Ishirahamwe rikomeye rirategura gushingisha urubanza ku mugambi wo mu Rwanda

Indege ya mbere yari yiteguye kujana mu Rwanda abarondera ubuhungiro i Boscombe Down muri Ruheshi mu 2022

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Kurwanya uwo mugambi biciye mu mategeko vyatumye indege ya mbere yari kujana mu Rwanda abarondera ubuhungiro idashobora kuva hasi mu kwezi kwa gatandatu mu 2022
    • Umwanditsi, Dominic Casciani
    • Igikorwa, Umumenyeshamakuru akurikira ivyo mu bushikiranganji bwo mu ntwaro yo hagati

Rimwe mu mashirahamwe y'abagiraneza akomeye mu Bwongereza mu gufasha ababa bagize ivyago vyo kuborezwa igufa no gucuruzwa ririko rirategura gushingishiriza urubanza reta y'Ubwongereza ku mugambi wo mu Rwanda.

Asylum Aid ryavuze ko ryasavye vyihuta ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu gusubira kwiyumvira, rivuga ko uwo mugambi utazofasha gukingira abakorewe amahano.

Ubwo bushikiranganji ubu bwaratanguye gupfunga abasaba ubuhungiro mu mwiteguro wo kugerageza kuburiza indege mu ci.

Abasaba ubuhungiro ku giti cabo na bo barashobora gushingisha imanza kuva ku ndwi iza.

Asylum Aid rikorana na bamwe mu mpunzi z'intege nke kurusha abandi mu Bwongereza. Iryo shirahamwe ni rimwe mu yagize ikigo Helen Bamber Foundation, ishirahamwe rizwi cane kw'isi mu gutanga ubufasha bwihariye bwo kuvura abarokotse kuborezwa igufa.

Iryo shirahamwe ryavuze ko ryagabishije ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati ko rifise umugambi wo kwitwarira abashikiranganji muri sentare, kuko amategeko agenga abategetsi ubu bariko barashira mu ngiro uwo mugambi, arimwo ingingo ibangamira imwe mu ngingo zikomeye zo gukingira impunzi kandi ikaba yagumijwe muri uwo mugambi.

Rishi Sunak

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Rishi Sunak: yagabishijwe n'abo mu mugambwe wiwe ko iryo tegeko ritazokora

Mu gitabo c'amabwiriza y'ingene uwo mugambi ushirwa mu ngiro, ubwo bushikiranganji bubwira abazoba bajejwe gukora ama dosiye ko ''bategerezwa'' kwanzura ko Urwanda ari igihugu gitekanye n'aho boba baronse ivyemeza simusiga bisigura igituma umuntu adashobora kurungikwayo bivanye n'ivyo yaciyemwo vyihariye.

Abakora ama dosiye kandi bategetswe kwirengagiza ibivugwa ko Urwanda rushobora kurungika uwurondera ubuhungiro mu gihugu kibangamye, n'ubwo iryo tegeko risa n'iryemerera abantu kwerekana ivyemezo vyerekana ko bashobora kugirirwa nabi.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ibishoboka ko Urwanda rworungika abarondera ubuhungiro mu gihugu kiboreza abantu igufa ni co kintu nyamukuru Sentare Ntahinyuzwa yafatiyeko kugira ifate ingingo yo kuvuga ko umugambi mu nteguro yawo ya mbere wari uteye kubiri n'amategeko.

Reta imbere y'aho yari yavuze ko ingene itegeko ryanditse bisigura ko umuntu afise dosiye yihariye cane yo gukingirwa atazorungikwa mu Rwanda mu gihe vyoshika agakorerwa ikibi c'agaheza. Ariko mu ngiro, nk'uko iryo shirahamwe ribibona, abategetsi amaherezo bazokwanka kwihweza ivyo vyemezo simusiga.

Asylum Aid rivuga ko hamwe ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati butohindura amabwiriza buha abazokora ama dosiye, kugira bahe abarondera ubuhungiro amahirwe yo gushikiriza dosiye yabo, rizoca risaba umucamanza gushikiriza ingingo yo kuvuga n'iba abashikiranganji bariko barirengagiza gukurikiza amategeko.

Alison Pickup, umuyobozi w'iryo shirahamwe, avuga ati: ''Nta makuru ahari y'igihe indege zija mu Rwanda zizohagurukira n'abazozigendamwo, ariko reta yaravuze mu majambo atomoye ko ifise ishaka ryo kubinyarutsa mu gihe tuja tumaze kubona ubushikiranganji buriko burapfunga abantu ku gahato.

''Ubwoba ibi bitera bwunyurwa n'ubushobozi buke bwo gutanga ubufasha bukomeye bwo guhagararira mu mategeko [impunzi n'abarondera ubuhungiro] no mu gisata c'ubugiraneza. Dushingishije uru rubanza kugira ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati bwihweze dosiye ya buri muntu azorungikwa mu Rwanda, harimwo n'imvo y'uko ashobora kuvanwa mu Rwanda agasubizwa mu gihugu yahunze.''

Ingingo y'iryo shirahamwe ry'abagirineza ije inyuma y'aho First Division Association, ishirahamwe ry'abakozi ba reta bo mu rwego rwo hejuru, na ryo rishingishirije urubanza rwaryo.

Rifise impungenge ko abashikiranganji bazotegeka abakozi kurenga ku mategeko mpuzamakungu hamwe n'amategeko agenga akazi kabo.

Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati bwarondewe kugira bugire ico bubivuzeko ariko nta co buravuga.