Ukraine yakoroye drone yayo hejuru ya Kyiv

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, George Wright
- Igikorwa, BBC News
Igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere cakoroye imwe mu ndege zayo zitagira abadereva (drones) ivuga ko yari yataye inzira hejuru y’umugwa mukuru Kyiv.
Humvikanye ibiturika hagati y’iminota 15 na 20 ku mugoroba w’ejo ku wa kane igihe igisirikare kirwanira mu kirere cagerageza kuyirasa hafi y’ibiro vy’umukuru w’igihugu.
Umukuru w’ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Ukraine Andriy Yermak yari yavuze mu ntango ko yari drone y’umwansi yakorowe.
Ariko mu nyuma igisirikare kirwanira mu kirere cahavuye cemeza ko yari iya Ukraine kandi ko yasambuwe kugira ngo “ntihagire ivyago iteza”.
Mw’itangazo, iki gisirikare kivuga ko iyi drone yo mu bwoko bwa Bayraktar TB2 yari yataye inzira hafi nk’isaha zibiri z’ijoro mu ntara ya Kyiv.
Kivuga kandi ko cafashe ingingo yo kuyikorora “kuko iyo drones zitagenzuwe mu kirere c’umugwa mukuru bishobora kugira ingaruka umuntu atipfuza”.
Iri tangazo rivuga ko ata wapfuye canke ngo akomereke igihe iyi ndege yakororwa.
Riti: "Birababaje ariko ni ubuhinga bwa none, ibintu nk’ibi biraba. Kumbure hashobora kuba habaye ingorane z’ubuhinga, icabiteye kiracaronderwa”.
Amavidewo yerekana ingene bariko bagerageza kuyirasa yakwiragijwe ku mbuga hwaniro, aho humvikanye abantu bakoma amashi imaze gukoroka.
Umukuru w’ibiro vya gisirikare mu gisagara ca Kyiv Serhiy Popko avuga ko umuriro wari wadutse ku nzu iyi ndege yakorokeyeko mu karere ka Solomyanskyi, mu burengero bw’igisagara wazimijwe.
Ibi bibaye inyuma y’aho Uburusiya bwagirije Ukraine ko yakoze igitero ca drone kuri Kremlin ku wa gatatu mu ntumbero yo kwica Perezida Vladimir Putin, gusa ntiyari muri iyo nyubakwa ico gihe.
Ejo ku wa kane, umuvugizi wa Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya) Dmitry Peskov yavuze y’uko ata nkeka ko Amerika ari yo iri inyuma y’iki gitero, ariko akaba adatanga ivyemezo.
Umuvugizi w’umurwi w’igihugu ujejwe umutekano John Kirby avuga ko ari ibirego biteye isoni.
Ukraine ivuga ko ataho ihuriye n’iki gitero kivugwa kuri Kremlin, ikagiriza Moscou ko ari yo yarementanije ivyabaye mu kurondera ivyitwazo vyo kwunyura ibintu muri iyi ntambara.














