Amerika igiye kuvana muri Agoa Uganda n'ibindi bihugu bitatu vyo muri Afrika

Joe Biden

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Amerika yavanyemwo kandi Burkina Faso, Mali na Guinee muri Agoa mu mwaka uheze kuko vyose vyabayemwo itembagazwa ry'ubutegetsi
    • Umwanditsi, Gloria Aradi
    • Igikorwa, BBC News

Umukuru wa Amerika Joe Biden yahishuye umugambi wo kuvana Uganda, Gabon, Niger na Centrafrique mu masezerano adasanzwe y’ubucuruzi hagati ya Afrika na Amerika azwi nka Agoa, African Growth Opportunity Act.

Ayo masezerano yashizweho na Amerika kuva mu 2000.

Ayo masezerano aha ibihugu vyo muri Afrika yo munsi y’ubugararwa bwa Sahara biyarimwo uburenganzira bwo gushora muri Amerika ibicuruzwa birenga 1.800.

Prezida Biden yavuze ko Niger na Gabon, ibihugu vyompi ubu bitwarwa n’abasirikare batembagaje ubutegetsi uyu mwaka, bitemerewe kuja muri Agoa kuko ''bitashizeho canke bitariko birakomeza gutera imbere mu gukingira ubwinshi bw’iyumviro vya poritike hamwe n’intwaro igendera ku mategeko''.

Yanavuze kandi ko kuvana Uganda na Centrafrique muri ayo masezerano vyatewe no ''guhonyanga bikomeye uburenganzira bwa muntu bwemewe mu makungu'' n’ama reta y’ivyo bihugu.

Mu kwezi kwa gatanu, Amerika yari yavuze ko iriko iribaza kuvana Uganda muri Agoa hanyuma ikanashiraho ibihano kuri ico gihugu inyuma y’aho cemereje amategeko atavugwako rumwe yerekeye abahuza ibitsina bafise bimwe (abagore ku bagore canke abagabo ku bagabo).

Iryo tegeko, ritegekanya igihano co gupfa ku bantu bagiriwe no kuja mu bikorwa bimwe bimwe vy’imibonano mpuzabitsina ku babisangiye, ryaraneguwe cane um makungu.

Mw’ikete yarungikiye inzego nshingamategeko, prezida Biden yavuze ko ivyo bihugu, n’aho vyagumye bivugana na Amerika, vyananiwe no kuvanaho amakenga yayo ku kuba bitujuje ibisabwa k'uwinjira muri Agoa.

Ivyo bihugu biracitezwe kugira ico bivuze kuri iyo ngingo ishitse mu gihe Afrika y’Epfo iriko irategura ikoraniro rya Agoa rigira 20 rizoba kuri uyu wa kane.

Kuvanwa muri Agoa vyitezwe gutangura kuja um ngiro kuva mu ntango z'umwaka uza kandi kuzogira ingaruka ku butunzi, kuko Agoa yafasha mu guteza imbere ibishorwa hanze, kuzamura ubutunzi no mu kugwiza akazi mu bihugu biri muri ayo masezerano.

Ivyo bihugu bizohomba iki?

Centrafrique niyo isa n’iyitazobabazwa no kuvanwa muri Agoa, mu gihe itarengeje 881.000 vy’ama dorari ($) vy’ibintu yashoye muri Amerika mu 2022, nk’uko vyerekanwa n’amakuru ya reta ya Amerika.

Ariko ico gihugu muri uwo mwaka nyene caguriye muri Amerika ibintu biciye miriyoni 32 z’ama dorari, bituma haba ubusumbane bunini cane mu bucuruzi hagati y’ivyo bihugu bibiri.

Amerika yerekana kandi ko Uganda yashoye muri Amerika ibintu biciye miriyoni 17 z’ama dorari mu mwaka uheze, Gabon nayo ishorayo ibiciye miriyoni 220, Niger nayo miyiyoni 73 muri uwo mwaka nyene (yose ni mu ma dorari).

Mu kwezi guheze, prezida wa Uganda Yoweri Museveni yatangaje ko ama kompanyi yo muri Amerika aja yarahagaritse kugura impuzu -nazo zari zisanzwe ziri mu masezerano ya Agoa- zo muri Uganda kubera igihugu cemeje itegeko ryekeye imibonano mpuzabitsina hagati y’abafise ibisa.

Agoa
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu kwezi kw’umunani, prezida Museveni yarahagritse kwinjiza mu gihugu impuzu zamaze kwambarwa (kombo kombo), ingingo vyibazwa ko irondera gukora kuri Amerika, igihugu gisanzwe kivamwo bene izo mpuzu nyinshi zinjira muri Uganda no mu bindi bihugu vyo muri Afrika.

Gukangisha kuvana Niger na Gabon muri Agoa niyo ngingo ya vuba Amerika ifatiye ivyo bihugu bibiri bitwarwa n’abasirikare batembagaje ubutegetsi.

Ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire ku ndwi iheze bwatangaje ko buhagaritse nyinshi um mfashanyo Amerika yaha Gabon, kandi ko imfashanyo izosubira gutangwa ari uko reta mfatakibanza ishizeho intwaro ya demokrasi.

Mu kwezi kw’umunani, umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire, Antony Blinken, yari yatangaje ingingo nk’iyo kuri Niger, avuga ko ''Amerika ihagaritse imwe mu migambi yahora ifasha reta ya Niger''.

Burkina Faso, Mali na Guinee vyose vyaravanywe muri Agoa inyuma y'aho abasirikare batemgabarije ubutegetsi muri ivyo bihugu.