Ingenzi n'abakozi bose barokotse mw'isanganya ry'indege ku kibuga c'indege c'i Toronto

Iyi ndege yerekanywe igaramye

Ahavuye isanamu, John Nelson

    • Umwanditsi, Alex Smith
    • Igikorwa, BBC News, Washington DC
    • Umwanditsi, Nadine Yousif
    • Igikorwa, BBC News, Toronto Pearson airport

Ingenzi n'abakozi bose bari mu ndege yakorotse ikagwa igaramye mu gihe yariko irururuka ku kibuga c'indege ca Toronto Pearson muri Canada, bararokotse, nk'uko umuyobozi mukuru w'ico kibuga c'indege abivuga.

Deborah Flint w'ikigo Greater Toronto Airports Authority agira ati: "Twatomboye cane kubona ata muntu n'umwe yapfuye, hari abakomeretse gusa bukebuke".

Umwana umwe n'abandi babiri bakuze ni bo bakomeretse cane muri iri sanganya nk'uko bivugwa n'ibigo bijejwe ubutabazi, amasanamu yahanahanywe ku mbuga hwaniro akaba yerekana indege iryamye hasi igaramye mw'ibarabara ryuzuye ibarafu. Iboneka nk'uko yatakaje rimwe mu mababa yayo.

Abarongoye ikibuga c'indege Toronto Pearson Airport bavuga ko iyi ndege yagize isanganya ari iyo mw'ikompanyi Delta Air Lines yari ivuye i Minneapolis muri Amerika, mu bantu 80 bari muri yo, 76 bakaba bari ingenzi, bane nabo bakaba ari abakozi bayo.

Ingenzi 18 zose hamwe ni zo zajanywe kwa muganga.

Ikigo ca Ontario gikoresha imodoka n'indege z'ubutabazi (ambulances), Ornge, kivuga ko carungitse kajugujugu z'ubutabazi zitatu hamwe n'imodoka zibiri ahabereye iri sanganya.

Muri aba bakomeretse cane harimwo umwana, umugabo ari mu myaka 60 hamwe n'umugore ari mu myaka 40, nk'uko kibivuga.

Umukuru w'ikibuga c'indege Toronto Pearson Airport akaba n'umuyobozi nshingwabikorwa, Deborah Flint, mu kiganiro yahaye abanyamakuru, avuga ko igikorwa cakozwe n'abajejwe ubutabazi ari "akaroruhore" yongera arabakengurukira ku kungene bafashije kugira ngo ntihagire n'umwe apfa.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ikigo kijejwe indege ca Amerika, Federal Aviation Authority (FAA), kivuga ko iyi ndege ya Delta Air Lines yagize isanganya ari iyisanzwe ikoreshwa n'imwe mu makompanyi akorana nayo, Endeavor Air.

Delta yemeje ko iyi ndege CRJ900 ari yo yagize iri sanganya hafi isaha umunani n'iminota 15 (14:15) mu masaha y'ako karere, ni ukuvuga isaha zitatu n'iminota 15 (21h15) mu masaha ya Gitega na Kigali mw'ijoro ry'ejo ku wa mbere.

21 muri izi ngenzi ni abanya-Canada, abandi nabo bakaba bakomoka mu bihugu bitandukanye, nk'uko bivugwa n'umupfasoni Flint.

Iki kibuga c'indege caciye cugarwa inyuma y'akanya gato habaye iri sanganya, ariko ibikorwa vyahavuye bisubira gutangura inyuma y'amasaha makeya, nk'uko bivugwa n'abakirongoye.

Ishirahamwe rya Canada rijejwe umutekano w'ingendo z'indege, Transportation Safety Board of Canada (TSB), rivuga ko ryarungitse abahinga "kwegeranya amakuru bongere bihweze ivyabaye".

Amabarabara abiri y'iki kibuga c'indege azomara imisi yugaye ku mvo z'amatohoza kandi n'ingenzi zabwiwe ko zokwitega ko hazobaho ugucererwa.

Umukuru w'igisata kijejwe kuzimya imiriro y'ivyaduka ku kibuga c'indege Toronto Pearson, Todd Aitken, avuga ko hakiri kare kumenya ivyabaye ariko ko bashobora kuvuga ko "ibarabara ryari ryumutse kandi ko ata miyaga yari ihari".

Ibi bitandukanye n'amakuru y'intangamarara yavuga ko hari igihuhusi cagenda ku muvuduko w'ibirometero 64 kw'isaha.

Videwo yahanahanywe ku mbuga hwaniro yerekana abantu bariko batumuka bava muri iyi ndege yari igaramye, abajejwe kuzimya imiriro nabo bayitera ifuro.

"Turi i Toronto, turururutse. Indege yacu yagize isanganya, iragaramye", ni ko umugabo umwe yavuze mu gihe yariko afata videwo ari hanze y'iyi ndege igaramye.

Iyi videwo yerekana abakozi b'ikibuga c'indege bariko bafasha ingenzi kwururuka zica mu madirisha, abandi nabo biruka bava mu bwinjiriro bw'indege.

Yumvikana agira ati: "Abantu hafi bose baboneka ko bameze neza. Twese turiko turururuka, hari umwotsi ubandanya usohoka".

Umukuru wa Ontario, Doug Ford, avuga ko abategetsi b'intara bariko baravugana n'abarongoye ikibuga c'indege hamwe n'abategetsi b'akarere kandi ko bazofasha mu bikenewe.

Tim Walz, Buramatari wa Minnesota aho iyo ndege yaje iturutse, avuga ko ashimira "abatabazi n'abahinga bahashitse ubwa mbere".

Hagize imisi hibonekeza ugucererwa kw'indege ku kibuga c'indege Toronto Pearson Airport kubera ibirere bibi, aho hibonekeje ubukonje burenze urugero kandi hagwa n'urubura rwinshi mu bice vya Ontario.

Isegenya yaguye incuro zibiri – incuro ya mbere ku wa gatatu iyindi nayo ku wa Mungu – yatumye iki gisagara gipfukwa n'ibarafu ifise intimbatimba ya santimetero (cm) ziri hagati ya 30 na 50.

Imboneshakure CBS ikorana na BBC muri Amerika ivuga ko igihe iri sanganya ryaba hariko haragwa urubuga rukeya.

Imbere y'iri sanganya ejo ku wa mbere nyene, abarongoye iki kibuga c'indege bari bagabishije ko "hariko haza ubukonje burenze urugero n'imiyaga ikomeye".

Bavuze ko vyari vyitezwe ko haba "ibikorwa vyinshi", aho indege zarondera "kugaruza umwanya zataye inyuma y'isegenya yo mu mpera z'indwi iheze yateje ibarafu ifise intimbatimba ya santimetro 22 ku kibuga c'indege".

Iri sanganya rigize nibura kane mu masanganya akomeye y'indege muri Amerika y'uburaruko mu kwei guheze – harimwo iriherutse kuba igihe indege yunguruza abantu yagonganira mu kirere na kajugujugu hafi y'ikibuga c'indege Ronald Reagan i Washington DC, ryahitanye abantu 67 bose bari muri yo.