BBC yasavye imbabazi Trump kubera ihindurwa mw'ijambo ryiwe ariko yanse kumuha indishi

Iyi foto ifatanijwe yerekana umukuru w’igihugu wa Amerika ariko araganira n’abamenyeshamakuru. Yambaye ikoti yirabura, ishati yera n'ikaruvati itukura. Iyindi foto yerekana umuntu ariko aragenda hanze y’icicaro gikuru ca BBC i Londres.

Ahavuye isanamu, Reuters / AFP via Getty Images

    • Umwanditsi, Noor Nanji
    • Igikorwa, Umumenyeshamakuru w'imico

BBC yasavye imbabazi umukuru w'igihugu wa Amerika Donald Trump kw'ikosa rijanye no gufatanya ibice bidahuye mw'ijambo ryiwe ryo ku wa 6 Nzero 2021 mu kiganiro cayo Panorama, ariko yanse igisabo ciwe co kumuha indishi.

BBC yavuze ko ihindurwa muri iryo jambo ryatumye "hiyumvirwa ko Perezida Trump yari yahamagariye ibikorwa vy'intureka" rikaba ryashimangiye ko ritazosubira kwerekana ico kiganiro co muri 2024.

Ababuranira Trump bagabishije ko bashobora gushengeza BBC bagasaba indishi y'akababaro ingana n'umuriyaridi w'amadolari (£759m) kiretse ico kinyamakuru gisavye imbabazi kikanamushumbusha.

Ingaruka z'amakosa yabaye zatumye umukuru wa BBC Tim Davie n'uwujejwe igisata co kumenyesha amakuru Deborah Turness batanga imihoho ku wa Mungu.

Izi mbabazi zisabwe inyuma y'amasaha make inyamakuru co mu Bwongereza Daily Telegraph gishize ahabona akandi gace k'ikiganiro kahinduwe nk'uku nyene kaciye mu kiganiro Newsnight ca BBC mu 2022.

Mu gice ca kirya kiganiro cakosowe casohowe ku wa kane ku mugoroba, BBC yavuze ko ikiganiro Panorama casubiwemwo [casuzumwe] inyuma y'aho haneguwe ukuntu ijambo rya Trump ryahinduwe.

BBC yagize iti: "Turemanga ko ihindurwa ryatumye, tutabishaka, hiyumvirwa ko twariko twerekana agace kamwe kabandanya k'iryo jambo, atari uduce twakuwe ahantu hatandukanye, ivyo bikaba vyatumye hiyumvirwa ko Trump yariko ahamagarira ibikorwa vy'akajagari".

Umuvugizi wa BBC yavuze ko abayiburanira bandikiye umugwi w'abanyamategeko bunganira Trump mu ntumbero yo kwishura ikete bari barungikiye BBC ku musi w'Imana.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Bavuze ko "Umukuru w'inama y'ubutegetsi ya BBC Samir Shah yarungikiye White House ikete ku giti ciwe asigurira neza Perezida Trump ko we n'ikigo ahagarariye bababajwe n'ihindurwa ryabaye mw'ijambo ryiwe ryo kw'igenekerezo rya 6 Nzero 2021, ryaciye mu kiganiro".

Bongeyeko bati: "N'ubwo BBC yicuza ku kuntu iyo reresi yahinduwe, irahakana yivuye inyuma ko harimwo intumbero yo gutyoza".

Mw'ijambo rya Trump yavuze ati: "Turaja gufata urugendo gushika ku ngoro y'amakoraniro, kandi turaja gutera intege abakenguzamateka bacu b'intwari, n'abashingantahe hamwe n'abapfasoni b'abashingamateka."

Inyuma y'iminota irenga 50 muri iryo jambo, yabandanije ati: " Kandi turarwana. Turarwana nk'abarwanira ubuzima bwabo".

Mu kiganiro Panorama, agaragara ariko avuga ati: "Turaja gufata urugendo gushika kuri Capitol... kandi nja kuba ndi kumwe namwe. Vyongeye, turarwana. Turarwana nk'abarwanira ubuzima bwabo."

Aganira na Fox News, Trump yavuze ko ijambo ryiwe "ryagandaguwe" kandi ko uko yerekanywe "vyayobeje" abakurikiye ikiganiro.

Mw'ikete ryayo yarungikiye abanyamategeko bunganira Trump, BBC iratanga imvo zitanu zituma yibaza ko idakwiye kwitaba ubutungane.

Ubwa mbere ivuga ko itari ifise uburenganzira bwo gutangaza ico kiganiro Panorama ku butaka bwa Amerika kandi ko itigeze inagicisha ku mihora yayo iri muri Amerika.

Igihe ico kiganiro cari kimaze gushirwa kuri BBC iPlay (ubuhinga butuma umuntu akurikira ibiganiro vy'imboneshakure za BBC), abari barekuriwe kugikurikirana bari abantu bari ku butaka bw'Ubwongereza gusa.

Ubwa kabiri, isigura ko ico kiganiro kitigeze gitera ingorane Trump kubera mu misi mike yakurikiye yasubiriye gutorwa nk'umukuru w'igihugu.

Ubwa gatatu, BBC ivuga ko ako gace k'ijambo [rya Trump] katari gafise intumbero yo kuyovya, ahubwo ko yari intumbero yo kugabanya ijambo, kandi iryo hindurwa ritakozwe mu ntumbero y'ububisha.

Ubwa kane, ivuga ko ako gace katari kagenewe kurabwa kari ukwa ko nyene. Ahubwo, kari gafise umwanya w'imisegonda 12 mu kiganiro c'isaha yose, cari gisanzwe kirimwo mbere n'ayandi majwi menshi ashigikira Trump.

Ubwa nyuma, iciyumviro ku ngorane zijanye n'inyungu rusangi hamwe n'ijambo rya politike birakingirwa cane n'itegeko ryo muri Amerika rigenga ibijanye no gucafuza.

Ibirego bishasha bijanye n'ihindurwa riyovya

Ku wa kane, BBC yagirijwe irindi hindurwa riyovya mw'ijambo rya Trump ryo kw'igenekerezo rya 6 Nzero muri 2021, imyaka ibiri imbere y'uko agace k'ikiganiro Panorama gatangazwa.

Mu kiganiro Newsnight co muri 2022, iryo hindurwa riratandukanye gato n'iryo mu kiganiro Panorama.

Trump agaragara ariko avuga ati: "Turaja gufata urugendo gushika ku ngoro y'amakoraniro, kandi turaja gutera intege abakenguzamateka bacu b'intwari, n'abashingantahe hamwe n'abapfasoni b'abashingamateka...Kandi turarwana. Turarwana nk'abarwanira ubuzima bwabo. Kandi nimutarwana nk'abarwanira ubuzima bwabo, nta gihugu muzosubira kuronka namba".

Ivyo vyakurikiwe n'ijwi ry'uwashikiriza ikiganiro Kirsty Wark avuga ati "kandi bararwanye koko" ku masanamu y'imigumuko yo kuri Capitol [ingoro ikoreramwo inama nshingamateka na nkenguzamateka].

Umuvugizi w'umugwi w'abanyamategeko bunganira Trump yabwiye ikinyamakuru Telegraph co mu Bwongereza ko "ubu bisigaye bigaragara ko BBC yinjiye mu ngendo yo gutyoza umukuru w'igihugu Trump".

Imyitwarariko ku kiganiro Panorama cerekeye Perezida Trump yatanguye kuja ahabona igihe ubutumwa bw'indani muri BBC [memo], bwandikwa n'uwahoze ari umuhanuzi yigenga wo muri komite iraba ibijanye n'amategeko hamwe n'umurongo w'ingene inkuru zikorwa, buca bwandikwa n'ikinyamakuru Telegraph.

Hambavu y'ivyo, urwo rwandiko rwanegura kandi ingene BBC ikora amakuru yerekeye abahindura igitsina, n'ingene igisata cayo kivuga amakuru mu rurimi rw'icarabu, BBC Arabic, gikora amakuru yerekeye intambara ya Israel na Gaza.