DR Congo: Batanu bararega Ububirigi gutandukanywa n'imiryango yabo

Lea Tavares Mujing

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Lea Tavares Mujinga, umwe muri abo bagore bitwariye Ububiligi yafashwe igito ashitse muri sentare ku wa kane

Abagore batanu bamuka kuri ba nyina b'abanya-Congo bavuga ko batandukanijwe n'imiryango yabo mu gihe c'ubukoroni bagiye muri sentare mu rubanza baregamwo Ububirigi ivyaha bikorerwa zina kiremwa muntu.

Abo bagore bavuga ko batswe ba nyina babo b'ababirabure bakivuka ata kindi gishingiweko atari ibara ry'urukoba rwabo.

Abo batanu bari mu bihumbi n'ibihumbi vy'abana batswe imiryango yabo bakajanwa mu marerero y'abihebeye Imana mu gihe c'ubukoroni.

Benshi ntibemewe na base babavyaye.

Abo bituye sentare ntibajanywe mu Bubirigi igihe igihugu ca Repuburika ya Congo - nk'uko citwa ico gihe - caronka intahe yo kwikukira mu 1960.

Reta y'Ububirigi ntiyemera ivyabashikiye ko bifatwa nk'icaha gikorewe zina muntu, icaha kidata igihe mu gukurikiranwa.

Vyagenze gute?

Mu gihe c'ubukoloni bwakozwe n'Ububirigi mu myaka y'i 1908 kugeza mu myaka ya za 1960 muri Congo, mu Rwanda no mu Burundi, abana babarirwa mu bihumbi bavutse ku bagabo b'abazungu n'abagore b'abiraburakazi, batandukanijwe na ba nyina babo ku nguvu bajanwa kurererwa mu bigo vyayoborwa n'abihebeye Imana.

Mu Rwanda benshi bajanywe mu kigo cari i Save mu majyepfo y' Urwanda, cari caragenewe abana b'imvange z'amaraso y'abazungu n'abirabure. Ibigo nk'iki ariko vyari no muri Congo.

Abana bagera ku bihumbi 20 bagizweko ingaruka zo gutandukanywa na ba nyina babo.

Abavyeyi b'ababirigi ni bo bijanira abana babo mu bigo by'impfuvyi-kandi bari bafise abavyeyi bompi.

Benshi mu bagore b'Abanyarwandakazi, Abarundikazi n'Abakongomanikazi, bambuwe abana babo ku mezi mace bakibavyara, ntibongeye gusubira kubakubita ijisho.

Insiguro y'amajwi, Ikiganiro ku buzima bw'abana b'imvange bo mu gihe cy'ubukoloni bwakozwe n'Ububiligi