vyo kurwanya iterabwoba" ku barwanyi ba Hamas n'Abanyapalestina bariko bakorera hagati mu nyubakwa ry'ishami rya ONU rijejwe gufasha impunzi z'Abanyapalestina (UNRWA) mu gisagara ca Gaza.
Iri tangazo rivuga kandi ko ingabo zuguruye “umuhora wateguwe wo guhungisha abasivire” bava aho hantu imbere y'uko zinjira muri ino nyubakwa “bagatuza aba bicanyi mu ntambara za hafi na hafi".
UNRWA ntaco irabivugako.
IDF ivuga kandi ko yishe abarwanyi batari bake mu karere ka Shejaiya k'igisagara ca Gaza yongera isambura umuhora wo mu kuzimu.
Mw'ijambo yavugiye mu nama nshingamateka ejo ku wa gatatu, umushikiranganji wa Israel ajejwe kwivuna abansi Yoav Gallant yavuze ko 60% vy'abarwanyi ba Hamas bishwe canke bagakomereka kuva igitero ca Israel gitanguye. BBC ntiyashoboye guhinyuza ibi bitigiri.
Igisirikare ca Israel catanguye intambara mu ntumbero yo gusambura umuhari Hamas mu kwihora igitero rutura co ku wa 7 Gitugutu (10) umwaka uheze, aho abantu 1200 bishwe abandi 251 nabo bagafatwa bugwati.
Abantu barenga 38.295 baramaze kwicwa muri Gaza kuva ico gihe, nk'uko bitangazwa n'ubushikiranganji bujejwe amagara y'abantu mu butegetsi bwa Hamas. Ibi bitigiri ntibitandukanya hagati y'abasivire n'abarwanyi, ariko buvuga ko muri bo, 14.680 bari abana, abagore n'abatama gushika mu mpera z'ukwa kane.













