Ibihara vy'inkende: Igisagara ca Bujumbura kigeramiwe gusumba ahandi mu Burundi

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Cyriaque Muhawenayo
- Igikorwa, BBC Gahuza
Ubushikiranganji bw'amagarara y'abantu buvuga ko gushika kw'itariki 18 Myandagaro (8) abantu bari bamaze kwandura akaranda k'ibihara vy'inkende (Mpox) bashika 153.
Muri bo, 26 bari baravuwe barakira ariko harimwo na bashasha 11.
Umushikiranganji w'amagara y'abantu Lydwine Baradahana avuga ko akarere k'ubuvuzi karimwo abanduye akaranda k'ibihara vy'inkende benshi ari mu buraruko bw'igisagara ca Bujumbura - Bujumbura Mairie Nord, cane cane mu mazone ya Kinama na Kamenge. Abamaze kwandura muri ako gace bashika 45.
Uburere bw'ubuvuzi 26 ni bwo bumaze kubonekamwo n'imiburiburi umuntu umwe afise iyo ngwara kuri 49 bugize Uburundi.
Ahimiriza abantu gukaraba avuga ko ari ingwara iterwa n'imigera yoroshe kugwanya n'isuku.
Umushikiranganji Lydwine Baradahana agira ati: "[Ni] Gukaraba, kudakoranako, kudashurashura. Urinze ushurashura uba wakoranyeko cane.
"Ikibabaje rero, imaze gufata umuntu wa mbere yashurashuye, ica yaduka no mu bana. Duca dusigara tuyanduzanya mu gukoranako."
Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu mu Burundi buhamagarira abantu gufata ingingo nk'izari zafashwe igihe hatera ikiza COVID no kwuzubahiriza.
Buhamagarira abantu gushira amazi yo gukaraba ku mabutike, ama 'pharmacie', ku masoko, ahantu hose hahurira abantu benshi kandi "tubigire itegeko nka kumwe twabigira muri COVID."

Ahavuye isanamu, UBUSHIKIRANGANJI BW'AMAGARA Y'ABANTU/BURUNDI
Kuvura iyo ngwara
Iyo ndwara iragoye kuvura kandi itwara uburyo bwinshi.
Umushikiranganji Lydwine Baradahana avuga ko umugwayi umwe atwara amahera arenga umuriyoni w'amarundi.
Umushikiranganji Baradahana abandanya avuga ko kuvura umugwayi bisaba ibikoresho vyinshi kandi bizimvye.
Ati: "Tubogesha amaserumu. Nk'umuntu umwe turashobora kumwogesha amaserumu arenga cumi ku musi.
'' Hanyuma tugaca tumushirako birya bintu bashira ku bantu baba bahiye kugira turabe ko ibikomere vyokuma. Birya bintu rero birazimvye cane.
"Amashuka aryamako duca duta."
Avuga kandi ko amara ikiringo kinini mu bitaro ariko aravurwa -hagati y'indwi zitatu n'ukwezi.
Yishura ku mpamvu abanduye bateba mu bitaro, uwo mushikiranganji agira ati: "Hakiriho agahere na gato gaseruka, umugwayi ntataha kuko aba ashobora kwanduza abandi,"
Aragabisha abantu ko boshira inguvu mu kwikingira ngo ntibagume biteze incanco kuko zizimvye cane.
Avuga ko mu gihe mu bihugu vya Buraya uruncanco rugurwa amadorari 100 (hafi 300.000 mu marundi), rugeze muri Afrika rugurwa amadorari 200 ( hafi 600.000 mu marundi).
Ibimenyetso vy'uko wanduye ibihara vy'inkende biza kugaragara inyuma y'imisi 14.
Inzitizi
Uburundi bwatangaje icese ko bwatewe n'akaranda k'ibihara vy'inkende itariki 25 Mukakaro (7) 2024.
Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu buguma busigurira abanyagihugu ingene boyirinda ariko kandi buvuga ko hakiriho inzitizi.
Zimwe zikaba:
- Kutagira uburyo bwo kumenya abantu bose baba bakoranyeko n'uwanduye
- Kubura ibikoresho bikwiye vyo gupima iyo ngwara, kudashika hose guhimiriza abanyagihugu ingene boyirinda
- Kutagira ibibanza bikwiye vyo gushiramwo abamaze kwandura
- Gukarihiriza ubwenge abari mu gikorwa co kuyigwanya
- Kutagira abakozi/uburyo bashinzwe kubura iyo habonetse uwugaragayeko ibimenyetso
- Kubura amazi mu gisagara ca Bujumbura, agahembo kadakwiye ku bakozi
- Gukurikirana abagwayi baba bakize batashe mu mihana yabo.
Mpox, ingwara yandukira cane ikunzwe kwitwa ibihara vy'inkende, yiswe ikibazo c'amagara y'abantu cihutirwa muri Afrika n'urwego rwo hejuru rujejwe amagara y'abantu kuri uyu mugabane muri uku kwezi kwa Myandagaro (8) 2024.
Abahinga bo mu kigo ca Afrika kijejwe kugenzura ingwara no kuzikinga (Africa CDC) bavuga ko bagabisha ku muvuduko iyo ngwara nshasha ya Mpox ikwiragirako.
Kuva mu ntango z'umwaka, abarenga 13.700 baranduye iyo ngwara, 450 irabahitana muri Republika ya Demokrasi ya Congo.
Uretse aho muri Congo, kuva itanguye gukwiragira mu bihugu bitari bike, iyo ndwara itera ibihere ku mubiri wose iramaze gushika mu Burundi, mu Rwanda, muri Centrafrique no muri Kenya.










