Denmark yafuse ikori ku bitabo kugira irwanye ''ugusubira inyuma mu gusoma''

Inzu y'ibitabo muri Copenhague mu 2023

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, Gabriela Pomeroy

Reta ya Danemark yatangaje ko igiye gufuta ikori rya 25% ku buguzi bw'ibitabo, mu kigoro ko kurwanya ''urugero runini cane rwo kudasoma''.

Iryo kori ni rimwe mu yahansitse cane kw'isi. Umushikirannji w'akaranga muri ico gihugu, Jacob Engel-Schmidt, avuga ko yizeye ko kurifuta bizotuma hagurwa ibitabo vyinshi.

Iyo ngingo bivugwa ko izotwara amafaranga angana hafi miriyoni 38 z'ama dorari ku mwaka.

Ivyigwa vy'ishirahamwe mpuzamakungu ryo gufashanya n'iterambere ry'ubutunzi OCDE/OECD vyerekana ko muri Danemark umwe kuri bane mu banya-Danemark b'imyaka 15 adashobora gutahura igisomwa gisanzwe.

Uwo mutegetsi wo muri Danemark avuga ko ikibazo co kudasoma kimaze imyaka kiguma gikomera. Yavuze ko yishimiye kuba hafashwe iyo ngingo yo guheba iryo kori.

Muri Finlande, Suede na Norvege - navyo nyene bifise ikori ku nyongeragaciro TVA (canke VAT) co kimwe na Danemark, TVA ku bitabo ni 14%, 6% na 0% nk'uko ivyo bihugu bikurikirana. Mu Bwongereza, ibitabo nta TVA biriha.

Amatohoza yerekana ko urugero rwo gusoma no gutahura ruguma rugabanuka mu miyabaga y'abanya-Danemark, nk'uko vyavuzwe na Rosendahl Thomsen, icegera c'uwurongoye umugwi wa reta ku mayagwa (literature).

Abana bakiri bato barashobora guteza imbere ubushobozi bwabo bwo gusoma ariko ''ku myaka 15 gushobora gutahura biba bikenewe cane'', niko yabwiye BBC.

Abakiri bato bagorwa no gusoma kuko bafise ''inzira nyinshi'' kandi bashobora ''gusamazwa vyoshe''.

Avuga ko kuvana TVA ku bitabo atari inyishu yuzuye, ariko ko izotuma ibitabo ''bizimbuka gusumba''.