Somalia: Umuryango wose w’abantu icenda watikiye mu gitero c’ubwiyahuzi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umuryango w’abantu icenda watikiriye mu gitero c’ikibombe cari giteze mu modoka mu ntara ya Hiraan iri hagati mu gihugu muri Somalia, nk’uko uwabibonye yabibwiye BBC.
Abandi 26 na bo nyene bishwe, nk’uko icegera c’umukuru w’igipolisi muri ako karere yabibwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters.
Umuhari al-Shabab wegamiye al-Qaeda ni wo wiyitirira ico gitero.
Umukuru w’igisagara ca Mahas avuga ko umuhana wiwe hamwe n’uwundi w’umushingamateka ari yo yaronderwa.
Hagati aho, ikindi kibombe kigira kabiri caturikiye mw’isoko, nk’uko umukuru w’igisagara ca Mahas, Mumin Mohamed Halane, yabibwiye BBC.
Ivyo bibombe vyari bikomeye cane ku buryo ababibonye bavuga ko n’abantu bari kure y’aho vyaturikiye bakomerekejwe n’ibipandepande vyatarukiyenka hariya.
Avuga ingene yabonye abapfuye, Adan Hassan yavyiboneye yabwiye itororokanirizo ry’amakuru AFP ati: "Iki cari igitero giteye ubwoba”.
Al-Shabab imaze amezi itakaza ku rubuga rw’intambara inyuma y’aho Perezida Hassan Sheikh Mohamud atangarije muri Myandagaro(8) “intambara ya rurangiza” kuri zino nyeshamba ziyitirira Islam , inyuma y’igitero zakoze kw’ihoteri izwi cane i Mogadishu, capfiriyemwo abantu barenga 20.
Haciye amezi abiri, ibibombe bibiri vyaturikiye hafi y’amahwane y’inzira akunze kuba arimwo abantu benshi i Mogadishu vyahitanye abantu barenga 100. Na co nyene Al-Shabab yaracigamvye.
Perezida Mohamud yaciye atera akamo igisirikare ca Somalia n’imirwi y’abarwanyi ishigikiwe na reta gukora ibishoboka vyose kugira ngo babohoze ibigwati n’ibisagara biri mu minwe ya al-Shabab isanzwe igenzura uturere tutari duke tw’igihugu.
N’aho imaze gutakaza uturere tutari duke yagenzura, al-Shabab irabandanya gukora ibitero hagati no mu bumanuko bwa Somalia.
Umuryango w’Ubumwe bwa Afrika wararungitse ingabo, Amerika nayo itanga uburyo bw’amafaranga, mu ntumbero yo gufasha Somalia guhangana na al-Shabab.










