Indege itwaye ingenzi 60 yagonganye na kajugujugu y'igisirikare ca Amerika ikorokera mu ruzi

Isanganya ry'indege

Ahavuye isanamu, Getty Images

Indege yari itwaye ingenzi 60 n'abakozi bayo bane yakorokeye mu ruzi i Washington DC inyuma yo kugongana na kajugujugu y'igisirikare ca Amerika mu kirere.

Ibiziga 19 ni vyo bimaze gutorwa mu ruzi Potomac gushika ubu, aho abajejwe ubutabazi bariko bazunguruka muri ayo mazi y'ubukonje burenze urugero, nk'uko bivugwa n'ikimenyeshamakuru CBS gikorana na BBC muri Amerika.

Abategetsi ba Amerika bari mu bikorwa vy'amatohoza, nayo ikibuga c'indege Ronald Reagan Washington National Airport kiri hafi y'ahabereye iri sanganya kikaba cahagaritse indege zose.

Ibizwi gushika ubu:

Ni ibiki vyabaye ?

Hafi nk'isaha zitatu z'ijoro (21:00) z'ako karere (ni ukuvuga isaha icumi z'ubucagucagu, 4h00, mu masaha ya Gitega na Kigali) mw'ijoro ryakeye, indege y'ikompanyi PSA Airlines ikoreshwa na American Airlines 5432 yagonganye na kajugujugu y'igisirikare ca Amerika igihe yariko yegereza ikibuga c'indege Ronald Reagan Washington National Airport, nk'uko bivugwa n'igisata ca Amerika kijejwe ingendo z'indege Federal Aviation Administration (FAA).

Iyi ndege yunguruza abantu yo mu bwoko bwa Bombardier CRJ700, yari ivuye ahitwa Wichita mu ntara ya Kansas, ikaba yarimwo ingenzi 60 n'abakozi bane bayo, nk'uko bivugwa na American Airlines.

Ibiro vy'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, Pentagon, bivuga ko iyi kajugujugu Sikorsky H-60 yari ivuye ahitwa Fort Belvoir mu ntara ya Virginia.

Umukuru w'igisagara ca Washington DC, Muriel Bowser, avuga ko iyi kajugujugu yarimwo abasirikare batatu.

Ikinyamakuru CBS News cabwiwe ko iyi kajugujugu yari mu myimenyerezo.

Ikigo FAA kivuga ko kizokora amatohoza kuri iri sanganya, kiri kumwe n'ikigo c'igihugu kijejwe umutekano w'indege National Transportation Safety Board (NTSB).

Ababibonye bavuga iki ?

Ari Schulman yabwiye ikinyamakuru NBC Washington ko yabonye iyi ndege ikoroka mu gihe yariko anyonga imodokari kw'ibarabara George Washington Parkway, ribangabanganywe n'ikibuga c'indege.

Avuga ko iyi ndege yasa n'iyariko irururuka neza, gushika aho yagiye kubona ihengamira i buryo giturumbuka, "irekura ibishirira" vyamurika musi yayo.

Avuga ko aho ari ho yagiye kumenya ko ibintu "vyari bimeze nabi cane". Nk'uwari amaze kubona ingene indege zigwa kuri ico kibuga muri kahise, avuga ko igice co musi y'indege mu bisanzwe kidashobora kuboneka iyo ari mu mwijima.

Jimmy Mazeo avuga ko yabonye iyi ndege ikoroka igihe yariko arafungura ari kumwe n'umukunzi wiwe mu kibanza c'ukwinezereza hafi y'ikibuga c'indege.

Avuga ko atitayeho cane ivyo yariko arabona gushika aho abajejwe ubutabazi batanguye kwisukira.

'Umugore wanje yanyandikiye ko yari gushika mu minota 20'

Hamaad Raza avuga ko yari ku kibuga c'indege Reagan Washington National Airport arindiriye ko umugore wiwe yari muri iyi ndege ashika, igihe amakuru y'iri sanganya yamushikira.

Yabwiye CBS ati: "Yanyandikiye ko yari gushika mu minota 20.

"Nguma nsaba Imana ko hogira uwomukura muri uru ruzi ubu nyene".

Abategetsi bavuga iki ?

Perezida Donald Trump avuga ko yamaze kumenyeshwa ivy'iri "sanganya riteye ubwoba" kandi ko akurikiranira hagufi ingene ibintu biriko biragenda.

"Imana yakire imitima yabo", niko yavuze mw'itangazo. "Turashimira abajejwe ubutabazi ba mbere bahashitse ku gikorwa kidasanzwe bariko barakora".

Ku rubuga hwaniro rwiwe, TruthSocial, ntatahura kandi ukuntu isanganya nk'iri ryoshobora kuba. "Ivyabaye ni ibintu bibi biboneka ko vyari kuba vyashoboye kwirindwa. SI IKINTU CIZA!!!"

Umushikiranganji wo kwivuna abansi Pete Hegseth hamwe n'umushikiranganji ajejwe kwunguruza abantu n'ibintu Sean Duffy, bompi bari baherutse kwemezwa inyuma yo kugenwa, na bo nyene bavuga ko bariko barabikurikiranira hafi.

Duffy avuga ko bazokwihweza ivyaraye bibaye kandi ko bazofata ingingo zikenewe.

Umukuru wa kompanyi American Airlines Robert Isom avuga ko ababajwe cane n'iri sanganya.

Isanganya rya mbere rikomeye ry'indege yunguruza abantu muri Amerika kuva mu 2009

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Isanganya rikomeye ry'indege muri Amerika ryari iryaheruka kuba muri Ruhuhuma (2) 2009, igihe indege y'ikompanyi Continental Airlines yari ivuye ahitwa Newark mu ntara ya New Jersey, ikaba yariko ikoreshwa n'ikompanyi Colgan Air, yakorokera mu nzu mu gihe yariko irururuka ku kibuga c'indege c'i Buffalo, New York.

Iyi ndege yari iyo mu bwoko bwa Bombardier Q400, abantu 49 bakaba ari bo baguye muri iri sanganya.

Isanganya rya vuba ry'indege y'ikompanyi American Airlines ryahitanye abantu benshi ni iryabaye muri Munyonyo (11) 2001 hafi y'ikibuga c'indege John F. Kennedy International Airport.

Iyi ndege yo mu bwoko bwa Airbus A300, yakorotse haciye akanya gato igurutse, abantu 265 barahahonera.

Mu 2009 naho, indege y'ikompanyi Airways Airbus A320 yarakorotse haciye iminota mike ihagurutse ku kibuga c'indege ca LaGuardia mu gisagara ca New York, inyuma y'aho imoteri zibiri zompi zizimiye kubera ikirwi c'inyoni ziteye muri izi moteri.

Mu buryo bw'igitangaza, umudereva wayo yarashoboye kuyishikana ku ruzi Hudson, abari muri yo bose 155, ingenzi n'abakozi bayo, bakaba barashoboye kurokorwa ata n'umwe muri bo ahasize ubuzima.