DRC-M23: Mu mubonano na Ruto Tshisekedi yasubiye kwagiriza u Rwanda

William Ruto na Felix Tshisekedi
Insiguro y'isanamu, Prezida Tshisekedi yashimiye mugenzi wiwe Ruto ku twigoro two gufasha Congo

Umukuru wa Kenya William Ruto uyu munsi yakoze urugendo i Kinshasa, umurwa mukuru w’ico gihugu.

Prezida Ruto yabonanye kandi avugana na mugenziwe wa Congo Felix Tshisekedi.

Uwo mubonano wabo wabaye mu gihe hasibijwe ibiganiro vyari bitegekanijwe gutangura uyu munsi muri Kenya hagati ya reta ya Congo n’imigwi yitwaje ibigwanisho mu ntumbero yo kurondera amahoro mu buseruko bwa Congo.

Ico gice c’igihugu kirangwamwo imigwi myinshi yitwaje ibigwanisho na cane cane uwa M23 umaze igihe warasubiye kugwana uranafata ibice bitari bike vy’akarere ka Rutshuru mu ntara ya Nord Kivu.

Mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru bahejeje kubonana, abakuru ba Kenya na Congo bavuze ko ikibazo c’ingene amahoro yogaruka mu buseruko bwa Congo arico nyamukuru baganiriyeko.

Ahagararanye na prezida Willian Ruto wa Kenya, Prezida wa Congo Felix Tshisekedi yasubiyemwo ivyo yari maze kuvuga ko igihugu ciwe cagabweko igitero n’igihugu kibanyi c’u Rwanda.

Tshisekedi yashimiye Ruto ko kuva ashitse ku butegetesi mu kwezi kw’icenda guheze yerekanye ishaka ryo gufasha ico gihugu kugarukana amahoro.

Yagize ati: “Nashaka kumushimira ku gushigikira igihugu cacu. Kuva ashiste ku butegetsi bw’igihugu ciwe, Prezida wa Kenya Ruto yarerekanye ko afise ishaka rikomeye ryo gufasha igihugu cacu gusubira mu nzira y’amahoro. Amahoro tumaze imyaka mirongo ibiri turiko turarondera”.

Kenya iri mu bihugu vy’ishirahanjwe rya Afrika y’ubuseruko EAC vyarungitse ingabo gufasha muri ico gikorwa.

Ariko hakomeje kubazwa ibibazo vy’ico izo ngabo zizokora na cane cane ko zizoja mu bikorwa vyo kurwanya imigwi yitwaje ibigwanisho nka M23.

N’uyu munsi Willian Ruto yongeye kukibazwa. Ariko n’ubu ico kugwana bisa n’uko ata nyishu caronse.

Bwana Ruto yagize ati: "Dufise ingabo nyinshi zo gucungera amahoro muri Congo. Ariko tubiravye nk’umuryango w’akarere, ntitubona ko ayo mahoro yo gucungera ahari.

"Nico gituma hakenewe cane ko haba inteko zo kwubahiriza amahoro biciye mu ngabo za Afrika y’Ubuseruko.

"Inshingano z’izo ngabo z’akarere nizo inteko za Kenya zisunga mu butumwa zagiyemwo muri Congo”.

Uretse Kurungika ingabo, uwahoze ari unukuru w’ico gihugu Uhuru Kenyatta yahawe ubutumwa n’umuryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko EAC bwo gufasha kugira habe ibiganiro hagati ya reta ya Congo n’imigwi yitwaje ibigwanisho irangwa mu buseruko bwa Congo.

Ibiganiro vyari bitegekanijwe gutangura kuri uyu wa mbere i Nairobi muri Kenya, ariko vyasivye ku munota wa nyuma.

William Ruto
Insiguro y'isanamu, Prezida William Ruto yagiye kubonana na Tshisekedi i Kinshasa mu gihe ibiganiro vyari vyitezwe i Nairobi bitabaye

Umuntu akora mw’itegurwa ry‘ivyo biganiro atashimye kumenyekana izina yabwiye BBC ko mu gihe vyose vyasa n’ivyatunganye ngo ibiganiro bibe, batangajwe n’ingene reta ya Congo isa n’iyerekanye ko ata gushaka kugaragara kwo kubizamwo.

Reta ya Congo yavuze ko itazokwemera kuganira n‘umuhari M3, uwo mugwi utavuye mu turere uherutse kwigarurira ukanashira ibigwanisho hasi, ivyo uwo muhari wavuze ko utazokora.

Mu kiganiro abategetsi ba Kenya na Congo bahaye abamenyeshamakuru bahejeje kubonana, ntaco bavuze ku co boba bavuganye ku casibije ibiganiro n’isango rishasha vyoba vyimuriweko.