Somalia: Umushikiranganji wa mbere aragabisha gufata ingingo ruhasha inyuma y'ibitero kw'i Hotel

Iyo hotele yarononywe n'ibintu biturika vyayitezwemwo mu gihe yari yigaruriwe

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Iyo hotele yarononywe n'ibintu biturika vyayitezwemwo mu gihe yari yigaruriwe

Umushikiranganji wa mbere wa Somalia Hamsa Abdi Berre yiyemeje guhana yivuye inyuma abananiwe gukumira igitero cahitanye abantu ca al-Shabab kw'ihoteli Hayat i Mogadishu.

Ivyo Barre yabivugiye ku mboneshakure ya reta ya Somalia inyuma y'aho abajejwe umutekano birukaniye abateye kuri iyo hoteli izwi cane inyuma y'amasaha 35.

Yagize ati: "Ntidushobora kwihanganira ukwisubiriza kw'ivyashitse." Yiyemeje ko "abafashe minenerwe akazi kabo bategerezwa kubibazwa."

Umushikiranganji w'amagara y'abantu Ali Hajji Aden yavuze ko abantu 21 bishwe abandi 117 barakomerekera mu ntambara yahuje abajejwe umutekano n'abagwanyi ba al-Shabab kuri iyo hoteli.

Barre yagiye gusuhuza abakomeretse aca avuga ko abakomeretse cane bashobora kuja kuvurirwa hanze y'igihugu .

Reta ya Somalia yaranebaguwe cane kubona yarananiwe kwirukana abateye kuri iyo hotel vuba bishoboka.

Abanyepolitike berekanye amakenga kuba hari inzego zitandukanye z'abajejwe umutekano i Mogadishu ariko bagakura amategeko ahantu hatandukanye, bakavuga ko ubwavyo "bibangamira umutekano".