Ingabo za Ukraine zabwiye BBC ko ubuke bw'amasasu butuma zigabanya kurasa

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Abdujalil Abdurasulov
- Igikorwa, BBC News, mu buseruko bwa Ukraine
Mu gihe imfashanyo ya gisirikare ikomeye yahagaritswe n'inama nshingamateka ya Amerika, habaye imburi nyinshi ku kuntu Ukraine izoshobora muri kazoza gutsinda ingwano barimwo n'Uburusiya.
BBC yarasuye ku mbuga z'intambara ziri mu buseruko bwa Ukraine - aho ibirwanisho bigenda bigabanuka - kwumva ukuntu impungenge ku mfashanyo y'ababashigikira zagize ingaruka ku basirikare bari ku rugamba.
Ijwi ryumvikana mw'iradiyo ya gisirikare ritanga amategeko ku barwanyi barindiriye mu kimodoka c'intambara kitamenwa n'amasasu asanzwe co mu bwoko bwa M-109 Paladin cakorewe muri Amerika.
"Turabonye umwansi mushasha."
Ubwo nyene, abakoresha iki kimodoka baciye batangura akazi. Imoteri irahinda. Umwe mu ngabo ashira igisasu mu gikono. Ikirwanisho cagiyemwo igisasu.
Asemerera ati: "Rasa!" Agaca akwega umugozi. Urwamo rwinshi runyiganyiza iki kimodoka c'intambara.
Barashe rimwe gusa hanyuma baca barindira irindi tegeko ryo kurasa kandi.
Ariko inyuma y'agacerere k'umwanya munini, rya jwi ryo mw'iradiyo ryabahaye itegeko riti: '' Nimwururuke kandi mupfuke inkoho.''
Ingabo za Ukraine zitegerezwa gukoresha ibisasu bike bike kubera hari igabanuka ry'ibirwanisho rutura.
Iyi nkoho, co kimwe n'ibirwanisho vya rutura nka vyose bahawe n'uburengero, irasa rokete zo mu bwoko bwa 155mm, nazo bazihawe n'abanyamahanga bafashanya.
Ingorane ni uko, ingabo za Ukraine zikeneye ibindi birwanisho ababafasha badashobora kuronka ubu.
Ata birwanisho ifise, Ukraine ntizoshobora guhagarika ibitero vy'Uburusiya burondera kwigarurira ubutaka bwayo, kandi ishobora gutsindwa muri iyi ntambara.

Igor, komanda w'iperoto (peloton/platoon) yo muri birigade ya 93, avuga ati:
"Ubu, umwansi ariko aragerageza kuduca mu ryahumye [mu kumena uruzitiro rw'ubwirinzi bwacu].
"Buri munsi, haba n'imiburiburi ibitero bibiri, ariko turabasubiza inyuma bose".
Ingabo arongoye ziryamiye amajanja kuva isaha icumi n'imwe z'agatondo.
Umurwi wa gisirikare urongowe na Igor urinda uturere twegereye igisagara ca Bakhmut kiri mu buseruko bwa Ukraine, cigaruriwe n'Uburusiya muri Rusama (5) uyu mwaka, inyuma y'amezi y'intambara zikomeye zasesetsemwo amaraso menshi.
Hano, abasirikare bari mu munezero mwinshi wo kubona ziherutse kuronswa izi modoka z'intambara zitamenwa n'amasasu asanzwe zo mu bwoko bwa M-109 Paladin zatanzwe n'ibihugu bigenzi vyo mu burengero.
Izo modoka ziguma zinyegejwe, zipfutswe n'amahema kandi zihambwe gato mu kuzimu, kubera ukwiyongera kw'akaga gatewe n'ibitero vy'utudege tutagira abadereva (drones) tw'umwansi.
Sashko, umwe mu ngabo zari aho, mu gihe yariko aratora igisasu yavuze ko iki gihe c'imbeho nyinshi kitazoba kirimo agacerere ku rubuga rw'intambara.
Ateruye yiyengenga igisasu giturika c'ibiro 43, agerageza kutanyerera ku butaka bwuzuye ibarafu.

Ibisasu biturikira kenshi kure vyibutsa ko intambara iriko ibera ku ntera idashika ibirometero 10 uvuye ngaha.
Sashko avuga ati: "Ibi [bitero vy'Uburusiya] bizobandanya gushika n'imiburiburi mu matora y'umukuru w'igihugu mu Burusiya".
Avuga ko Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya akeneye intsinzi mu ntambara ya Ukraine kugira imufashe gusubira kwiyamamaza mu gihugu ciwe mu matora ategekanijwe muri Ntwarante (3) mu 2024.
Mu gihe ingabo za Ukraine zirajwe ishinga no kubohoza igihugu cazo, iki ni igihe kimwe mu bihe bikomeye cane ingabo zaciyemwo kuva Uburusiya butanguye intambara yuzuye muri Ruhuhuma (2) mu 2022. Kandi si kubera igihe c'imbeho nyinshi cane.
Kudatera imbere muri iki gitero co kwivuna umwansi cavuzwe cane mu bimenyeshamakuru kwatumye ingabo za Ukraine zitahura ko ingwano izobandanya igihe kirekire.
Barazi ko igihe c'imbeho nyinshi cane kiri imbere yabo. Ingabo za Ukraine zabwiye BBC ko zikeneye cane imfashanyo nyinshi kurusha kugira intambara ihindure isura.
Sashko avuga ati: "Tutaronse imfashanyo ya gisirikare ivuye mu burengero, ibintu bizoca bimera nabi.
"Ubwa mbere Uburusiya buzofata Ukraine, hanyuma hakurikire ibihugu vya Balte, Pologne. Ndiyumvira ko Uburusiya butazogarukira ngaha."

Abategetsi ba Ukraine baherutse kuvuga ko baronse musi y'ica gatatu c’ibisasu rutura, mu bingana n'umuriyoni umwe Ubumwe bwa Buraya (EU/UE) bwari bwemeye gutanga.
Mu ci riheze, Amerika yari yemeye kurungika amabombe atavugwako rumwe atekeye utundi tubombe dutoduto (cluster munitions) kubera igabanuka ry'ibisasu vya rokete vya 155 mm. Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yaremeje ko ibisasu vyo muri ubu bwoko na vyo vyagabanutse.
Umusirikare wa Ukraine ayobora drone zifashishwa mu gutera ibisasu vya muzinga ku rwasiro rwo mu bumanuko, atashimye ko amazina yiwe atangazwa, yabwiye BBC ko igitigiri c'ibisasu rutura ku ruhande rwa Ukraine mu bumanuko cagabanutse cane rwose muri aya mezi aheze.
Yavuze ati: "Igihe igitero co kwivuna umwansi cari gikaze no mu mezi make aheze, urugero hagati y'ibisasu vyaraswa n'Uburusiya n'ivyacu rwari 1:1 (1:1 ratio) canke mbere tukabasumvya. Muri kino gihe, turasa igisasu kimwe kuri bine canke bitanu Uburusiya buba burashe."
Aba basirikare bavuga ko ibintu bishobora kumera nabi cane mu gihe ibihugu vy'uburengero vyohagarika ubufasha bwavyo n'imfashanyo zigakama.
Atunga urutoke ikimodoka c'intambara kitamenwa n'amasasu asanzwe cakorewe muri Amerika, Sashko avuga ati: "Tudafise ibisasu, iki kizomera nk'icuma gishaje. Ni ikirwanisho ciza - turashobora kukinyonga, ariko ntidushobora kukirwanisha".

Ibintu uko bimeze ku rubuga rw'intambara vyahindutse uko igisirikare ca Ukraine cita ko ari intambara yo kuzibira, ibirindiro vyamaho kandi bikomeye bituma hakenerwa cane ibirwanisho rutura - bikaba nkenerwa kuronswa ibisasu.
Abasirikare bavuga ko ububiko bw'ibirwanisho rutura vy'igihe c'ubutegetsi bw'Abasoviyeti bikoresha ibisasu bitandukanye, buriko buragabanuka ku muvuduko munini gusumba ububiko bw'ibisasu vya muzinga vyatanzwe n'uburengero.
Bavuga ko ububiko bw'ibirwanisho vyatanzwe n'ibihugu bigenzi biri mu guhera, kandi n'uburyo bwo gukora ibindi bishasha ntibukwiye.
Gorn, arongoye umutwe w'ibirwanisho rutura muri brigade ya 22, aravyemeza, aho agira ati:
"Dufise ubukene bw'ibirwanisho. Iyaba twari dufise ibisasu vyinshi, ubu twari kuba twararenze kure niyo Klishiivka [ikigwati kiri hafi ya Bakhmut]. Mu birwanisho vyose turonka, tugerageza kurasa tudahusha."
Umurwi w'abasirikare arongoye ukoresha n'igikoho ca kera co mu bwoko bwa 2S1 Gvozdika co ku butegetsi bw'Abasoviyeti, kitazwi nk'ikirasa kidahusha.
Bafashwa n'amadrone kugira babone aho barasa. Iyo babonye umwansi, aba basirikare baca buzuza iki gikoho n'ibisasu vya rokete vya 122mm.
Ariko bategerezwa kurindira amasaha menshi kugira baronke itegeko ryo kurasa - umwanya munini cane umurwi w'abamenyeshamakuru ba BBC utorindira kandi wobashira mu kaga cane mu gihe boguma bari aho barasira.

Umusirikare umwe azwi kw'izina rya Kent asigura ko bategerezwa kurindira kugira baronke ico barasa c'agaciro kanini. Ntibashobora kwonona ibisasu ku kantu kose babonye.
Uyu murwi wa gisirikare, co kimwe n'abandi bose bakoresha ibimodoka vy'intambara bitamenwa n'amasasu asanzwe, bakoresha na vya muzinga, vyo ku butegetsi bw'Abasoviyeti, ushaka kuronswa inkoho zo mu burengero.
Uvuga ko zihuta, zoroshe gukoresha kandi ziragema neza gusumba iza kera. Kandi zirasa kure gusumba, ibi bigashobora kurokora ubuzima bw'ingabo zikoresha ibirwanisho vya rutura.
Ariko kubera imfashanyo y'amamiriyaridi 60 y'amadorari y'Amerika yahagaritswe n'inama nshingamateka ya Amerika, kubera ukutumvikana ku kibazo c'umutekano ku rubibe rwa Amerika, bisa nk'aho vyongereje ukwihebura kw'aba basirikare.
Hatabayeho ubufasha bwa Amerika, bisigura ko uwo murwi wabo utazoshobora guhindurirwa ibirwanisho vyabo ngo baronke inkoho zivuye mu bihugu vyo mu burengero muri kazoza ka hafi.
Imfashanyo itabonetse, bisigura ko uno murwi wabo uzoba ufise amahirwe make yo kuronswa ibirwanisho vya none vy'uburengero ubu bwa vuba.
Bavuga ko kubura imfashanyo bisigura gutakaza vyinshi kuri Ukraine. Bashavujwe n'uko ubuzima bwabo n'ukwitanga kwabo bishobora kuba impfagusa kubera babona ko Uburaya na Amerika bitumva neza akamaro k'imfashanyo ya gisirikare kuri Ukraine.
Kent avuga ati: "Abadufasha bo mu bihugu vyo mu burengero bagomba kumenya ko ni vyatunanira guhagarika Abarusiya, bazoca babandanya n'ahandi.
"Ubwo [Uburayi na Amerika], aho kudufasha, bizoba biriko birwanirira ubutaka bwavyo, kandi n'abanyagihugu bavyo bazoba bariko barapfa."













