Boeing na Airbus zigabisha US ku ngorane zishobora guterwa na 5G

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abakuru b'ikompanyi zibiri za mbere rutura mu gukora indege basavye reta ya Amerika gutevya gutangura gukoresha ubuhinga bushasha bw'ama terefone bwa 5G.
Mw'ikete, abategetsi ba Boeing na Airbus bagabisha ko ubwo buhinga bushobora kugira "ingaruka mbi ku bikorwa vy'indege."
Amakenga yari amaze gushikirizwa ko ubuhinga bwa 5G bushobora guhungabanya ivyuma vy'ubuhinga bwa electronic vyo mu ndege.
Ibihangange vya telecoms (ubuhinga bwo gutumatumanako) muri Amerika AT&T na Verizon vyitezwe gutanguza ikoreshwa rya 5G itariki 5 za Nzero (ukwezi kwa mbere).
Abakuru ba Boeing na Airbus Dave Calhoun na Jeffrey Knittel, mw'ikete barungikiye hamwe uwujejwe gutwara abantu n'ibintu muri reta ya Amerika Pete Buttigieg, bamubwiye bati: "Uguhungabanya kwa 5G gushobora kugira ingaruka mbi ku bushobozi bw'indege bwo gukora mu mutekano".
Iryo kete ryishingiye ku bushakashatsi bwakozwe n'umugwi w'ubucuruzi Airlines for Amerika rwatoye ko iyo amategeko y'urwego rwa Amerika rujejwe indege (FAA) aba yagiye mu ngiro mu 2019, hafi ingendo 345.000 z'indege z'ingenzi na 5.400 zitwara imizigo ziba zaracerewe, zarahinduriwe inzira canke zitabaye zikiba.
Igisata c'indege n'urwego rwa Amerika rw'indege (FAA) barashikirije amakenga ko 5G ishobora guhungabanya ivyuma vyo mu ndege nk'amaradiyo y'ibipimo vy'aho indege igeze mu kirere.
Itangazo rya Airbus rivuga ko "Airbus na Boeing bakoranye n'abandi bafise uruhara mu gisata c'indege muri Amerika kugira batahure ihungabana rishobora guterwa na 5G ku vyuma bifata ibipimo vy'aho indege igeze mu kirere (altmeters)".
"Iinteguro y'ingene ingorane zishoboka zoba nke cane ku ndege yarashikirijwe igisata ca Amerika kijejwe gutwara abantu n'ibintu kugira yigwe."
Uku kwezi, urwego FAA rwaragabishije ko uguhungabanya ibindi vyuma guturutse kuri 5G gushobora gutuma indege zihushishwa inzira, ruvuga ko ruzotanga amakuru menshi imbere y'uko ubwo buhinga butangura gukoreshwa itariki 5 Nzero.
Muri Munyonyo (ukwezi kwa 11), kompanyi za AT&T na Verizon zarasibije gutanguza urudandazwa rwa 5G ikiringo c'ukwexzi gushika itariki 5 Nzero zica zifata ingingo zo kwiyubara zo kugabanya ko haba ihungabanya.
Amakompanyi yo mu gisata c'indege avuga ko izo ngingo zidahagije, Boeing na Airbus zikavuga ko zaciye zitanga integuro yazo yo kugabanya imishwarara iturutse ku bikoresho vyo gutumatumanako imbere no mu micungararo y'ibibuga vy'indege no mu bindi bibanza nkoramutima.
Ku ndwi iheze, umukuru wa United Airlines Scott Kirby yavuze ko ingingo za FAA zerekeye 5G zizobuza ikoreshwa z'ibipimo z'aho indege igeze mu kirere ku bibuga bishika 40 mu vya mbere binini muri Amerika.
Kompanyi ya Amerika y'ubuhinga budaciye mu ntsinga CTIA ivuga ko 5G ata ngorane n'imwe iteye akagiriza igisata c'indege gutera ubwoba no kwerekana ukutariko uko ibintu bimeze.
Umukuru wa CTIA Meredith Attwell Baker yavuze mu kwezi guheze ati: "Kuducereza bizogira ingaruka mbi ikomeye. Kurindira uwundi mwaka bizotuma habura miriyaridi 500 z'amadorari mw'izamuka ry'ubutunzi, mu gihe igihugu cacu kiriko kirivyukiranya congera ciyubaka inyuma y'ingaruka za Covid".










