Igipolisi c'Ubwongereza kiriko kiratohoza ku gitero ca wa mwicanyi Rudakubana ku mupolisi

Ahavuye isanamu, Merseyside Police/PA Wire
- Umwanditsi, Anna Lamche
- Igikorwa, BBC News
- Umwanditsi, Sima Kotecha
Igipolisi c'Ubwongereza kiriko kirakora amatohoza ku gitero cakozwe na wa mwicanyi w'i Southport Axel Rudakubana afise abavyeyi bamuka mu Rwanda, ku mupolisi ajejwe ibohero, ku wa kane.
Ubushikiranganji bw'ubutungane buvuga ko uno mupolisi yatewe amarike (amazi yabize), aca anyarukanwa ku bitaro ariko akaba yaratashe uwo musi nyene.
Igisata kijejwe amabohero kivuga ko ubugizi bwa nabi "ku bakozi bacu bitanga batiziganya" butazokwigera bwihanganirwa kandi ko buzohanwa bimwe vy'akarorero.
Iki gitero, kikaba catanguye gushirwa ahabona n'ikinyamakuru The Sun, cavyuye amakenga ku bijanye n'umutekano w'abajejwe gucungera amabohero, inyuma y'ikindi gitero co mu kwezi guheze ku rindi bohero, cakozwe na Hashem Abedi, umwe mu bagirizwa igitero ku bapilisi batatu mu nzu y'imyidagaduro y'i Manchester, izwi nka Manchester Arena, abateye amavuta yo guteka ashushe.
Mu ntango z'ino ndwi, BBC yabajije umushikiranganji ajejwe amabohero James Timpson nimba abacungera amabohero bakingiwe, aho yishuye ati: "Ndibaza ko ata ngorane zihari gukorera ku mabohero yacu".
Ntibizwi ukungene Rudakubana yaronse aya marike. Abajijwe nimba ari akaga ku mbohe kwemererwa gutunga amabirika mu vyumba vyabo, Wheatley yavuze ko ata "kibazo kinini" cari gisanzwe kihari mu kwemerera imfungwa guteka amazi mu vyumba vyazo kuko iyindi nzira yari iy'uko abapolisi bazishira amazi ashushe mu vyumba vyazo.
Yongerako ati: "Impfungwa zirakoresha ibintu vy'ubwoko bwose mu kugirira nabi abandi bantu.
"Ikintu ico ari co cose kirashobora gukoreshwa mu kugirira nabi uwundi muntu. Ikituraje ishinga gusumba ni intego abantu baba bafise mu gukora ivyo".
Rudakubana yishe Elsie Dot Stancombe, yari afise imyaka indwi, Alice Aguiar, yari afise imyaka icenda, hamwe na Bebe King yari afise imyaka itandatu aho bari bari kw'ishure ry'intambo zifatiye ku muririmvyi Taylor Swift i Southport ku wa 29 Mukakaro (7) 2024.
Yateye kandi abandi bana umunani, umwigisha Leanne Lucas, hamwe n'umucuruzi John Hayes yariko agerageza kumwaka ikirwanisho yari afise.
Mu kwa mbere kw'uno mwaka, ni ho uno musore w'imyaka 18 yacirirwa umunyororo w'imyaka nibura 52 ku vyaha bitatu vy'ubwicanyi, ivyaha 10 vyo kugerageza kwica, hamwe n'ibindi vyaha birimwo guhingura isumu ya ricin , gutunga ibikoresho vy'iterabwoba no gutunga imbugita (icyuma mu Kinyarwanda).
Amatohoza ku cateye ubu bwicanyi bw'i Southport yatanguye muri Ndamukiza.
Muri Ruhuhuma (2), umushikirizamanza w'igihugu yariyamirije akamo yaterwa kasaba ko Sentare y'iyungururiro yosubiramwo ikiringo c'umunyororo wa Rudakubana.
Umunyororo w'imyaka nibura 52 Rudakubana yahawe usigura ko adashobora kurekurwa ahejeje ico gihano cose.













