Burkina Faso yahaye ukwezi kumwe ingabo z’Ubufaransa kuva mu gihugu

Ahavuye isanamu, AFP
Burkina Faso yemeje ko ishaka y’uko ingabo 400 z’Ubufaransa ziriyo kuva muri ico gihugu mu kiringo c’ukwezi.
Umuvugizi wa reta Jean-Emmanuel Ouedraogo avuga ko igihugu ciwe gisanzwe gihanganye n’inyeshamba ziyitirira idini rya Islam gishaka kwirwanira co nyene.
Perezida Emmanuel Macron w’Ubufaransa yari yasavye abategetsi gutanga insiguro y’iyo ngingo inyuma y’aho ku wa gatandatu ibinyamakuru vya reta bitangarije ko Burkina Faso yahagaritse amasezerano yateweko igikumu n’ibi bihugu vyompi mu 2018.
Ayo makuru yavuga ko abategetsi ba Burkina Faso bagikeneye ubufasha bw’Ubufaransa mu kubaha ibikoresho.
Perezida Macron yavuga ko aya makuru yari yuzuye “ibintu bidatomoye”.
Mu mwaka uheze, ingabo z’Ubufaransa zaravuye muri Mali inyuma y’aho zitumvikaniye n’ubutegetsi bwa gisirikare bw’ico gihugu.
Ubufaransa kandi bwarahagaritse ibikorwa vya gisirikare vyo kurwanya inyeshamba ziyitirira idini rya Islam mu karere ka Sahel vyari bimaze imyaka umunani, mu ciswe Operation Barkhane.
Ubufaransa buracafise ubucuti bwa gisirikare n’ibihugu bitari bike vya Afrika y’Uburengero vyahoze bitwarwa gikoloni n’ico gihugu ca Bulaya, bukaba bufasha vyinshi muri vyo kurwanya inyeshamba ziyitirira idini rya Islam zigisibije mu karere kose.










