Karim Khan: Ni nde uno mushikirizamanza wa CPI/ICC ashaka gufata Netanyahu na Putin?

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Ismail Sheikh
- Igikorwa, BBC Urdu
Sentare mpuzamakungu mpanavyaha (CPI/ICC) iriko irashaka kurungikira imitahe yo guhagarika umushikiranganji wa mbere wa Israel, umushikiranganji wo kwivuna abansi w'ico gihugu hamwe n'abategetsi ba Hamas - ku vyaha vyo mu ntambara n'ivyaha bikorerwa zina kiremwa muntu.
Umushikirizamanza wa CPI/ICC Karim Asad Ahmed Khan yasavye imitahe yo guhagarika abo bantu, afise amamuko muri Pakistani.
Mw'ijambo yashikirije sentare, Khan yavuze ko "afise ivyemeza" ko umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu n'umutegetsi wa Hamas i Gaza, Yahya Sinwar bafise uruhara mu gukora ivyaha vyo mu ntambara n'ivyaha bikorerwa zina kiremwa muntu.
Khan kandi ariko ararondera imitahe yo guhagarika abategetsi ba Hamas, Ismail Haniyeh, Mohammed al-Masri n'umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Israel Yoav Gallant.
Umushikiranganji wa mbere wa Israel Netanyahu yariyamirije itegeko rya Khan ryo gusohora umutahe wo kumuhagarika, aryita ko "ataho rishingiye kandi rihagaze ku binyoma", aniyamiriza ico yise ukugereranya Israel na Hamas k'umushikirizamanza, avyita "kuvuga ibintu uko bitari."
Mbe none n'ibihe tuzi kuri Karim Asad Ahmed Khan?
Urugendo rwo kuva Edinburgh gushika muri ICC
Karim Asad Ahmed Khan yavutse itariki 30 z'ukwezi kwa Ntwarante (3) mu 1970 i Edinburgh muri Scotland.
Se wiwe, Dr Saeed Ahmed yari umunye Pakistani. Yimukiye mu Bwongereza ava muri Pakistani mu myaka ya 1960. Nyina wa Asad Khan n'umwongereza.
Mu 1992, Karim Khan yaratanguye gukora mu butungane inyuma yo kuronka urupapuro rw'umutsindo kw'ishure rya King's College i Londres.
Ni umunywanyi wa 'Temple Garden Chambers', ikigo kiraba ivyo amatego i Londres. Afise uburambe burenga imyaka 30 mu mategeko mpuzamakungu hamwe no kuba umushingwamanza mu gateka ka zina muntu.
Afise uburambe buhanitse nk'umushingwamanza, yatanga impanuro ku bakorewe ivyaha no kuburanira abahohotewe mu gihugu no mu masentare mpuzamakungu, harimwo, ariko atari ho gusa agarukiriza, sentare mpuzamakungu mpanavyaha, sentare mpuzamakungu mpanavyaha yashiriweho Urwanda, sentare mpuzamakungu mpanavyaha yashiriweho icahoze ari Yougoslavia, ibisata bidasanzwe mu masentare ya Cambodge, sentare idasanzwe kuri Liban hamwe na Sierra Leone.
Hagati ya 1997 na 2000, Karim Khan yarabaye umuhanuzi mu bushikirizamanza bwa sentare mpuzamakungu mpanavyaha y'icahoze ari Yougoslavia na sentare mpuzamakungu mpanavyaha yashiriweho Urwanda.
Yarabaye umushingwamanza w'umuhungu wa Kadhafi

Ahavuye isanamu, Reuters
Yarabaye umushingwamanza mukuru muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha hanyuma kandi aranaburanira umuhungu wa Mouammar Kadhafi yahoze ari prezida wa Libiya, Seif al-Islam nk'umushingwamanza kuva 2016 gushika 2018.
Khan kandi yararongoye urwego rw'abashingwamanza ba ICC hagati ya 2017 na 2018.
Ni kandi umuserukizi [Global Ambassador] w'urwego rw'abashingwamanza ku mugabane wa Afrika.
Mu 2018, umunyamabanga w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres, yamugenye nk'umuhanuzi wa mbere adasanzwe w'uwurongoye umugwi wa Onu ugira amatohoza ku vyaha vyo mu ntambara n'ivyaha bikorerwa kiremwa muntu vyakozwe n'umugwi wiyita Leta ya Kisilamu ( Etat Islamique/Islamic State) muri Irak.
Itariki 12 Ruhuhuma (2) 2021, Khan yaratorewe kuba umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha mu nama y'ibihugu vyose vyashize umukono ku masezerano y'i Roma igira iya cumi n'icenda yabereye i New York. Yarahiriye ayo mabanga itariki 16 Ruheshi (6) 2021, akazomara imyaka icenda.
Ni umushikirizamanza agira gatatu muri kahise k'iyo sentare mpuzamakungu mpanavyaha, yagiyeho muri Mukakaro (7) 2002.
Si ubwa mbere muri kahise ka ICC isohora umutahe wo gufata umutegetsi akomeye.
Haraciye hafi umwaka, Karim Khan yaragize uruhara runini nk'umushikirizamanza mu gusohora imitahe yo guhagarika Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya n'umunyamabanga ajejwe agateka k'abana muri ico gihugu, Maria Levova Belova, kw'izina rya ICC.
Inyuma y'imisi mike iyo ngingo ifashwe, Uburusiya bwatanguye amatohoza kuri Karim Khan n'abandi bacamanza batatu ba ICC.
Uburusiya bwarakoze urutonde rw'abategetsi ba ICC bafise uruhara mu gufata iyo ngingo "nk'abagizi ba nabi baronderwa".
Putin yafashe ingingo yo kutaja mu nama ya BRICS yabera muri Afrika y'Epfo inyuma y'ifatwa ry'iyo ngingo, kubera ubwoba bw'uko ashobora gufatwa.
Kubera iki Khan arondera imitahe yo gufata Netanyahu n'abategetsi ba Hamas?

Ahavuye isanamu, epa
Karim Khan n'umugwi wiwe barabajije abatewe na Hamas itariki 7 Gitugutu (10) umwaka uheze, bakavuga ko abategetsi ba Hamas bafise uruhara mu gutegura no gushira mu bikorwa ico gitero.
Mu vyaha vyo mu ntambara Khan avuga ko Hamas yakoze harimwo guhonya, kwica, gufata bugwati, gufata ku nguvu no kuboreza igufa.
Kwicisha abantu inzara nk'ikigwanisho hamwe n'ibitero vya gisirikare ku basivire biri mu vyaha ICC ivuga ko Benjamin Netanyahu na Yoav Gallant bakoze.
Afatiye ku vyemezo harimwo "ivyavuzwe n'abarokotse hamwe n'ababibonye, hamwe n'ama video yagenzuwe neza, amafoto hamwe n'amajwi", umushikirizamanza Karim Khan avuga ko "Israel yatse abasivire bo mu turere twose twa Gaza ibintu vyose nkenerwa bituma umuntu ashobora kubaho, yabikoze n'ibigirankana kandi ikujijeko".
Mw'ijambo ryiwe, Khan yavuze ko Israel ifise uburenganzira bwo kwivuna, ariko ko ubwo burenganzira budaha "ububasha Israel canke ikindi gihugu ico ari co cose kutubahiriza amategeko mpuzamakungu akingira abantu".
Umumenyeshamakuru mpuzamakungu wa BBC Jeremy Bowen avuga ko ubwira bwo gushaka kwubahiriza amategeko mpuzamakungu hamwe n'amategeko araba intambara ku mpande zose, uwari we wese, ni vyo biri muri iryo jambo rya Khan, aho yisigura ku kuba yarasavye imitahe mpuzamakungu.
Khan yandika ati: "Nta musirikare n'umwe, umukomanda n'umwe, umusivire n'umwe - nta n'umwe - ari ntakorwako. Amategeko ntashobora gukora mu kurobanura. Mu gihe bibaye 'tuzokora ku buryo ahanwa.'"
'Nta n'umwe ari hejuru y'amategeko'
Mu kiganiro aherutse gutanga kuri CNN, Karim Khan yabajijwe impamvu atakoresheje ijambo jenoside mw'ikete ryiwe, impande zose ziguma zivuga.
Yishuye avuga ko "amatohoza yari akibandanya". Ibirego biri imbere y'abacamanza gushika ku matohoza amaze kuba gushika ubu nta caha ca jenoside kirimwo.
"Ariko amatohoza yacu aracabandanya, ni ibintu bitoroshe," uko ni ko yavuze, yongerako ko abategetsi ba Israel batabemereye ko binjira muri Gaza.
Khan nta nkeka afise ko urwaciwe rutarenze umurongo w'urwo umuntu yoshobora kwitega.
Akanama k'abacamanza ba ICC ubu gategerezwa gufata ingingo nimba bemera ko imitahe ishobora gusohoka. Iki gikorwa gishobora gutwara imisi itari mike.
Reta zunze Ubumwe za Amerika na Israel ntibarabwa n'ingingo za ICC.
Prezida wa Amerika Joe Biden avuga ko "ari akumiro" gusaba iyo mitahe. "Ntawoshira ku rugero rumwe - na gato - Israel na Hamas".
Mu kwezi guheze, igihe hamenyekana inkuru ko umushikirizamanza wa ICC ategekanya gufata iyo ngingo, Netanyahu yavuze ko umutahe uwo ari wo wose wa ICC ku bategetsi bakuru ba reta na gisirikare "bishobora kuba ari igitutsi kuri uko kugereranya kutari bwigere kubaho," kandi ko Israel "ifise inzira zemewe n'amategeko zikora amatohoza ku baba barenze ku mategeko."
B'Tselem, ishirahamwe rikomeye riharanira agateka ka zina muntu, rivuga ko iyo mitahe "yatumye Israel yihuta kugwa mu manga y'abakoze ibitabereye gukorwa''.
Abajijwe n'umumenyeshamakuru wa CNN ku vyashikirijwe na Netanyahu, Khan yishuye: "Nta muntu n'umwe ari hejuru y'amategeko."













