Umuyobozi mukuru wa BBC n'uwujejwe ivy'amakuru beguye kubera ihindurwa mw'ijambo rya Trump

Ifoto ifatanyije ya Tim Davie (i bubamfu) na Deborah Turness (i buryo)

Ahavuye isanamu, PA/BBC

Insiguro y'isanamu, Tim Davie (i bubamfu) na Deborah Turness (i buryo)
    • Umwanditsi, Aleks Phillips na Helen Bushby, umunyamakuru ku muco

Umuyobozi mukuru wa BBC Tim Davie n'umukuru w'igisata kijejwe amakuru Deborah Turness batanze imihoho inyuma y'aho baneguwe kw'ikosa rya BBC ryo guhindura ijambo rya Donald Trump mu kiganiro kizwi nka Panorama cayobeje abagikurikira.

Davie, yari amaze imyaka itanu ari muri ayo mabanga, yari amaze imisi ari ku gitsure gikomeye kubera amatati n'ivyagiriji bijanye no guhengama bikurikirana ico kimenyeshamakuru c'abaturage.

Ku wa mbere uheze, ikinyamakuru Telegraph co mu Bwongereza cashize ahabona urwandiko rw'imbere muri BBC ruvuga ko ikiganiro ca Panorama cahinduye ibice bibiri vy'ijambo rya Perezida Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu kubifatanya ku buryo bisa n'ivyerekana ko yariko ashigikira mu buryo bugaragara imigumuko yo muri Capitol muri Nzero (1) mu 2021.

Abategetsi mu Bwongereza bavuga ko bizeye ko uko gutanga imihoho gushobora gutuma ibintu bihinduka, mu gihe Trump nawe yashimye iyo ngingo.

Ntivyari bwigere bibaho ko umuyobozi mukuru wa BBC n'umukuru w'igisata kijejwe amakuru batangira imihoho umusi umwe.

Mu gutangaza iyo ngingo ku musi w'Imana ku mugoroba, Davie yavuze ati: "Nk'uko bigenda mu mashirahamwe yose ya reta, BBC ntabwo ari nta makemwa, kandi dutegerezwa kwama dutanga amakuru, dukora mu muco kandi tukemanga ibitagenze neza.

"N'ubwo atari yo mpamvu yonyene, impari ziriko ziraba ku vyerekeye BBC zatumye mfata ingingo yanje.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

"Muri rusangi BBC iriko ikora neza, ariko hari amakosa yakozwe kandi jewe nk'umuyobozi mukuru ntegerezwa kuvyemanga."

Mw'itangazo ku w'Imana mw'ijoro, Turness yavuze ko impari zerekeye ikiganiro Panorama "zashitse ku rugero rutera ingorane BBC", yongerako ati: "Ibi bigaruka kuri jewe."

Agira ati: "Mu bijanye n'amabanga y'igihugu, abarongozi bategerezwa kubazwa vyose, kandi ni co gituma ntanze imihoho. Ariko n'aho amakosha yabaye, nashaka gutanga umuco ku bivugwa ko BBC muri rusangi ifise akantu ko guhengama muri yo gashingiye mu nzego atari vyo.

Turness yari amaze imyaka itatu ari umuyobozi mukuru w'igisata c'amakuru.

Ubwo butumwa bw'imbere muri BBC (memo) bwashizwe ahabona na Telegraph bwavyuye amakenga ku bijanye n'ukuntu ata kiriko kirakorwa kugira haboneke umuti w'ivyo yita nk'"ingorane zijanye no guhengama" kw'igisata ca BBC gitangaza amakuru mu Carabu (BBC Arabic), mu gutanga amakuru yerekeye intambara hagati ya Israel na Gaza.

Mw'ijambo ryiwe i Washington DC kw'igenekerezo rya 6 Nzero mu 2021, Trump yavuze ati: "Turaja gufata urugendo gushika ku ngoro y'amakoraniro, kandi turaja gutera intege abakenguzamateka bacu b'intwari, n'abashingantahe hamwe n'abapfasoni b'abashingamateka."

Ariko rero, mu vyo Panorama yahinduye, yerekanywe avuga ati: "Turaja gufata urugendo gushika kuri Capitol... kandi nja kuba ndi kumwe namwe. Vyongeye, turarwana. Turarwana gushika ku wa nyuma."

Ivyo bice bibiri vyari vyafatanijwe, mu ntango vyari bitandukanye iminota irenga 50.

Tim Davie ahereje ukuboko Perezida w’Ukrayne Volodymyr ZelenskyTim

Ahavuye isanamu, BBC/Jeff Overs

Insiguro y'isanamu, Tim Davie (iburyo), aboneka ari kumwe n'Umukuru w'igihugu ca Ukraine Volodymyr Zelensky mu 2024, yari amaze imyaka itanu ayoboye BBC

Ugushira ahabona ubwo butumwa bw'imbere muri BBC kwatumye haduka ukuyinenga, mu bayinenga hakaba harimwo n'ibiro bya perezida w'Amerika (White House), bivuga ko iyo sosiyete "itanga amakuru y'ibinyoma 100% [ijana kw'ijana]".

Trump yavuze ku bijanye n'itanga ry'imihoho ku musi w'Imana, avuga ko abategetsi bakuru bo muri BBC bariko barava mu mabanga canke bariko barabogozwa "kubera ko bafashwe bariko "barahindura" ijambo ryanje ryiza cane ryo ku wa 6 Nzero.

Yanditse ati: "Abo ni abantu b'abanyabinyoma cane bagerageje no kwivanga mu matora ya Perezida". "Mbega akamaramaza kuri Demokarasi!"

Deborah Turness ahagaze, inyuma yiwe hari icumba gitegurirwamwo amakuru kuri BBC

Ahavuye isanamu, Jeff Overs / BBC

Insiguro y'isanamu, Turness yavuze ati: "Amajambo aheruka kuvugwa ko BBC News irimwo akantu ko guhengama muri kamere yayo si ukuri."

Bamwe mu bamenyeshamakuru baraneguye ingene BBC yavyifashemwo muri iyo ngorane ya vuba.

Roger Mosey, yahora ari akuriye amakuru yo ku mboneshakure ya BBC News, yavuze ko BBC News "yari yatevye kwishura ku birego biherutse gushikirizwa".

Yabwiye BBC News ko uguhindura ijambo rya Trump "gusa n'ukudashobora gukingirwa", mu gihe ibindi bibazo vyashikirijwe mu rwandiko rw'imbere [muri BBC] rwavyuye iyindi myitwarariko, nk'ururimi rujanye n'ingorane z'abihinduye igitsina, vyari bimwe mu vyo BBC "itegerezwa guhindura ikongera igatunganya gushasha n'umurongo wayo wo gukora amakuru igihe cose".

Yabwiye BBC News ko guhindura ijambo rya Trump "bidasa n'ibishobora kwihanganirwa", mu gihe Dorothy Byrne, yahoze ari umuyobozi w'amakuru kuri Channel 4, yaneguye BBC kubera atari gusa gukora "ikosa risanzwe" ariko kandi no "mu gufata igihe kirekire mu gusaba imbabazi".

Davie, yari amaze imyaka 20 akorera ico kigo, yagaragaje ko "ukumenyeshamakuru kwacu n'amakuru dutanga bibandanya gukundwa nk'icitegererezo c'iteka" kandi ko iki kigo "cuzuye ubuntu, ukwihanganirana n'ukwipfuza kumenya".

Yavuze ko igihe ciwe co kugenda - kizoba kirimwo "ibisikanya mu buryo butunganije" ku wuzomusubirira mu mezi ari imbere - kizoba akaryo ku muyobozi mushasha ko "gutunganya neza" ihinyanyurwa ryimirije ry'amategeko agenga BBC (Royal Charter).

Ayo mategeko ngenderwako ategekanya uburyo (amahera) BBC ikoresha, n'ivyo isabwa mu mikorere, kandi ayo masezerano aganirwako na reta. Ni ngombwa ko ayandi masezerano aba yabonetse imbere y'uko ayahasanzwe arangira mu mpera za 2027.

Davie, ari kumwe n'Umwami Charles, bari mu nyubako ya BBC irimo abandi bantu.

Ahavuye isanamu, BBC/Patrick Olner

Insiguro y'isanamu, Davie, ari kumwe n'Umwami Charles, yari yasuye ishami rya BBC ryo muri Wales mu mwaka wa 2022

Kemi Badenoch, umukuru w'umugambwe w'aba Conservative utavuga rumwe n'ubutegetsi, yavuze ko ari "ibibereye" kubona Davie na Turness batanze imihoho, ariko asigura ko hari "urukurikirane rw'amakosa akomeye afise imizi miremire" rudashobora "kuzimanganywa n'ugutanga imihogo kw'abantu babiri gusa".

Badenoch yavuze ko BBC "itokwitega ko abanyagihugu bazobandanya kuyiha amafaranga biciye ku mafaranga bariha kugira baronke uburenganzira bwo kubona imboneshakure canke ngo baronke serivise za BBC, kiretse ishoboye kugaragaza ukwigenga guhagije".

Sir Ed Davey, umuyobozi w'umugambwe wa Liberal Democrats, yavuze ko ugutanga imihoho "gukwiye kuba akaryo ka BBC ko gutangura ubuzima bushasha", yongerako ati: "BBC si nta makemwa, ariko iracari kimwe mu bigo bike bicihagazeko hagati y'imico yacu y'Abongereza no kwirinda ko politike yacu yigarurirwa n'umurongo wa politike wo kwikundisha ku banyagihugu, umeze nk'uwa Trump".

Nigel Farage, umuyobozi w'umugambwe wa Reform UK, yavuze ko uku kuva mu mabanga gukwiye kuba "intango y'impinduka nini", asaba reta kugena umuyobozi afise "uburambe bwo guhindura ibigo n'umuco wavyo".

Inama nyobozi ya BBC ni yo ijejwe gutora umuyobozi mukuru, yisunze amategeko agenga ico kigo.

Imbere yo kugenwa mu mabanga mu 2020 nk'umuyobizi mukuru wa BBC agira 17, asubiriye Lord Hall, Davie yari asanzwe ari umuyobozi wa BBC Studios, kandi imbere y'aho naho yari ajejwe kwamamaza muri Pepsi na Procter & Gamble.

Turness yarigeze kuba arongoye ibigo vy'amakuru nka ITN na NBC News International.

BBC yagiye igira abayobozi bakuru batanze imihoho harimwo nka George Entwistle, yavuye mu mabanga mu 2012.

Abazosubirira Davie na Turness, abo ari bo bose, bazoshikira ku rutavanako rw'inkuru zinegura BBC.

Mosey yavuze ko umuyobozi mukuru wa BBC ategerezwa kuba "umuntu w'ubukomezi cane", kandi yibaza nimba bidakenewe ko ubuyobozi bw'iki kigo bugaburwamwo kubiri, ubujejwe ivy'amakuru n'ubujejwe uburongozi bw'ishirahamwe.