Luanda: M23 yategetswe guhagarika intambara kuva ejo ku wa gatanu kandi igasubira inyuma

Ahavuye isanamu, Ntahe House
Umuhari w’inyeshamba utegerezwa guhagarika intambara wongere uve mu turere wigaruriye, iyo ni imwe mu ngingo zikomeye zafashwe n’abakuru b’ibihugu bari bakoraniye mu nama ejo ku wa gatatu i Luanda muri Angola.
Barerekanye impungenge ku kungene M23 ibandanya ironka ibirwanisho bihanitse n’ubundi buryo buyituma ikora ibitero ku ngabo za Congo, hamwe n’uko imirwi yitwaje ibirwanisho ibandanya ikiyogoza mu buseruko bwa Congo “bikaba bibangamiye amahoro n’umutekano mu karere kose”.
Haraciye amezi intambara ari urutavanako mu buseruko bwa Congo hagati y'ingabo za reta, FARDC n'umuhari M23, ukaba umaze kwigarurira uturere tutari duke dukikuje umugwa mukuru w'intara ya Kivu ya Ruguru, Goma.
Muri iyo nama, aba bategetsi b’ibihugu vy’akarere bemeje ko mu gihe M23 itokurikiza ivyo bayitegeka bazoca basaba ingabo z’akarere ko zikoresha inguvu.
BBC yagerageje kuvugisha abavugizi ba M23 kuri iyi myanzuro ya Luanda, ariko ntibirashoboka gushika ubu.
Uyu muhari w’inyeshamba wagirizwa ko ushigikiwe n’Urwanda ariko ukabihakana, co kimwe nyene na reta y’Urwanda.
Ibiro bishinzwe Africa mu bunyamabanga bw’imigenderanire bwa Amerika bimenyesha ko bishyigikiye inama ya Luanda, kandi ko kugira ngo amahoro agaruke mu buseruko bwa Congo, bisaba ko :
“M23 ihagarika intambara, Urwanda ruhagarika gufasha M23, impande zose zikareka amajambo y’urwanko zikubahiriza ivyo ziyemeje ku mahoro n’ugusubiza hamwe”.
Kuri uyu wa 23 Munyonyo (11), Perezida João Manuel Lourenço wa Angola yahamagaje abakuru b’ibihugu vy’akarere kugira ngo bige ikirangamisi c’ibikorwa vyihuta mu ntumbero yo guhagarika intambara no kuva mu turere M23 yigaruriye idatevye, be no kwiga ingene umugambi w’amahoro wa Nairobi na Luanda woshirwa mu ngiro.
Abakuru b’ibihugu bitavye iyo nama, aribo Perezida Evariste Ndayishimiye w’Uburundi akaba n’umukuru w’Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko, Felix Tshisekedi wa Repubulika y’Intwaro Rusangi ya Congo, umushikiranganji Vincent Biruta yaserukiye Perezida Paul Kagame w’Urwanda, hamwe na Uhuru Kenyatta yagenywe n’Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko (EAC) kugira ngo ahagararire ibiganiro vya Nairobi, bibanze ku kungene umutekano uhagaze mu buseruko bwa Congo, aho babonye ko ibintu bitameze neza.
Zimwe mu ngingo zafashwe mu ntumbero yo guhagarika intambara muri ako karere, harimwo ko umuhari M23 utegerezwa guhagarika ibitero ku ngabo za Congo na MONUSCO kuva isaha cumi na zibiri z’umugoroba zo ku wa 25 Munyonyo (11), ni ukuvuga ejo ku wa gatanu.
M23 itegekwa gukurikiza ata guhigimanga ivyashitsweko n’abakuru b’ibihugu ba EAC i Nairobi na Luanda, be n’abakuru ba gisirikare b’ibihugu vya EAC mu nama yabo yabereye i Bujumbura ku wa 08 Munyonyo.
Bemeje kandi ko uyu muhari utegekwa gusubira ku birindiro vyawo vy’imbere y’intambara.
“Mu gihe M23 wogambarara ntuve mu turere twose ugenzura muri kino gihe, abakuru b’ibihugu ba EAC bazoca bategeka ingabo z’akarere gukoresha inguvu kugira ngo zishikane”, niko itangazo baraye basohoye rivuga.
Amasezerano ya Nairobi ategekanya ko ingabo za Kenya zizorungikwa mu gisagara ca Goma, be no mu turere twa Bunagana, Rutshuru na Kiwanja twigaruriwe na M23.
Aba bakuru b’ibihugu bemeje kandi ko kizira gusubira gufasha umuhari M23 n’iyindi mihari yose y’inyeshamba yaba iyo muri Congo canke mvamahanga, haba mu buryo bwa gisirikare canke bwa poritike.
Bategeka imihari FDLR-FOCA, RED-TABARA, ADF n’iyindi mirwi yitwaje ibirwanisho ikorera ku butaka bwa Congo gushira ibirwanisho hasi idatevye kandi igasubira mu bihugu vyayo ataco irinze gusaba, nk’uko biri mu masezerano ya Nairobi.
Basaba kandi ko hoba ibiganiro hagati ya Congo n’Urwanda mu ntumbero yo kunagura imigenderanire hagati yavyo.
Ikirangaminsi (gahunda) co gushira mu ngiro ingingo zafashwe
Umunsi wo ku wa gatanu itariki 25 ukwezi kwa 11 wafashwe nk'umunsi-fatiro (Jour J canke Umunsi J).
Uretse ko ariwo munsi umugwi M23 wategetswe ko ariho uzohagarikirako intanbara kuva isaha 12 z'umugoroba, n'ikirangaminsi c'ingene izindi ngingo zizohsiurwa mu ngiro zifatira kuri uwo munsi.
- Umunsi J: 25/11/2022, guhagarika intambara: 25/11, isaha 12 z'umugoroba
- Umunsi J+2: ukuva kwa M23 mu birindiro wafashe ubu vuba no gusubira aho wahora imbere y'aho:
- Umunsi J+2: gushiraho ibikenewe kugira ibirindiro M23 yahoramwo bije mu minwe y'ingabo z'akarfere:
- Umunsi J: guhagarika gushigikira mu buryo ubwaribwo bwose bwa gisirikare na poritike umugwi M23 n'iyindi migwi yose ikorera muri Congo yaba iyo muri ico gihugu canke iyituruka hanze:
- Umunsi J+5: gushira ibigwanisho hasi kwa FDLR-FOCA, RE-TABARA, ADF n'iyindi migwi no gutaha iwabo ata kindi gisabwe
- Umunsi J+5: kwaka ibigwanisho no kwegeraniriza hamwe M23 ahantu hagenzurwa n'ingabo za Congo
- Umunsi J+7: gusubira mu vyabo kw'abantu bateshejwe ingo zabo
- Umunsi J+10: gusubira no kubandanya ibiganiro hagati ya reta ya Congo n'imigwi yitwaje ibigwanisho yo muri ico gihugu
- Umunsi J+60: gusubira ibiganiro hagati ya Congo n'Urwanda bigamije kwunga imigenderanire myiza nk'uko yahora
- Umunsi J+15: kwiga itahukanwa ry'impunzi zose mu bihugu zaje zivamwo










