Israel-Palestina: Indwi bishwe mu gitero cakozwe mw’isinagoga i Jerusalem

Ahavuye isanamu, Reuters
Abantu indwi baraye bishwe barasiwe mu gitero cakozwe mw’isinagoga iri muri Jerusalem y’Ubuseruko, igitero co muri ubu bwoko gihitanye abantu benshi inyuma y’imyaka itari mike. Abandi nibura batatu bakomeretse.
Ibi vyaraye vyabereye muri karitiye ya Neve Yaakov y’ico gisagara isaha zibiri n’iminota 15 (20:15) mu masaha yo muri ico gihugu.
Igipolisi kivuga ko uwakoze iki gitero ari “uwukora iterabwoba” kikavuga ko “yishwe”.
Ibinyamakuru vyo muri ico gihugu bivuga ko uyo yakoze iki gitero ari umunya-Palestina ava muri Jerusalem y’Ubuseruko.
Avugira ahabereye iki gitero, umukuru w’igipolisi ca Israel, Kobi Shabtai yavuze ko iki gitero ari "kimwe mu bitero bibi cane tubonye muri ino myaka ya vuba”.
Abanya-Israel bari bakoraniye muri iyo sinagoga mu gisabisho gitangura Isabato y’Abayahudi mu karere gatuwemwo n’abo Bayahudi, bakaba bariko barasohoka igihe uyo mugabo yari yitwaje inkoho yugurura umucanwa. Igipolisi kivuga ko abapolisi baciye bamurasa aca arapfa.
Umurwi w’abajejwe amatohoza bariko barihweza imodoka yera isa n’iyanyongwa n’uyo mugabo yitwaje inkoho.
Imirwi y’inyeshamba z’abanya-Palestina yishimiye ico gitero, ariko ntiyavuga nimba ari umwe mu banywanyi bayo yagikoze.
Iki gitero cashimagijwe n’abanya-Palestina bo mu karere ka Cisjordanie/ West Bank hamwe n’abo muri Gaza mu myiyerekano y’ukwigina.
Iki gitero cabaye mu gihe wari umusi wo kwibuka Ihonyabwoko ryakorewe Abayahudi (Holocaust), aho bibuka imiriyoni zitandatu z’Abayahudi hamwe n’abandi bishwe muri rya honyabwoko ryakorwa n’Abanazi mu Budagi mu ntambara ya kabiri y’isi yose.
James Cleverly , umushikiranganji w’Ubwongereza ajejwe imigenderanire, yanditse kuri Twitter ati: "Gutera abantu bariko barasenga mw’isinagoga ku musi wo kwibuka Ihonyabwoko ryakorewe Abayahudi, kandi ari no kw’Isabato, ni ubugome. Turifatanije na bagenzacu b’abanya-Israel”.
Umunyamabanga wa Reta ajejwe imigenderanire ya Amerika n’amakungu, Antony Blinken, avuga ati: "Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziriyamirije zivuye inyuma iki gitero c’ubugome”.
Perezida Joe Biden yavuganye n’umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu akaba yamwemereye ko azomuha uburyo bwose mu kumufata mu mugongo, nk’uko Maison Blanche/ White House (ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Amerika) ibivuga.
Inyuma gato y’ico gitero, Netanyahu yaciye ashika aho cabereye, co kimwe n’umushikiranganji w’umutekano hagati mu gihugu, Itamar Ben-Gvir.

Ahavuye isanamu, Reuters
Ben-Gvir yaremereye abanyagihugu kugarukana umutekano mu mabarabara ya Israel ariko ishavu rigenda ryiyongera kubera aboneka ko ataco arashobora gukora, nk’uko umunyamakuru wa BBC i Jerusalem, Yolande Knell, abivuga.
Icuka kibi cariyongereye kuva abanya-Palestina icenda - harimwo inyeshamba n’abasivire – biciwe mu gitero cakozwe n’igisirikare ca Israel ku wa kane mu karere ka Jenin mu gice ca Cisjordanie cigaruriwe n’Abayahudi.
Cakurikiwe n’ibisasu vya muzinga vyarashwe muri Israel biva muri Gaza, Israel nayo ikaba yaciye yihora n’ibitero vy’indege.
Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Antonio Guterres afise "impungenge nyinshi ku kungene indyane ziyongereye muri Israel no mu karere ka Palestina kigaruriwe n’Abayahudi”, nk’uko bivugwa n’umuvugizi wiwe.
Stephane Dujarric avuga ati: "Iki ni igihe co kwihangana cane”.
Israel yigaruriye Jerusalem y’ Ubuseruko kuva mu ntambara yo mu 1967 mu burasirazuba bwo hagati kandi ifata ko igisagara cose ari wo mugwa mukuru wayo, n’aho igice kinini c’amakungu atavyemera.
Abanya-Palestina bafata ko Jerusalem y’Ubuseruko ari yo izoba umugwa mukuru w’igihugu cabo igihe cikukiye.










