Sentare yakuyeho itegeko mpanavyaha ribuza gukorora inda muri Mexique

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Na George Wright & Tom Bayly
- Igikorwa, BBC News
Sentare nkuru ya Mexique yemeje ko gukorora inda atari icaha mu gihugu cose.
Iyi ngingo ije inyuma y’imyaka ibiri ifashe ingingo yashigikira abarwanya itegeko ryahahora mu ntara ya Coahuila iri mu buraruko bw’ico gihugu. Iyo ngingo yavuga ko ibihano mpanavyaha vyahabwa abakoroye inda vyari biteye kubiri n’ibwirizwashingiro.
Intara za Mexique na reta y’iki gihugu vyagiye bikwega amaguru mu gukuraho ingingo mpanavyaha.
Iyi ngingo nshasha itanga uburenganzira bwo gukorora inda mu ntara zose 32 zigize ik igihugu.
Sentare nkuru y’igihugu ivuga ko kubuza abashaka gukorayo imbanyi ari uguhonyanga uburenganzira bw’abagore.
Umukuru wa sentare nkuru y’igihugu, Arturo Zaldívar , avuga ati: "Iyo habaye ivyo gusambanya ku nguvu, nta mukobwa n’umwe ashobora guhatirwa kuba nyina wa muntu - yaba reta, canke abavyeyi canke umurezi wiwe”.
"Hano, uguhonyanga uburenganzira bwiwe ni ikintu kibi cane, atari gusa nk’uwakorewe ikibi, ariko kandi kubera n’imyaka yiwe, bikaba ngombwa ko ikibazo cihwezwa bashingiye ku gushira imbere ineza y’abana bakiri bato”.
Iyi ngingo yugururiye imiryango ibigo vy’igihugu bijejwe amagara y’abantu gufasha abashaka gukorora imbanyi. Yakirijwe yompi n’amashirahamwe aharanira uburenganzira bw’abagore.
Igisagara ca Mexico ni co cabaye ica mbere cakuyeho itegeko mpanavyaha rihana abakoroye inda, hari mu 2007, ibindi bikaba vyagiye bikurikira.
Ariko hampande y’uburyo budakwiye bwo gufasha abavyipfuza, “abagore benshi ntibazi ko bafise ubu burenganzira kubera intwaro zo hasi zitaratangura igikorwa co kubibigisha”, nk’uko Sara Lovera , umwe mu baharanira uburenganzira bw’abagore, yabibwiye itororokanirizo ry’amakuru AFP.
Ati: "Nico gituma ingingo y’uno musi ya Sentare nkuru y’igihugu ari ngirakamaro".
Iyi ngingo nshasha yitezwe gutera uburakari abanyaporitike bagitsimbataye ku vya kera hamwe na Ekleziya Katolika, muri iki gihugu kigira kabiri ciganjemwo Abakatolika benshi muri Amerika y’ubumanuko.
Hagati aho, inguvu za Ekleziya Katolika zigenda zigabanuka kuva mu myaka mike iheze kandi n’igihugu kigafata ko ata dini na rimwe cegamiye.
Ibihugu vya Amerika y’ubumanuko bimaze igihe bitezura amategeko abuza gukorora inda mu ciswe "green wave" (twogereranya na Umupfunda w’icatsi kibisi).
Guhitamwo gukuramwo inda biremewe n’amategeko muri Colombia, Cuba, Uruguay na Argentina n’aho uwuri imbere mu myiyamamazo y’amatora y’umukuru w’igihugu muri Aergentina ategekanijwe mu kw’icumi, Javier Milei, ashaka gukuraho iri tegeko.
Ibihugu bimwe bimwe biratanga uburenganzira bwo gukorora inda mu bihe bimwe bimwe nk’igihe habaye ivyo gufata ku nguvu canke hari ibibazo vy’amagara, mu gihe muri El Salvador, Honduras, Nicaragua, Haiti na Republique Dominicaine bibujijwe cane.
Izi mpinduka muri Mexique no mu bindi bihugu vya Amerika y’ubumanuko ziratandukanye n’ingene ibintu bimeze muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika aho mu mwaka uheze sentare nkuru y’igihugu yafuse itegeko ryo mu 1973 ryatanga uburenganzira mu gihugu cose bwo gukorora inda.










