Burundi-Belgique: Itohoza ku bukoroni...'mubona tutari ibiremwabantu?'

Ahavuye isanamu, Burundi/Nshingamateka
Ku ncuro ya mbere kuva Uburundi buvuye mu bukoroni bw’Ububirigi haraheze imyaka 60, intumwa z’Ububirigi zaje muri ico gihugu mu gikorwa co gutohoza kuri ako kahise karanzwe n’amabi menshi.
Ni gikorwa kizoba kandi mu Rwanda no muri Repuburika ya Demokrasi ya Congo navyo vyatwawe gikoroni n'Ububirigi.
Uwo mugwi udasanzwe w'inama nshingamateka y'Ububirigi ku wa kabiri wagendeye ubwa mbere inama nshingamateka y'Uburundi.
Umukuru wawo Wouter De Vriendt yamenyesheje ko washinzwe mu 2020 ukaba ujejwe:
- gushira ahabona ukuri ku vyabaye, uruhara rwa reta n'izindi nzego z'Ububirigi
- kwemera ivyabaye, gusubiza hamwe no gushinga niba hoba inshumbusho bibabe ngombwaa
- kwerekana isano riri hagati ya kahise k'ubukoroni n'macakubiri n'ikumira bikirangwa mu Bubirigi gushika ubu
Wakiriwe n'umukuru w'inama nshingamateke y'Uburundi, Gelase Ndabirabe, ari kumwe n'ibiro vy'inama arongoye n'abakuru b'imigwi itandukanye iri muri urwo rwego.
Hari kandi n'abatumire bamwe bamwe nk'umukuru w'umugwi ujejwe kumenya ukuri ku mabi yashikiye Uburundi kuva ku gihe c'ubokoroni.
Wabwiwe iki n'inama nshingamateka y'Uburundi?

Ahavuye isanamu, Burundi/Nshingamateka
Umukuru w'inama nshingamateka y'Uburundi, Gelase Ndabirabe, yabwiye uwo mugwi ko 'twebwe abakoronijwe dufise vyinshi vyo kubabwira".
Ndabirabe yasomeye izo ntumwa amabi y’agahomerabumwa abakoroni b’ababirigi bakoreye Uburundi n’ibindi bihugu vyose baciyemwo.
Harimwo, kwica, gusahura itunga ry'igihugu, kubiba amacakubiri, ariko na cane cane gufata uwukolonijwe nk’uwufise agaciro kari munsi y’ak'igikoko.
Ati: "Koko muturaba amaso mu yandi, mubona tutari ibiremwa-bantu?
"Mubona ko tudafise ubwenge, ko vyari bikwiye ko mudukorera amabi nk'ayo mwadukoreye?"
Umukuru w’inama nshingamateka yabumvishije ijwi ry’umwami w’ababirigi Leopold Wa Kabiri aho yariko aratuma abamenyeshamana gukoresha ijambo ry'Imana mu gukorera amabi abanye-Congo no kubumvisha ko bategerezwa kuyemera no kuyihanganira kugira "bazokwinjire mu bwami bw'Imana".
"Kandi niko mwabikoze n'ahandi" nk'uko yababwiye.
Umwami w'Ababirigi Leopold II yamaze imyaka irenga 20 -kuva mu 1885 gushika mu 1908- ikiri ubu Repuburika ya Demokrasi ya Congo yakigize icibare (itongo) ciwe bwite imbere y'uko agishikiriza reta y'Ububirigi.
Uburundi n'Urwanda (Rwanda-Urundi) vyo vyahawe Ububirigi inyuma y'intambara ya kabiri y'isi yose (1914-1918) Ubudagi buhejeje gustindwa.
Uwo mugwi wamenyesheje ko washinzwe kugira ivyabaye vyose ku gihe c'ubukoroni bivugwe n’abo vyabayeko, uvyumvirize maze uzoshike ku cegeranyo c’ivyo Ububirigi n’ibihugu bwatwaye gikoroni vyokora kugira bitangure umubano mushasha.
Icegeranyo citezwe mu mpera z’uyu mwaka.










