Intambara yo muri Ukraine: Trump avuga ko yavuganye na Putin

Trump na Putin

Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yabwiye ikinyamakuru New York Post ko yavuganye kuri terefone na Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya ku bijanye n'intambara yo muri Ukraine.

Ntavuga igihe bavuganiye. Abajijwe incuro zingahe aba bakuru b'ibihugu bamaze kuvugana kuri terefone, Trump yishuye ati: "Mbona ntobivuga".

Trump avuga ko Vladimir Putin yipfuza ko "abantu batobandanya bapfira [ku rugamba]."

Perezida Trump avuga kandi ko afise integuro itomoye yo kurangiza intambara. Ati: "Nizigiye ko bizonyaruka. Barashaka guhura" (aha akaba ashobora kuba avuga umukuru w'igihugu c'Uburusiya n'uwa Ukraine).

Mu nama y'umutekano yitezwe mu ndwi iza i Munich mu Budagi, bitegekanijwe ko icegera c'umukuru w'igihugu wa Amerika J.D. Vance abonana na Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine.

Trump na we nyene aherutse kuvuga ko we nyene ubwiwe azobonana na Zelensky mu ndwi iza.

Perezida Trump yavuze kandi ko ashaka kugiriranira amasezerano na Zelensky y'imiriyoni 500 z'amadorari y'Abanyamerika kugira ngo ashikire ubutare bwa "terre rare" na gaze vya Ukraine hanyuma na yo ihabwe imfashanyo mu vyo umutekano.

Mu gihe yariko arondera kwiyamamariza ikiringo kigira kabiri nk'umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Trump yari yavuze ko yari gushobora kurangiza intambara y'Uburusiya na Ukraine mu masaha 24, ariko atavuze ingene yari kubigenza.

Hagati aho, haraciye indwi zitatu yimitswe ariko gushika ubu intambara irabandanya ica kera.

Mu makuru ahari kuri iyi ntambara nyene, ibitero birabandanya aho buri gihe impande zompi zikora ibitero hakoreshejwe za ndege zitagira abadereva (drone).

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'Uburusiya bumenyesha ko mw'ijoro ryakeye bwakoroye ama-drone 35 ya Ukraine mu gitero yakoze mu ntara za Kursk, Oryol, Krasnodar, Voronezh, Rostov, Bryansk, Tula, Leningrad no muri Crimea bwuhagiye kuva mu 2014.

Ni inyuma y'aho ku mugoroba w'ejo ku wa gatandatu, igisirikare ca Ukraine catangaje ko Uburusiya nabwo bwakoze ibitero mu ntara Kiev, Sumy na Chernihiv.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ingabo za Ukraine zo muri Birigade ya 28 zikoresha vya muzinga zirwanira mu gisagara ca Toretsk mu ntara ya Donetsk zivuga ko zakoroye indege y'intambara y'Uburusiya yo mu bwoko bwa Su-25.

Zivuga ko iyi ndege yakorowe hakoreshejwe igisasu ca misire co mu bwoko bwa Igla hanze y'igisagara ca Toretsk. Iyi birigade ya 28 ivuga kandi ko ingabo za Ukraine zarashe kajugujugu y'Uburusiya yari ije gutabara umudereva w'iyi ndege zikoresheje drone.

Igihe yahimbaza umwaka amaze agenywe kurongora igisirikare ca Ukraine ejo ku wa 8 Ruhuhuma (2), Oleksandr Syrsky yarishimiye ivyo amaze kurangura mu mezi 12 amaze, aho yavuze ko zimwe mu ntambwe yateye ari uko ubwiganze bw'igisirikare c'Uburusiya mu bijanye n'ibisasu vya muzinga bwagabanutse cane.

Syrsky ati: "Mu mwaka uheze, ingabo z'Uburusiya zarasa ibisasu 10 tukarasa kimwe, ubu ibi vyaragabanutse aho barasa bibiri tukarasa kimwe".

Ashimangira ko amadrone ariko akora igikorwa kidasanzwe muri ino ntambara, aho avuga ko yatumye Ukraine itera intambwe idasanzwe, akavuga ko reta yarungitse hafi imiriyoni 1.3 z'amadrone ku rubuga rw'intambara.

Syrsky avuga ko muri uwo mwaka wose, amadrone ya Ukraine y'ubwoko butandukanye yateye ibibanza birenga ibihumbi 461 vy'umwansi, kandi ko muri iki gihe ciwe ibibanza 377 vya gisirikare vyarashwe ku butaka bw'Uburusiya, maze igisirikare kirwanira mu kirere naco gisambura ibibanza vy'igisirikare kirwanira mu kirere ibihumbi 9.2.

Mu butumwa bwiwe yacishije ku mbuga hwaniro, Syrsky agira ati: "Ndazi ko [abasirikare ba Ukraine] barushe. Kuri benshi, iyi ntambara imaze hafi imyaka 11. Imyaka itatu ya nyuma - ntibigeze baruhuka, bagumye mu ntambara y'urutavanako. Hoba hari ingorane? Ego ziriho. Ariko izi nzitizi zose turazizi kandi turiko dukora ibishoboka vyose kugira ngo tuzitsinde".