Nicolas Sarkozy yaraye arengukishijwe ku mahera y'amatora yagirizwa ko yahawe na Gaddafi

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Laura Gozzi
- Igikorwa, BBC News
Nicolas Sarkozy yahoze ari umukuru w'igihugu c'Ubufaransa yaraye arengukishijwe i Paris, yagirizwa kwakira amamiriyoni y'ama-euro (amafaranga y'abanya-Bulaya) mu buryo buteye kubiri n'amategeko, yahawe n'uwahoze arongoye Libya, umuhisi Koroneli Muammar Gaddafi, mu bikorwa vyiwe vyo kwiyamamariza amatora yo mu 2007.
Abashingwamanza bagiriza Sarkozy ko na we yemereye Gaddafi kumufasha kweza izina ryiwe nk'umuntu yari yarakumiriwe mu bihugu vy'uburengero.
Sarkozy w'imyaka 69 ubu, yarongoye Ubufaransa kuva mu 2007 gushika mu 2012.
Abandanya ahakana ivyo yagirizwa, akavuga ko ari ibivugwa n'abantu bafise intego yo kumusenyura.
Amatohoza yatanguye mu 2013, haciye imyaka ibiri Saif al-Islam, umuhungu wa Gaddafi, yagirije Sarkozy ku ncuro ya mbere ko yakiriye amamiriyoni y'amahera ya se wiwe yo gukoresha mu myiyamamazo y'amatora.
Umwaka wakurikiye, umucuruzi w'umunya-Libani Ziad Takieddine – uyu na we yamaze igihe kirekire ari umuhuza hagati y'Ubufaransa n'Ubuseruko bwo Hagati – yavuze ko yatanze ivyemezo vy'uko imyiyamamazo ya Sarkozy yafashijwe "cane" na Libya, kandi ko izo miriyoni 50 z'ama-euro zabandanije zirihwa n'inyuma y'aho abereye umukuru w'igihugu.
Abandi bantu 12 bagirizwa gutegura amasezerano na Gaddfi na bo nyene barengukishirijwe hamwe na Sarkozy. Bose barahakana ivyo bagirizwa.
Umutambukanyi wa Sarkozy, Carla Bruni-Sarkozy, umugore yavukiye mu Butaliyano akaba yahoze ari umunyamideri akomeye cane akaba yari n'umuririmvyi, yaragirijwe mu mwaka uheze kunyegeza ivyemezo bifitaniye isano n'urubanza rwa Gaddafi, be no kwifatanya n'abanyavyaha mu bikorwa vya magendo, vyose akaba abihakana.
Kuva atsinzwe mu matora ya 2012 aho yariko arondera ikiringo ca kabiri, Sarkozy yagiye akorwako amatohoza atari make ku vyaha yagirizwa.
Yarunguruje kandi urubanza yaciriwe muri Ruhuhuma (2) 2024, aho yagiriwe n'icaha co gukoresha amafaranga y'umurengera mu matora ya 2012, hanyuma agakoresha ishirahamwe ryo kwamamaza kugira ngo rimufashe gupfukapfuka.
Ico gihe, yaciriwe umunyororo w'umwaka umwe, amezi atandatu muri wo akaba yahinduwemwo igihano kidashirwa mu ngiro (suspended/avec sursis).
Mu 2021, yaragiriwe n'icaha co kugerageza guha igiturire umucamanza mu 2014, aca aba uwahoze ari umukuru w'igihugu c'Ubufaransa wa mbere aciriwe umunyororo.
Muri Kigarama (12) mu mwaka uheze, sentare y'iyungururizo yafashe icemezo c'uko azoguma muhira yambaye umuringa ufise ubuhinga bwa none bumwerekana aho ari hose aho kuja mw'ibohero.
Sarkozy ntiyari yambaye uno muringa igihe yashika muri sentare i Paris mu gitondo c'ejo ku wa mbere, kubera ko ibiri muri iki gihano bitaratunganywa mw'ido n'ido.
Birashoboka ko muri uru rubanza rw'amezi atatu rujanye n'icitwa ubucuti yagiraniye na Libya, uno yahoze ari umukuru w'igihugu azokwitaba yambaye uno muringa.
Uru rubanza rwitezwe kubandanya gushika ku wa 10 Ndamukiza (4). Ari nka hamwe yokwagirwa n'icaha, Sarkozy ashobora gucirirwa umunyororo wo gushika ku myaka 10.










