Jabeur ashaka gukoresha 'igihagararo ciwe' mu guhindura ubuzima bw'abagore

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Nishat Ladha
- Igikorwa, BBC Sport Africa
Mu gihe Ons Jabeur abandanya kurondera izindi ntsinzi mu mahiganwa, uwo mugore w'umunya-Tunisia ntiyiyumvira tennis gusa.
Kugirwa mu 2024 uhagarariye ishami rya ONU riraba ivyo kurya kw'isi PAM (WFP), vyahaye uwo amaze kuja mu nkino za nyuma za Grand Slam incuro zitatu akaryo ko ''gukora iciza'', na cane cane mu gufasha abagore gushikira ubushobozi.
''Nshaka ko noshobora gukoresha igihagararo canje hanyuma nserukire umugore nanje ndi n'aho nturuka, kugira ngerageze kugira ico mpindura kw'isi,'' Jabeur niko yabwiye BBC Sport Africa ku wa gatanu buca hahimbazwa kuri uyu wa gatandatu 08 Ntwarante umunsi wahariwe abagore.
Mu gihe avuga ko ikibazo c'umutekano muke ushingiye ku bifungurwa uri mu bigize igikorwa ciwe na PAM, uwo mugore w'imyaka 30 avuga ko no gushimikira ku bagore navyo bikenewe cane.
''Abantu bibaza ko [PAM] iraba ivyo kurya gusa, ariko iraraba n'indero no gufasha abagore.
''Iyo ufashije abagore, bararonka akaryo ku gukora no kuronka ibitunga umuryango wose, kandi ivyo birakomeye cane.''
Kimwe mu vya mbere Jabeur yatumwe kwari ukwitaba imigambi i Cairo aho yiboneye ubwiwe ingene abagore bariko baragerageza guteza imbere ubuzima bwabo.
''Nakora imikate twe n'umwe muri abo bagore, ntushobora kwibaza umutima wagutse bafise,'' niko yavuze.
''Yahatswe kumpa iyo yakoze yose ndatangara nti 'Oya ndagusavye, yigumane. Genda uyigurishe!''
''N'ubwo badafise ibihagije, bari bafise umutima munini wo gutanga kandi ivyo ni vyo uwo ari we wese akwiye guhagararira.''
Kwiga amashure mu bice vy'intege nke ni ikindi kibazo kiraje ishinga Jabeur.
''Umugore umwe yatanguye ishure akuze. Namubwiye ko ari umuntu afise ishaka kandi ko yishimira kuba ajana n'umwana wiwe kw'ishure, kuko atari yarigeze aja kw'ishure. Ako kari akarorero keza cane,'' niko Jabeur yavuze.
'Ni uburenganzira bw'umuntu wese kuronka ico arya'

Ahavuye isanamu, World Food Programme
PAM, yatangujwe mu 1961, ni rimwe mu mashami ya ONU, ivuga ko ari ryo shirahamwe rya mbere rinini kw'isi rifasha abari mu kaga.
Rigereranya ko kw'isi hari abantu miriyoni 343 bashonje cane, miriyoni 1.9 bakaba bashobora kwicwa n'inzara.
Ubutumwa bwayo bwo kurandura inzara ni ikintu cakoze Jabeur ku mutima, mu gihe avuga ko bumwe mu busumbane yabonye ku bijanye n'ivyo kurya ''buvuna umutima''.
''Ubu turi mu 2025 kandi haracavugwa ibibazo vy'inzara, kandi ivyo ntivyategerezwa kuba bimeze uko iyaba twari twiyunze gusumba kandi umwe wese akagirira ubuntu uwundi,'' niko yavuze.
''Numva ko ari uburenganzira bw'umuntu wese kurya nibura rimwe ku munsi.''
Igihagararo ca Jebeur cakomeje kuba kinini igihe mu 2022 yaba umugore w'umunyafrika canke w'umwarabu yashitse mu rukino rwa nyuma rwa Grand Slam (rw'umukinyi umwe ku wundi), arangiza ari uwa kabiri haba i Wimbledon haba no muri US Open mu mwaka uheze.
Nk'umu Islam abigendera, yarigeze kuvuga ibijanye n'amapfungo mu gihe c'ukwezi kwerenda kwa Ramadan n'ingene ico gihe kimugora nk'umukinyi.
Ariko avuga ko abantu bokwibuka abaronka ifutari bigoranye buri munsi.
''Hari abantu bama muri Ramadan umwaka wose, imyaka n'iyindi, ivyo birateye agahinda kandi birababaje mw'isi yacu.''
Kuba umuvyeyi no gukina tennis

Ahavuye isanamu, Getty Images
Jabeur ni umwe mu bakinyi bazwi cane kandi bashigikira abandi mu ruhande rw'abagore, kandi yabaye mu ba mbere bakeje Belinda Bencic amaze gutwara igikombe mu kwezi guheze muri Abu Dhabi Open - intsinzi ya mbere y'uwo mu-Swisekazi kuva avyaye umwana wiwe w'umukobwa.
Uwo munya-Tunisia avuga ko tennis ishigikira abagore muri ico gisata, ariko haracakenewe gukorwa vyinshi mu nkino zose.
''Nizeye ko abafata mu mugongo bazoca bakurikira,'' niko yavuze.
''Kuko iyo wibungenze (ufise inda, ukuriwe) ntuhembwa. Ibintu bikeneye kuguma bihinduka kandi ndazi neza ko umunsi umwe bizoba.''
Mu kwerekana ingene yishimiye ubuvyeyi bwiwe, Bencic yajanye umwana wiwe mu kibuga ca Abu Dhabi igihe yaja gutora igikombe, nawe Jabeur, adahisha ko yifuza kurushinga, yifuza guca mu makanda ya Belinda.
''Ndanezererewe cane Belinda. Ndakunda umwana wiwe, Bella. Arahimbaye cane. Namubwiye nti ndafise umwanya wo kuba umuyaya!
''Nanje nizeye ko umunsi umwe nzoronka umwana rwanje hanyuma nkerekana ko bishoboka ko uvyara hanyuma ukagaruka ugakina inkino z'ubunyamwuga.''
Agarutse mu mutwe yumva ko akomeye

Ahavuye isanamu, Getty Images
Jabeur yizeye gusubira ku rugero rwiza rwo gukina inyuma y'umwaka wa 2024 utagenze neza kubera imvune.
Uwo yigeze kuba uwa kabiri ku rutonde rw'isi ubu yarakorotse aja ku wa 32 ariko yarerekanye ibimenyetso vyo kuzamuka igihe yariko arahiganirwa gushika mu gice ca kane gishira ica nyuma muri Qatar Open mu kwezi kwa Ruhuhuma (2), aho yatsinze uwatahanye umudari wa Olympic Zheng Qinwen.
Jabeur avuga ko kwitaho amagara yiwe yo mu mutwe igihe yari yavunitse vyabaye ikintu ngirakamaro cane.
''Nibaza ko amagara yo mu mutwe ari ikiuntu gihambaye cane ku mukinyi wa tennis'', nk'uko asigura.
''Nama mpimiriza abantu kwitaho cane amagara yabo yo mu mutwe, kuko niyo atugumiza bazima.
''Kuba narafashe umwanya wo kwiyitaho vyarangiriye akamo cane kugira ngarukane itoto hanyuma ngaruke.''
Ubutumwa bwo ku munsi mpuzamakungu w'abagore
Mu gihe Jabeur afatanya gutera imbere mu kibuga n'igikorwa ciwe c'ubugiraneza hamwe n'icifuzo co gushinga umuryango, afitiye ubutumwa abariko bahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe abagore ku wa 08 Ntwarante buri mwaka.
''Ndubaha abagore kw'isi yose,'' niko yavuze.
''Mbona ko umugore ari co kiremwa ca mbere gikomeye. Nico kiremwa ca mbere ciza cane.
''Nshaka kubwira umugore wese kwiyemera mu vyo ari vyo vyose yifuza gushikako mu buzima. N'iyo umaze kurongorwa canke kuvyara, vyose birashoboka.
''Wihe umwanya wawe nawe kuko urabikwiye kandi nizeye ko tuzobona abagore benshi bagize ico bashikako kw'isi.''










