'Gukorakora ku gitsina c'uwundi amasegonda adashika 10 si ikubagurwa' - Ingingo y'umucamanza mu Butaliyano

Ahavuye isanamu, INSTAGRAM
Abantu benshi mu Butaliyano berekanye agashavu ku mbuga hwaniro inyuma y'aho sentare imwe yambikiye izera umunyezamu w'ishure yari yakorakoye umwana w'umukobwa ku gitsina kubera "atabigize umwanya muremure".
Ivyo vyabaye ku mwana w'umwigeme w'imyaka 17 yiga mw'ishure ry'isumbuye i Roma.
Yavuze ko igihe yariko araduga ingazi agiye gukurikirana icigwa ari kumwe n'umugenzi wiwe, yumvise ipataro yiwe ikorotse, ikiganza gikorakora ibisusu kinamukura n'ikareso.
"'Cherie' [Mukunzi] nariko ndifyinira", uko ni ko uwo mugabo yaciye amubwira abonye ahindukiye.
Inyuma y'aho ivyo bibereye mu kwezi kwa kane mu 2022, uwo munyeshure yarareze uwo mukozi w'ishure, azwi kw'izina rya Antonio Avola, w'imyaka 66.
Uwo mugabo yaremeye ko yakorakoye uwo munyeshure batavyumvikanye, ariko ko yariko arifyinira.
Gukorakora umuntu amasegonda 10
Umushikirizamanza w'i Roma yari yasabiye uwo muzamu gupfungwa imyaka itatu n'igice, ariko yagizwe umwere muri iyi ndwi ku caha co gukubagurwa bifatiye ku gitsina. Abacamanza bavuga ko ivyabaye "ata caha kirimwo" kuko vyamaze umwanya udashika n'isegonda cumi.
Kuva urwo rubanza ruciwe, ijambo "palpata breve" (gukorakora umwanya muto), ryaciye rikwiragira kuri Instagram na TikTok mu Butaliyano, rikurikiwe na hashtag #10secondi.

Ahavuye isanamu, TIKTOK
Abataliyano barashize ama video ku mbuga hwaniro aho baba bariko barara muri Camera mu gacerere akora ku bihimba vyabo vy'irondoka amasegonda10.
Izo video zifise insiguro yo kwerekana ingene amasegonda 10 ashobora uba menshi.
Iya mbere yashizweko n'umukini wa cinema Chiara Ferragni, azwi cane ku mbuga hwaniro mu Butaliyano, aho akurikiranwa n'abantu imiliyoni 29.4 kuri Instagram.
Uwundi rurangiranwa ku mbuga hwaniro, Francesco Cicconetti yanditse kuri TikTok:"Ni nde afata ingingo ko isegonda cumi atari nyinshi? Ni nde aharura iyo misegonda mu gihe bariko baragukubagura?"
"Abagabo nta burenganzira bafise bwo gukora ku mubiri w'abagore, n'aho yoba ari isegonda imwe gusa, ube rero uraretse itanu canke cumi".
Cicconetti yongerako ko ingingo y'abacamanza yo kugira umwere uwo mukozi yerekana ingene gukubagurwa bifatwa nk'ibisanzwe mu Butaliyano.
Ku rubuga rwa Instagram rwa Freeda, ushobora gusoma:"Uru rubanza ntirubaho. Umwanya wo gukubagurwa ntukwiye kugabanya uburemere bw'icaha".
Ariko abacamanza bavuga ko uwo muzamu ata mwanya munini yamaze abikora. Yakorakoye uwo mwigeme akanya gato, abikora "atabigambiriye kandi atabishashaye".
Umunyeshura avuga iki?
Mu kinyamakuru ca Corriere della Sera, uwo munyeshure yagize ati:"Abacamanza bafashe ko nariko ndafyina?Kuri jewe, ntivyari ibintu bisekeje".
"Uwo muzamu yaranyegereye ata jambo na rimwe avuze. Ashira intoke ziwe mw'ipataro yanje no mw'ikareso.
"Yarakorakose igisusu canje. Hanyuma yaranteruye, arankomeretsa ku gitsina. Kuri jewe, ntivyari ibintu vyo gufyina. Si uko umutama 'atebura' n'umwana.
"Ayo masegonda make yabaye menshi cane mu kwumva intoke ziwe ku mubiri wanje. "
Yavuze ko yumva ko yahemukiwe kabiri: ishure ryiwe hamwe n'ubutungane.
"Ntanguye kwibaza ko nakoze amakosa mu kwizera ubutungane. Nta butabera burimwo."
Uwo munyeshure afise ubwoba ko iyo ngingo ya sentare ishobora gutuma abakobwa n'abagore badashengeza ababahohoteye mu gihe bibashikiye.
Ibiharuro vy'ikigo kijejwe uburenganzira bw'ibanze mw'ishirahamwe ry
Ubumbwe bwa Buraya, EU, vyerekana ko 70% vy'abataliyano bahohotewe hagati ya 2016 na 2021 batituye ubutungane.










