Gavi yiyemeje kugurira Afrika incanco 500.000 za Mpox

Urucanco

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ishirahamwe mpuzamakungu ritanga incanco ku bihugu bikenye GAVI ryiyemeje kugurira Afrika amadoze 500.000 y’incanco za ca kiza c’ibihara vy’inguge, kizwi nka Mpox, nk’uko biri mw’itantangazo iri shirahamwe ryaraye risohoye.

Iri shirahamwe rivuga ko izi ncanco zihingurwa n’uruganda Bavarian Nordic zizotangwa mu mpera z’uno mwaka wa 2024, mu mugambi mushasha waryo w'imfashanyo yihuta y'incanco mu gihe hadutse ikibazo c'amagara y'abantu cihutirwa.

Gavi yiyemeje kandi kuzotanga imiriyoni zababa 50 z’amadorari y’Abanyamerika zo kwunguruza izi ncanco no kuzishikana aho zizoba zigenewe.

Dr. Richard Mihigo, umwe mu bayobobozi bakuru b‘ishirahamwe Gavi yabwiye BBC ko izi ncanco zizotangura gukwiragizwa mu misi iri imbere mu bihugu bizikeneye, babicishije mw’ishirahamwe ryitaho abana kw’isi, UNICEF, hamwe n’ikigo kijejwe kugenzura no kurwanya ingwara muri Afrika CDC, bivanye “n’ingene ibihugu vyazisavye”.

Ikiza Mpox catanguye kwibonekeza muri Munyonyo (11) umwaka uheze wa 2023 muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DR Congo), mu nyuma gica gikwiragira mu bindi bihugu bitari bike vya Afrika.

Dr Mihigo avuga ko ubu ibiharuro vy’abandura bigenda vyiyongera mu bindi bihugu, ariko akavuga ko atazi neza ibihugu zizorungikwamwo, mu gihe bizwi ko ibihugu vy’Uburundi, Urwanda na Uganda bihana urubibe na DR Congo navyo bimaze guterwa n’iki kiza.

Aremeza ko izi ncanco zidahagije kubera iduga ry’ibitigiri vy’abandura, akavuga ko iyi ari “intererano ya GAVI mu kuraba natwe ingene twotabara, hampande y’ibindi bihugu navyo biriko biraraba ingene vyotanga imfashanyo”.

Mu ntango z’uku kwezi kw'icenda, ishami rya OMS rikorera muri DR Congo ryatangaje ko ibi bihara vy’ingunge bimaze kwica abantu barenga 630 muri ico gihugu kuva mu ntango z’uno mwaka, abarenga 20.000 nabo bagakekwa ko banduye.

Dr Mihigo avuga ko mu ncanco zishika ibihumbi 265 DR Congo imaze guhabwa, Gavi ikaba yatanzemwo izigera ku bihumbi 15, izindi nyinshi muri zo zikaba zatanzwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Bulaya, nk’uko abivuga.

Ibihugu bitari bike vya Afrika bikenye nta buryo bifise bwo kwigurira izi ncanco za Mpox zisanzwe zizimvye. Itororokanirizo ry’amakuru Reuters ryandika ko urucanco rumwe rwa Mpox ruhingurwa na Bavarian Nordic rugurwa amadorari 100 y’Abanyamerika.

Ikigo CDC kivuga ko Afrika yonyene ishobora kuzokenera incanco zishika imiriyoni 10.

Ibihara vy’inguge, canke Mpox, ni ingwara yica, uwuyanduye akerekana ibimenyetso bisa n’ivyo umuntu arwaye ibicurane hanyuma hakaza uruherehere rwuzuye amashira, ikaba yandukira cane mu gukoranako.

Ku wa 13 Myandagaro (8), niho ishami rya ONU rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS, ryatangaza ko iyi ngwara ari ikibazo c'amagara y'abantu cihutirwa, inyuma y’aho ubwoko bushasha bwayo, buzwi nka clade Ib, butanguye kwibonekeza muri DR Congo no mu bihugu bibanyi.

Gushika ubu, Mpox iramaze gushika mu bihugu hafi 15 vya Afrika ariko DR Congo na Nigeria ni vyo vyonyene bimaze guhabwa incanco zayo.