Mbappe yaciye umuhigo mu gutsinda ibitego vyinshi muri PSG

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Sam Drury
- Igikorwa, BBC Sport
Kylian Mbappe yinjije igitego ca 201, aca umuhigo w'umugwi Paris St-Germain wahorana Ednson Cavani, mu rukino batsinzemwo Nantes ibitego 4-2.
Ico gitego cinjiye ku munota wa 92 akoresheje ukuguru kw'ibubamfu, aca aja imbere ya Edinson Cavani mu gutsindira PSG ibitego vyinshi.
Uwo mukinyi w'imbere w'Ubufaransa, yashikanye imyaka 24 mu kwezi kwa 12, aramaze kwigaragaza nk'igihangange mu mupira w'amaguru.
Amaze gukina inkino za nyuma z'igikombe c'isi incuro zibiri, atwara igikombe mu 2018 hanyuma aronka agahembo umukinyi yinjije ibitego vyinshi muri iryo higanwa (Golden boot) mu 2022.
Mbappe yatwaye kandi igikombe c'ibihugu vya Buraya mu 2021 akinira igihugu ciwe c'Ubufaransa, yaratsinze ibitego bitatu mu rukino rwa nyuma rw'igikombe c'isi mu kwezi kwa cumi na kabiri 2022, bakina na Argentine, aho Ubufaransa bwatsindiwe ku mapenalite, inyuma yo kunganya 3-3.
Kuva agiye muri PSG avuye muri Monaco mu 2017, aguzwe amahera menshi ku myaka yari afise, Mbappe amaze gutwara ibikombe bine vy'ihiganwa ryo mu Bufaransa (Ligue1), kandi akaba yagiye araba uwa mbere mu bitsindo vyinshi muri iyo myaka yose.
Muri uyu mwaka, uwo musore afise ibitego 30, akaba amaze gutanga imipira ivamwo ibitego incuro umunani, hose hamwe akaba amaze gutanga imipira ivamwo ibitego incuro 85 mu nkino z'uwo mugwi 247.
PSG iri ku kibuga cayo ca Parc des Princes ni yo yatanguye gutsinda ibitego 2-0 bwa Nantes, Lionel Messi akaba ari we yatsinze igitego ca mbere, imbere y'uko Jaouen Hadjam yiyinjiza.
Imbere y'uko igice ca mbere kirangira, Nantes yisubiyeko iragombora ivyo bitego vyose ifashijwe n'abakinyi bayo Ludovic Blas na Ignatius Ganago.
Mu nyuma Mbappe yahereje umupira Danilo Pereira wavuyemwo igitego ca gatatu imbere y'uko yinjiza igitego ca kane mu mpera z'urukino.










