FAA yahagaritse indege 171 za Boeing kubera imwe muri zo yavuyeko umuryango iri mu kirere

Ahavuye isanamu, Reuters
Urwego rujejwe kugenzura amakompanyi y'indege muri Reta zunze Ubumwe za Amerika rwategetse guhagarika ingendo za zimwe mu ndege zo mu bwoko bwa 737 Max 9 inyuma y'aho igice kimwe c'indege ya Alaska Airlines kiyiviriyeko kigakoroka.
Urwo rwego, Federal Aviation Administration (FAA) ruvuga ko igenzura rishobora kugira ingaruka ku ndege 171.
Ku musi wa gatanu vyabaye ngombwa ko indege ya Alaska Airline igwa vyihuta inyuma yo guhaguruka mu ntara ya Oregon.
Iyo kompanyi ivuga ko yari yarakoze igenzura ryasabwa na FAA kuri zimwe mu ndege 79 zayo zo mu bwoko bwa Boeing 737 Max9.
Ku musi wa gatandatu, vyari vyitezwe ko kubuza izo ndege gukora bizotuma ingendo 60 zitaba, nk'uko vyashikirijwe n'iyo kompanyi mw'itangazo.
FAA yari yabanje kuvuga ko ishobora "guhagarika vy'agateganyo indege zimwe zimwe za Boeing 737 Max 9 zikoreshwa n'amakompanyi yo muri Amerika canke ku butaka bwa Amerika bwose".
Urwego rujejwe kugenzura amakompanyi y'indege muri Amerika ruvuga ko igenzurwa risabwa rishobora gutwara hagati y'amasaha ane canke umunani ku ndege imwe imwe.
Ikompanyi ya Turkish Airlines na yo nyene yahamagaje indege zayo zitanu zo muri ubwo bwoko kugira zigenzurwe.
Muri iryo sanganya ryabaye ku musi wa gatanu, indege ya kompanyi ya Alaska Airlines yari ivuye Portland, muri Oregon igana Ontario muri Califonia, yari ku metero 4.876 mu kirere, aho yatangura kumanuka ikitaraganya, nk'uko bigaragara ku buhinga bukurikirana ingendo z'indege.
Iyo ndege yari itwaye abantu 177 n'abadereva bayo, yururutse neza aho yari ivuye Portland.
Umukuru w'urwego rujejwe gutwara abantu ku rwego rw'igihugu, National Transportation Safety Board (NTSB), rwagize amatohoza kuri iryo sanganya, yemeje ko ata muntu yari yicaye iruhande y'aho hononekaye.
Jennifer Homendy agira ati:"Twagize Imana gose kuba vyarangiye atawuhasize ubuzima."
Yongeyeko ko amatohoza yerekanye ko umuryango wavuye ku ndege wakorokeye mu gace ka Cedar Hills hegeranye na Portland akaba asaba uwo ari we wese yowutora guca ahamagara igipolisi.
Hagati aho, ikigo kiraba ivyo indege mu Bwongereza, Civil Aviation Authority (CAA) cemeje ko ata ndege n'imwe yo mu bwoko bwa Boeing 737 Max 9 yari muri ico gihugu.
Ku rubuga rwaco rwa X, cagize giti:"Twandikiye abatwara abantu n'ibintu b'abanyamahanga tubasaba ko babanza kugenzura indege zabo imbere y'uko zica mu kirere c'Ubwongereza."
Amasanamu yarungikiwe ibimenyeshamakuru yerekana ahavuye uwo muryango, haboneka ibicu vyijimye n'ibintu bahazibije hamwe n'ibivunjivunji.
Ntiharavugwa icateye iryo sanganya canke inkuru ko hoba hari abakomeretse.










