'Naremeye bamfata ku nguvu kugira nkize abakobwa banje' - amagorwa y'abagore muri Sudani

Umugore muri Sudani

Ahavuye isanamu, BBC/Mohanad Hashim

    • Umwanditsi, Barbara Plett Usher
    • Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC muri Afrika

Sudani ku nkombe y'inyenga.

Inyuma y'amezi 17 y'intambara y'ubugome iriko iratabagura igihugu, igisirikare catanguye igitero gikomeye ku mugwa mukuru Khartoum, mu turere turi mu minwe y'umukeba waco, umurwi Rapid Support Forces (RSF) witwara gisirikare.

Igihe intambara zatangura, RSF yarigaruriye igice kitari gito ca Khartoum, mu gihe igisirikare naco kigenzura igisagara kigenzi cayo ca Omdurman, hakurya y'uruzi Nil.

Ariko haracasigaye uduce abanyagihugu bashobora kujabukiramwo bava ku ruhande rumwe baja ku rundi.

Igihe kimwe nahuye n'umurwi w'abagore bari bagenze amasaha ane baje mw'isoko riri mu karere kagenzurwa n'ingabo za reta mu nkengera za Omdurman, aho imfungurwa zisanzwe zizimbutse.

Aba bagore bari bavuye ahitwa i Dar es Salaam, akarere kari mu minwe ya RSF.

Bambwiye ko abagabo babo batashobora kuba bakiva mu mazu, kubera abarwanyi ba RSF babakubita, bakabanyaga amahera yose baba bafise, canke bakabapfunga hanyuma bakabasaba amahera kugira ngo babarekure.

Umwe muri bo ati: "Turemera aya marushwa kugira ngo dushobore kugaburira abana bacu. Turashonje, dukeneye ico dufungura".

Uragaba: Bimwe mu bivugwa muri ino nkuru bishobora kuba biteye ubwoba/birashobora kukubabaza.

Hanyuma none aba bagore, nk'uko nabibajije, barafise umutekano gusumba abagabo? Bite ku bijanye no gufata ku nguvu?

Haciye haba agacerere.

Hanyuma haravamwo umwe muri bo.

Akorora amosozi kandi mu majambo yisukira nk'isegenya, agira ati: “Hano hari abagore benshi cane bafashwe ku nguvu, ariko ntavyo bavuga. None ubundi bwobwo vyohindura iki?"

Abandanya ati: “Abakobwa bamwe bamwe, RSF ibaryamika mu mabarabara mw'ijoro. Iyo bavuye muri iri soko batevye, RSF irashobora kubagumana imisi itanu canke itandatu".

Miriam ati: "Nabwiye aba ba RSF nti: 'Nimba hari abo mushaka gufata ku nguvu, ni jewe'"
Insiguro y'isanamu, Miriam ati: "Nabwiye aba ba RSF nti: 'Nimba hari abo mushaka gufata ku nguvu, ni jewe'"
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Igihe yariko aravuga, nyina wiwe yari yicurikiriye yifashe mu mutwe, arira cane. Abandi bagore bari iruhande yiwe na bo nyene baciye batangura kurira.

Abaza ati: “Wewe, kw'isi ubayeko, umwana wawe asohotse, woca umuheba? Ntiwoja kumurondera? Oya tubwire, twokora iki? Twebwe ntaco twokwishoboza, nta n'umwe atwitayeho. Mbega amakungu ari he? Kubera iki mutadutabara!"

Aha hantu nta kindi kiharangwa atari umwiheburo.

Ingenzi zivuga ko zikorerwa amarorerwa, zikanyagwa zikanakubagurwa muri ino ntambara ishirahamwe ONU rivuga ko imaze gutuma abantu barenga imiriyoni 10.5 bata izabo.

Ariko ihohotera rishingiye ku gitsina ni co kintu nyamukuru kiranga ino ntambara idahera, yatanguye nk'iyo kurwanira ubutegetsi hagati y'igisirikare na RSF ariko mu nyuma hakinjiramwo imirwi yitwaje ibirwanisho yo mu turere n'abarwanyi bavuye mu bihugu bibanyi.

Umukuru w'igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu, Volker Turk, avuga ko ugufata ku nguvu kuriko gukoreshwa nk'"ikirwanisho muri ino ntambra".

Ubutumwa bwa ONU bwari bwarungitswe kurondera ukuri ku biriko biraberayo bwaronse amakuru atari make y'abafashwe ku nguvu n'abandi batewe ubwoba ko bari gufatwa ku nguvu bikozwe n'abo mu gisirikare ca reta.

Ariko ubu butumwa bwasanze ihohotera rifatiye ku gitsina ryo ku rugero runini ryarakozwe na RSF n'imirwi yitwaje ibirwanisho ikorana nayo, kandi rishobora kuja ku rugero rw'ivyaha vyo guhonyanga amategeko mpuzamakungu.

Umwe mu bagore bavuganye na BBC yaragirije RSF ko yamufashe ku nguvu.

Twamusanze mw'iryo soko rikunze kwitwa Souk al-Har - canke Isoko ry'Ubushuhe.

Kuva ino ntambara itanguye iri soko ryaragutse rigera mu karere k'ubutaka bw'ubugaragwa kw'ibarabara rija hanze ya Omdurman, isoko rihurumbirwa na ba nyarucari kubera ibiciro vyaryo biri hasi.

Iyi ntambara yo muri Sudani yateje akaga gakomeye ku mibereho y'abanyagihugu

Ahavuye isanamu, BBC/Ed Habershon

Insiguro y'isanamu, Iyi ntambara yo muri Sudani yateje akaga gakomeye ku mibereho y'abanyagihugu

Miriam, si ryo zina ryiwe ry'ukuri, yarataye urugo rwiwe i Dar es Salaam ahungira kwa musazawe.

Ubu akora mu kaduka k'icayi. Avuga ko igihe intambara yatangura, abagabo babiri bitwaje ibirwanisho binjiye mu nzu yiwe barondera gufata ku nguvu abakorwa biwe - umwe w'imyaka 17 uwundi w'imyaka 10.

Ati: “Nabwiye aba bakobwa nti 'hagarara inyuma yanje', hanyuma mbwira aba ba RSF nti: 'Nimba hari abo mushaka gufata ku nguvu, ni jewe'".

"Barankubise hanyuma bantegeka kwambura impuzu. Imbere y'uko ndazikura, nabwiye abakorwa banje kugenda. Baciye bafata abandi bana basimba urugo. Hanyuma umwe muri bo aca andyamako."

RSF yabwiye abakora amatohoza mpuzamakungu ko yafashe ingingo zose zikenewe zo kuzibira ihohotera rishingiye ku gitsina be n'ibindi vyaha bijanye n'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu.

Ariko inkuru zijanye n'ihohotera rishingiye ku gitsina ni nyinshi kandi zimeze kumwe, kandi umubabaro ritera ufise ingaruka zidahera.

Ibitero vyo mu kirere n'ugutana mu mitwe mu mabarabara vyarononye cane ibintu muri Sudani

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ibitero vyo mu kirere n'ugutana mu mitwe mu mabarabara vyarononye cane ibintu muri Sudani

Yicaye ku gatebe mu gitutu c'ibiti, Fatima, si ryo zina ryiwe ry'ukuri, yambwiye ko yaje i Omdurman kuvyara amahasa, kandi ko umugambi wari uwo kuhaguma.

Umwe mu babanyi biwe, nk'uko abivuga, umukobwa w'imyaka 15, na we nyene yari yasamye inda, inyuma y'aho we na mukuruwe w'imyaka 17 bafatiwe ku nguvu n'abasirikare bane ba RSF.

Avuga ko abantu bavyuwe n'amaborogo baja kuraba ivyariko biraba, ariko ko aba bagabo bitwaje ibirwanisho babwiye ko bari kubarasa ari nka hamwe batari gusubira mu mazu yabo.

Mu gitondo bukeye, basanze abo bakobwa babiri bafise ibimenyetso vyo gukubagurwa ku mibiri yabo, musaza wabo mukuru nawe yugaraniwe muri kimwe mu vyumba.

Fatima ati: “Muri ino ntambara, kuva RSF ishitse, ubwo nyene twaciye dutangura kwumva ivyo gufata ku nguvu, gushika tuvyiboneye imbere yacu mu babanyi.

"Mu ntango twarashidikanya [kuri aya makuru] ariko ubu turazi ko ari RSF yafashe ku nguvu aba bakobwa."

Abandi bagore bariko bariyegeranya kugira ngo bafate urugendo rubashikana muhira mu turere tugenzurwa na RSF - bavuga ko bakenye cane ku buryo batoshobora gutangura ubuzima bushasha nk'uko Miriam yabigenjeje amaze kuva i Dar es Salaam.

Mu gihe iyi ntambara ikibandanya, nta kundi bari bugire atari gusubira muri ano mahano iteje.