Burundi-Rumonge: Ku myaka 20 gusa, yarubatse urugomero rw'umuyagankuba

Emile ari mu kazu k'imoteri

Ahavuye isanamu, BBC GAHUZA

Insiguro y'isanamu, Emile ari mu kazu k'imoteri

Mu gihe imihingo itari mike y’Uburundi ihanzwe n’ubukene bw’umuyagankuba, hari umusore aba ku mutumba Kiyagayaga, zone Rusabagi, komine Burambi (intara ya Rumonge) yubatse urugomero rw’umuyagankuba akoresheje uburyo bubayabaye.

Emile Irakoze avuga ko amaze kuronsa umuyagankuba imihana yababa 20 mu karere avukamwo.

“Urugomero rwanje rutanga umuriro ungana na kilowatts 15. Mfise imihana 17 n’iyindi iriko iransaba ko noyironsa umuriro. Ariko abo maze guhereza batsa ni imihana 17”, ni ko asigura.

Urugomero rwiwe ruri mu kabande gacamwo akagezi kitwa Nyamihire. Ni hagati y’imisozi ibiri ihanamye cane ari yo Vyirerwa na Mahanga. Ni mw’ishamba ririmwo ibigazi vyinshi, ku birometero 80 mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura. Imodoka ntishobora gushikayo.

'Impano idasanzwe'

Imoteri iduza umuyagankuba kuri barrage

Ahavuye isanamu, BBC GAHUZA

Insiguro y'isanamu, Imoteri iduza umuyagankuba kuri barrage

Ushitse aho ruri wakirwa n’umuhindo w’imoteri. Iri mu kazu k’imetero zibiri kuri zibiri n’igice. Kubatswe n’amatafari ahiye, kakaba gasakajwe amabati.

Ukinjiyemwo, ubona umuringoti munini uturuka hanze uciye mu mfuruka y’i buryo ku ruhande rwo hejuru ugashikira muri ya moteri.

Emile irakoze, mw’isarubeti ya kaki n’ikirato c’ingamiya, ahaza buri musi mu ntumbero yo gusuzuma ivyuma. Asigura ko ubu bumenyi ari ubwo yiyigishije. Vyongeye, vyinshi mu bikoresho yakoresheje ni ivyo yitunganirije. Uvyihweje, urabona ko ari impano idasanzwe.

Afise isupana zibiri mu minwe, agira ati: “Icuma twaguze mw’isoko ni alternateur gusa. Ibisigaye, ni ivyo twikoreye. Turbine ni izo nikoreye. Gusudira ndabizi. Na transformateur ni iyo nikoreye. Ku bobina transformateur ndabizi, ndavyishoboreye”.

Uru rugomero yarwubatse ku kagezi gatoya cane kitwa Nyamihire. Amazi si menshi. Ariko bamwe batangazwa n’umukenyuro yakoresheje kugira ayo mazi ashobore gutanga inguvu zikwiye zivamwo umuyagankuba.

Yaragomeye n’isima aca yinjizamwo imiringoti ijana amazi ikayegeraniriza mw’itangi. Amaze kurwira, baca bayagomorora agashungurukira ahari ya moteri.

Iyo nayo, iraheza ikarungika umuyagankuba mu mihana 17 iri ku kirometero kirenga uvuye ku rugomero.

Aripfuza gufashwa kugira urugomero rwiwe rutere imbere kurusha

emile ariko asuzuma itangi

Ahavuye isanamu, BBC GAHUZA

Insiguro y'isanamu, Emile ariko asuzuma itangi

Abanyagihugu bawuronse bemeza ko ubu boroherwa mu bikorwa vyo kwiyungunganya.

Adronis Mukeshimana ni umwe muri bo. Twamusanze muhira iwe - ku mutumba Kiyagayaga- ariko aratsa imboneshakure aherutse kugura. Mbere ku ruhome rw’inzu yiwe, hamanitse antene ya Canal+.

Akengurukira Emile Irakoze: “Twifashishije uwo mufundi yari asanzwe nyene ari umuntu w’umuhinga, kugira ngo tworoherwe, abagomba kwimwesha, abagomba kuvuza iradiyo, abanyeshure kugira ngo bigire ahabona...”

Adronis Mukeshimana abandanya agira ati: “Na jewe kino cuma mwabonye ngaha mu nzu iwanje mwabonye ko ari iteka kugira ngo gitange umusaruro nipfuza, kibone ntiriwe ndagira izindi ngorane. Ubu rero nibaza ko ari amahoro, namwe mwabibonye”.

Muhira kwa adronis bariko baratsa TV

Ahavuye isanamu, BBC GAHUZA

Insiguro y'isanamu, Muhira kwa Adronis bariko baratsa TV
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ku metero ijana uva muhira kwa Mukeshimana ubona izindi nzu zitatu zimanitseko antene za Canal+.

Impande yazo, hari inyubakwa berekaniramwo cinema n’inkino, ku mafaranga. N’ubwo nyene ico kibanza atarashika ngo yugurure, abakiriya bakunda kurorera bo baguma bazunguruka mu micungararo barindiriye.

Tresor Nimubona ni umwe muri bo.

“Aha mu ncamake ni ho turorerera umupira. Hariho equipe zikunzwe dukunda kuba turiko turaraba, mu gihe bariko barerekana inkino z’ama-championnat canke z’ama ligue atadukanye”.

Naho abaronkejwe uwo muyagankuba bahimbawe, Emile Irakoze we, aracafise ivyo yipfuza gufashwa kugira urugomero rwiwe rutere imbere kurusha.

Avuga ati: “Imiringoti dukoresha ni mitoya cane. Ni iya 60 [calibre]. Ni imiringoti idashobora gukora inguvu uba wipfuza. Nta nguvu ifise.

“N’intsinga dufise rero ni 2,0 milimetres. Ariko zigenda umwanya muremure. Ikirerere ni kirekire, umuriro uratakarira mu nzira. Kugira ntangure kwakiriza umuhana wa mbere, twari ku kilometero n’imetero 400”.

Uyu musore w’imyaka 20 yipfuza gushika ku rwego umutumba wose avukako awubera inyishu mu kuwuronsa umuyagankuba, na rirya ari akarere kimbukamwo cane ibigazi.

Mu Burundi, ibiharuro bitangwa na reta vyerekana ko 12 kw’ijana vy’abanyagihugu – ku rwego rw’igihugu - ari bo bonyene bafise umuyagankuba. Igice kinini muri bo baba mu bisagara. Mu misozi, abawuronka ni 4 kw’ijana gusa.