Ububirigi bushaka kuburanisha uwari umukozi wo mu buserukizi ku rupfu rwa Lumumba

Ahavuye isanamu, Pictorial Parade/Getty Images
Abashikirizamanza b'Ububirigi bavuga ko bariko barondera kuburanisha uwahoze akora mu biro vy'ubuserukizi bwabwo ubu afise imyaka 92 ku ruhara yoba yaragize mw'igandagurwa ry'incungu y'ukwikukira kwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo, Patrice Lumumba, mu 1961.
Etienne Davignon yagirizwa uruhara mw'"ihagarikwa" rya Lumumba "mu buryo buteye kubiri n'amategeko" agatwarwa mw'ibohero ico gihe, aho "yafashwe nabi kandi mu gasuzuguro", niko ibiro vy'umushikirizamanza bivuga. Wewe ntaco arabivugako.
Abana ba Lumumba baritwaye mu 2011 mu Bubirigi basaba ko ubutungane bwokora kw'igandagurwa rya se wabo yari afise imyaka 35.
Yishwe arashwe n'umurwi w'abasirikare barasa abaciriwe urwo gupfa (peloton d'exécution) mu buryo bugaragara ko bari bashigikiwe n'Ububirigi bwahoze burongoye gikoloni iki gihugu ca Afrika gitunze amabuye y'agaciro menshi cane, ubu kizwi nka Repubulika ya Demokarasi ya Congo.
Ikiziga ciwe catawe muri aside (acid) ariko iryinyo ryiwe ry'inzahabu ryarasigaye. Abategetsi b'Ububirigiri barishikirije umuryango wa Lumumba mu 2022.
Umurwi w'inama nshingamateka y'Ububirigi yari ijejwe amatohoza yanzuye mu 2001 ko Ububirigi bwagize "uruhara" muri iri gandagurwa, reta ikaba yasavye imbabazi umuryango wa Lumumba hamwe n'igihugu ca Congo inyuma y'umwaka.
Davignon ni we wenyene akiri muzima mu Babirigi cumi bagirijwe uruhara mw'igandagurwa rya Lumumba, nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru AFP.
Yari mu myimenyerezo mu bijanye n'imigenderanire ico gihe Lumumba yagandagurwa, akaba yarabaye icegera c'umukuru wa Komisiyo y'Ubumwe bwa Bulaya" mu myaka ya 1980.
Umucamanza ni we azofata ingingo nimba akwiye kuburanishwa, aho bitegekanijwe ko arengutswa muri Nzero (1) 2026.
Umukobwa wa Lumumba, Juliana, yakirije yompi iyi ngingo, akaba yabwiye ikimenyeshamakuru co mu Bubirigi RTBF ati: "Biriko biragenda neza. Ico turondera ni, imbere ya vyose, ukuri".
Lumumba yabaye umushikiranganji wa mbere igihe Congo yaronka intahe y'ukwikukira mu 1960, ariko igihugu kikaba kitatevye kwinjira mu mvururu.
Mu nyuma yarabogojwe muri aya mabanga, hanyuma aza kugandagurwa n'umurwi w'abasirikare bajejwe kurasa abaciriwe urwo gupfa, Ububirigi na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, vyompi bikaba vyaragirijwe kugira uruhara mw'igandagurwa ryiwe.
Ikiziga ciwe cahambwe mu mva ngufi cane, mu nyuma kirazurwa, gitwarwa ku birometero 200, gisubira guhambwa ukundi, congera gisubira kuzurwa hanyuma kirakatwakatwamwo ibihimba, bikaba vyagiye kurangira bitawe muri aside.
Komiseri w'igipolisi w'Umubirigiri, Gérard Soete, yahagarikiye yongera agira uruhara mu gusambura ibisigarira vya Lumumba, ni we yabitse iryo ryinyo ry'inzahabu.
Mu nyuma ibi yaravyemeye, aravuga ko hari n'irindi ryinyo n'intoke zibiri vyabitswe, ariko ibi ntibirashobora kuboneka.
Urugendo rwa Lumumba kuva abaye umushikiranganji wa mbere gushika agandagurwe rwamaze ikiringo kidashika amezi indwi.
Akanya gato kironse intahe y'ukwikukira, igihugu caciye cinjira mu ntambara y'abagomba kwiyonkora igihe intara ya Katanga yo mu bumanuko bushira ubuseruko itunze ubutare bwinshi yatangaza ko yitandukanije n'igihugu.
Mu mvururu za poritike zakurikiye, ingabo z'Ububirigi zararungitswe muri ico gihugu ku vyitwazo vyo gukingira Ababirigi, ariko bashitseyo baciye bifatanya n'ubutegesi bwa Katanga, bwaboneka ko bwobwo bufise impuhwe gusumba.
Lumumba we ubwiwe yarabogojwe mu mabanga y'umushikiranganji wa mbere n'uwari umukuru w'igihugu ico gihe, Joseph Kasavubu, hanyuma inyuma y'indwi imwe uwari umukuru w'ibiro bikuru vya gisirikare, koroneri Joseph Mobutu, aca afata ubutegetsi.
Lumumba yaciye afatwa arapfungwa, mu nyuma aratoroka, ariko asubira gufatwa muri Kigarama (12) 1960, apfungirwa i Kinshasa, mu burengero bw'igihugu.
Kumugumiza muri ako karere vyabonwa ko bishobora guteza umutekano muke, ari co gituma reta y'Ububirigi yahimirije abategetsi kumwimurira muri Katanga.
Muri urwo rugendo rwo ku wa 16 Nzero 1961, yagiye arakubagurwa. Bamushikanyeyo yabandanije akubitwa mu gihe abategetsi ba Katanga bariko biyumvira ico bamukoza.
Bahavuye bafata ingingo ko ashikirizwa umurwi w'abasirikare barasa abaciriwe urwo gupfa, ari na ho ku wa 17 Nzero yaraswa, ari kumwe na bagenziwe babiri.













